Ubwiza Buhambaye Kuruta bw’Ingoro ya Yehova
“Nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni [ko Yehova, “NW”] Nyen’ingabo agize.”HAGAYI 2:7.
1. Impwemu yera ifatanye gute n’ukwizera hamwe n’ibikorwa?
IGIHE umwe mu Vyabona vya Yehova yariko arakwiririza inzu ku nzu, yarahwanye n’umupfasoni w’Umupantekote yamubwiye, ati ‘Twebwe turafise mpwemu yera, mugabo igikorwa akaba ari mwe mugikora.’ Ku bugenge, uno yarasiguriwe yuko uwufise impwemu yera aheza akavyurirwa gukora igikorwa c’Imana. Yakobo 2:17 havuga icese hati: “Ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye.” Bafashijwe n’impwemu ya Yehova, Ivyabona vyiwe baratsimbataje ukwizera gukomeye, na we ‘yarujuje ingoro yiwe ubwiza’ mu kubashinga gukora ibikorwa bitunganye—ahanini kukaba ari ‘ugukwiririza inkuru nziza y’Ubwami mw isi yose ituweko ngo kibe icabona ku mahanga yose.’ Ico gikorwa nicakorwa kugeza aho Yehova ashaka, “maz’umuhero uzoca uza.”—Matayo 24:14.
2. (a) Ugushirukira ubute igikorwa ca Yehova bizozana umuhezagiro nyabaki? (b) Ni kuki dukwiye guhimbarwa n’igisa n’ ‘ugutebagana’ ico ari co cose?
2 Muri ayo majambo ya Yezu, turumvamwo ko igikorwa cacu kino gihe gitegerezwa gushimikira ku gukwiririza ku bandi “ya nkuru nziza y’ubuninahazwa bw’Imana ihimbawe,” ubwo twashinzwe. (1 Timote 1:11, Ubwuzure Bushasha) Uko dushirukira ubute rwose ubusuku turangurira Yehova duhimbawe, ni ko umuhero uzosa n’uko uza unyaruka. Muri Habakuki 2:2, 3, dusoma aya majambo ya Yehova: “Andika ivyo weretswe, uvyandike ku bisate mu nyuguti zisomeka, kugira ng’ūbisoma anyarutse. Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.” Ni vyo, “ivyerekanywe” bizoranguka “naho vyotebagana.” Ubu turí mu mwaka ugira 83 w’ubutegetsi bw’Ubwami bwa Yezu, bamwe bokwibaza yuko ubu bwa none turi mu kiringo c’ugutebagana. Mugabo none ntidukwiye guhimbarwa kubona umuhero utaraza? Muri iyi myaka ikurikira uw’1990, intangīro zashizwe ku gukwiririza inkuru nziza zarakuweho, nko ku gitangaro, mu Buraya bwo mu Buseruko, mu mihingo ya Afirika, no mu bindi bihugu. Igisa n’ ‘ugutebagana’ kiriko kironsa akanya “intama” nyinshi zirushirije ngo zitororokanywe zikuwe muri ayo materitwari aherutse kwuguruka.—Yohana 10:16.
3. Ni kubera iki intahuro ya none dufise ku vy’ ‘iri yaruka’ ikwiye kutuvyurira ukuba ku gikorwa c’Imana tucihutira?
3 “Ntibizoteba,” ni ko nya mumenyeshakazoza yavuze. Yezu yavuze yuko iyaruka nkorakibi rya kino gihe ritorenganye “ivyo vyose bitarashika.” (Matayo 24:34) None ya ntahuro yacu ihujwe n’igihe y’ayo majambo yoba isobanura yuko umurimo wacu w’ugukwiririza utari uwihutirwa cane?a Ibirukuri vyerekana riho igihushane c’ivyo! Iyaruka turimwo ririko ridwebera mu bukozi bw’ikibi hamwe no mu bwononekare butari bwaboneke mu nkuru-kahise y’imbere y’ubu. (Gereranya n’Ivyakozwe n’intumwa 2:40.) Dukwiye kuba ku gikorwa cacu tucihutira. (2 Timoteyo 4:2) Ibimenyeshakazoza vyose vyerekeye igihe ya marushwa ahambaye azoberako biraranga yuko azoza giturumbuka, nk’aka kanya, ata wubizi—kurya kw’igisuma. (1 Ab’i Tesalonike 5:1-4; Ivyahishuriwe Yohana 3:3; 16:15) “Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Matayo 24:44) Kubera ko iri yaruka ry’ubwoko-muntu riterekwa Imana ari kabiri na rimwe rikazimanganywa, nta nkeka ntidukwiye kwipfuza guta kure icizigiro cacu kizimvye c’ubuzima bwamaho, mu gusubira “kwivurunga mu vyondo” vy’ibisamaza vy’iyi si!—2 Petero 2:22; 3:10; Luka 21:32-36.
4. Ni inyifato y’ibintu nki yasavye ko hagwizwa ‘ibifungurwa ku gihe kibereye,’ kandi iyo nkenero yǔzurijwe gute?
4 Nk’uko Yezu yari yarabimenyesheje, mu 1914 harabaye “[u]kuramukwa” aho ubwoko-muntu bwinjiriye igihe c’“isozero ry’urunkwekwe rw’ibintu.” (NW) Intuntu, ibishikiragihe vy’ubutindi, hamwe n’uburengamateka vyaragwiriranye gushika n’uyu musi. (Matayo 24:3-8, 12) Ubwo nyene, rya sangane ryasīzwe ry’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge Yehova yararitumye ibanga ry’ugutanga ‘imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe kibereye,’ ngo rigaburire abo mu nzu kwa Shebuja, Kirisitu. (Matayo 24:45-47) Arí ku ntebe-bwami yiwe yo mw ijuru, uwo Mwami wa kimesiya ubu ariko ararongōra iporogarama y’igitangaza y’ukugabura ibifungurwa vy’impwemu mw isi iyo iva ikagera.
‘Ibifungurwa’ Umukimba
5. ‘Igifungurwa’ nyamukuru kiriko citwararikwa gute?
5 Rimbura itegurwa ry’ ‘ibifungurwa.’ (Luka 12:42) Igifungurwa ngenderwako kiri ku rutonde rw’ivyo Abakirisu bafungura ni Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Kugira Bibiliya yigishwe bimwe vya kirumara, impibanuro isomeka, itarimwo amakosa, ni inkenero ya mbere na mbere. Mu myaka n’iyindi, iyo nkenero yaragiye iruzurizwa, canecane guhera mu 1950 aho impibanuro Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo yasohorwa mu Congereza. Mu 1961, impibanuro Traduction du monde nouveau ya Bibiliya nzima (mu Congereza) yarabonetse, mu nyuma insohore ziraseruka mu zindi ndimi nkurunkuru. Amavolime 3 yasohowe mu mwaka w’ubusuku w’1996 atanga igitigiri cose hamwe ca 27, muri ayo 14 akaba ari ay’Amabibiliya akwiyekwiye. Kugira hakorwe ico gikorwa co kuri Bibiliya no ku bifasha vyayo, Abakirisu nk’1 174 biyeguye ubu barakora igihe cose ku vy’ubuhibanuzi mu bihugu 77.
6. Ishirahamwe ryashikije gute ikenerwa ry’ibisohokayandikiro vya Bibiliya?
6 Mu gufata mu mugongo igikorwa c’izo nteko z’abahibanuzi, amashami ncapuravyandikano 24 y’Ishirahamwe Watch Tower ahoze ahingura ibisohokayandikiro umukimba urushirije bitari bwabeho. Kugira ivyo bishoboke, ayandi mandikiro y’imvuguvugu anyarutsa cane aguma abandanya gushingwa mu mashami makurumakuru. Umwimburo w’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Amkeni! warongerekanye ukwezi ku kundi, urashikira igitigiri c’impoperane c’imyabu 943 892 500, rikaba iyongerekana rya 13,4 kw ijana muri uyo mwaka. Umwimburo wose hamwe w’Amabibiliya n’ibitabu vy’igifukisho kigumye, muri Reta Zunze Ubumwe, Berezili, Finlande, Koreya, Mekizike, Ubudagi, Ubutaliyano n’Ubuyapani honyene, wongerekanyeko 40 kw ijana guhera mu 1995, ugera ku myabu 76 760 098 mu 1996. Ayandi mashami na yo nyene yaraterereye bimwe biboneka kw iyongerekana ryose rifatiwe hamwe.
7. Yesaya 54:2 ubu hasaba gute ukwihuta kurushirije?
7 Iyongerekana ryinshi ryategerejwe kuba mu myaka y’1990 aho hakuriweho intangīro zari ku Vyabona vya Yehova mu Buraya bw’Ubuseruko no muri Afirika. Ugusonza ivy’impwemu ni kunini muri ivyo bibanza. Ni co gituma iri hamagara ryasiriza n’ubwihutirwe bunini gusumba: “Tāzānura ikibanza c’ihema ryawe, ni bāgure amahema y’ah’uba; ntugarukize hafi; wungure imigozi yaryo, ushimangire imambo zaryo.”—Yesaya 54:2.
8. Ni ukwitaba kutitangiriye itama ukuhe kuriko kurafasha kuzana inshigikiro yo mu vy’amahera?
8 Gutyo, vyabaye ngombwa ngo hāgurwe inyubakwa muri menshi mu mashami 104 y’Ishirahamwe. Kubera ivy’ubutunzi vyifashe nabi mu materitwari yugurutse vuba, igihimba kinini c’amahera asohorwa kugira hagirwe iryo yagurwa ariko arihwa n’intererano zitangwa ku gikorwa co mw isi yose zivá mu bihugu vyifise. Tugahirwa, amakorane hamwe n’abantu umwumwe ukwiwe baritavye n’umutima wabo wose, bitabana ka gatima ko muri Kuvayo 35:21, ahavuga ngo: “Baraza, umuntu wese asunitswe n’umutima wiwe, n’umuntu wese atanze ibivuye ku mutima, bazana amashikanwa bashikanira Uhoraho.” Tuboneyeho akaryo k’ugukengurukira abo bose bǎterereye umuganda muri ukwo gutanga batitangiriye itama.—2 Ab’i Korinto 9:11.
9. Mu Baroma 10:13, 18 haranguka gute muri iki gihe?
9 Mu 1996, ibisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower si ivy’imbeshere vyaraninahaje izina rya Yehova n’intēgo ziwe gushika ku mpera z’isi. Biri nyene nk’uko intumwa Paulo yabimenyesheje. Yasubiyemwo ikimenyeshakazoza ca Yoweli hamwe na Zaburi ya 19, yandika ati: “Umuntu wese azokwambaza izina ry[a Yehova, NW] azokizwa. Ariko ndabaza: Mbega ntibumvise? Ego, bārumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose, bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi.” (Abaroma 10:13, 18) Muri ukwo guhayagiza rya zina ry’agaciro Yehova, igisata ciwe bararanguye uruhara ruhambaye mu vy’ukwuzuza ubwiza ingoro yiwe y’ugusengeramwo. Mugabo none iryo yamamaza ryasagamvye ku rugero ki na canecane mu mwaka w’1996? Tugusavye urabe ku gicapo co ku rupapuro 28 gushika 31.
Ukwimbura mw Isi Yose
10. Ni ibintu biki vyibonekeza wewe ubona mu gikenurwa c’igisata ca Yehova, nk’uko bipfunyapfunywe mu gicapo co ku rupapuro 28 gushika 31?
10 Amajambo Yezu yavuze muri Luka 10:2 nta ho yari bwigere agira inguvu nini kuruta ubu, ari yo y’aya: “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake: nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa, arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.” Woba uriko witaba iryo hamagarwa? Amamiliyoni hirya no hino kw isi bariko baritaba. Ivyo birerekanwa n’igitigiri-gaheta gishasha c’abamamaji b’Ubwami 5 413 769 bǎshikirije raporo y’ubusuku bwo mu ndimiro mu 1996. Si ivyo gusa, abavukanyi n’abavukanyikazi bashasha 366 579 barabatijwe. Ese ukuntu dukunda cane ivyo ‘bintu vy’igiciro vyo mu mahanga yose,’ bakaba ubu bajamwo mu vy’ ‘ukwuzuza ubwiza ingoro ya Yehova y’ugusengeramwo’!—Hagayi 2:7.
11. Ni kubera iki twese dufise impamvu y’ukurengērwa n’umunezero?
11 Amaraporo y’iyagurwa mu ndimiro ziherutse kwugururwa ni agatangaza ntiworaba. Abandi bo muri twebwe none boba banohokera abariko bagira iryo yongerekana ubu? Ahubwo riho tunezeranwa na bo. Ibihugu vyose intango vyagize zari ntonto. Zakariya umumenyeshakazoza wo mu gihe ca Hagayi, yanditse ibi: “Mbega har’uwogaya ibikir’umugero ku musi w’intangamarāra?” (Zekariya 4:10) Turarengerwa n’umunezero kubona mu bihugu aho igikorwa c’ugushinga icabona casasagaye neza ubu hári amamiliyoni y’abamamaji b’Ubwami n’iteritwari ikaba iheturwa kenshi, eka mbere buri mushamvu mu bisagara bitari bike. Twoba dufise impamvu y’ugupfunya amaboko kandi Yehova ariko aronsa akaryo k’ukurokoka uturere twari twahoze dutangīriwe? Sigaho ntu! Yezu yavuze, ati “Indimiro n’isi.” (Matayo 13:38) Icabona kinogangije gitegerezwa kubandanya gushingwa, nk’uko nyene ba bayoboke ba mbere batanze icabona kinogangije kw isozero ry’urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda.—Ivyakozwe n’intumwa 2:40; 10:42; 20:24; 28:23.
Twame Twunguruza Tuja Imbere
12. Ni agasuniko nyabaki dufise k’ukwunguruza ‘tugenda tubanze’? (Raba kandi uruzitiro, “Ukwimbura ‘Ibivuye ku Mpera y’Isi.’ ”)
12 Egome, dutegerezwa kuguma dutera intambwe, twunguruza ‘tugenda tubanze’ na wa mukogote w’abamarayika wo mw ijuru wa Yehova. (Ezekiyeli 1:12) Mu muzirikanyi turafise ya majambo ya Petero ngo: ‘Yehova ntatebeje isezerano ryiwe, uko bamwe biyumvira kw aritevya. Ariko yihanganira mwebwe, ntagomba ko hagira abahona, ariko agomba ko bose bihana.’ (2 Petero 3:9) Reka umwete ntangakarorero w’abavukanyi bacu mu bihugu bikenye mu vy’ubutunzi utuvyurire ingoga. Igisa n’ugutebagana cose mu vy’ukwaduka kwa Arumagedoni kiriko gituma abashika ibihumbi amajana batororokanywa muri ivyo bihugu hamwe kandi no mu materitwari akorwamwo neza. Ntukihende: “Umusi uhambaye w[a Yehova, NW] uri hafi; uri hafi kand’urihuta.” (Zefaniya 1:14) Ku ruhande rwacu natwe dukwiye gukwakwanya mu vy’ugushinga icabona kinogangije ca nyuma!
13, 14. (a) Ni igiki gishobora kuvugwa ku vy’igabanganywa ry’ibisohokayandikiro mu 1996? (b) Ni imigambi idasanzwe iyihe amakorane ashobora gushinga buri mwaka, kandi wewe utegekanya kuyijamwo ute?
13 Naho muri ico gicapo c’ivy’ubusuku hadaserukamwo ido n’ido ry’ivyakozwe, harabayeho iyongerekana ry’akamarampaka mw igabanganya ry’Amabibiliya, ibitabu n’ibinyamakuru mu kiringo c’umwaka uheze. Nk’akarorero, ugusigwa kw’ibinyamakuru kw isi yose kwaranze iyongerekana rya 19 kw ijana, vyose hamwe hakaba hasizwe imyabu 543 667 923. Ibinyamakuru vyacu birorohereza ubukwiririji bwo mu buryo bwinshi—mu mabarabara, mu busitani, ku bituro vy’imiduga, mu turere tw’ubudandaji. Amaraporo arerekana yuko mu materitwari yakwiririjwemwo Ubwami akanengeserezwa, abantu b’abanyakazi barajorejwe n’ubwiza bw’ibinyamakuru vyacu, kandi bakaba bariko bemera inyigo za Bibiliya.
14 Buri mwaka mu kwezi kwa Ndamukiza, amakorane ubusanzwe arungunganya igikenurwa kidasanzwe c’ibinyamakuru, kikagirwamwo isekeza ry’umusi muzima ry’inzu ku nzu no mu bibanza vya benshi. Ikorane ryanyu ryoba rizojamwo muri ivyo mu kwezi kwa Ndamukiza 1997? Insohore z’agakura z’Umunara w’Inderetsi na Amkeni! zo muri Ndamukiza zarateguwe, kandi nta nkeka, ishikirizwa ryazo ry’icarimwe kw isi yose rikwiye kuzogira ico rikoze koko! Mw izinga rya Chypre, amakorane yarakoresheje bwa civugo cayo ngo “shikira uwo ari we wese umuzaniye ubutumwa bw’Ubwami,” yarakurikiye mbere buri kwezi kwose iyo ndinganizo yerekeye igikorwa c’ibinyamakuru, arashikira igitigiri-gaheta c’275 359 c’ibinyamakuru vyagabaguwe muri uyo mwaka, ni ukuvuga iyongerekana rya 54 kw ijana.
Ubutumwa bwa Nyuma bwa Hagayi
15. (a) Ni kuki Yehova yarungikanye Hagayi ubundi butumwa? (b) Ni icigwa giki ubutumwa bugira gatatu bwa Hagayi bukwiye kuduha?
15 Imisi 63 inyuma y’aho Hagayi atangiye ubutumwa bwiwe bugira kabiri, Yehova yaramurungikanye umwamamazo wundi dushobora neza gushira ku mutima kino gihe. Hagayi yavuze nka kumwe Abayuda boba bariko barasasa umushinge w’urusengero, uwo vy’ukuri bari barashashe imyaka 17 imbere yaho. Yehova yarasubiye kandi kubona ko bibereye yuko arongōra ityorora. Abaherezi hamwe n’abanyagihugu bari barahororotse, nuko baba abahumanye mu nyonga za Yehova. Vyoshoboka none ko hoba hari bamwe mu gisata ca Yehova bǎpfunye amaboko muri iki gihe, mbere bakishira mu nzira ndekeranyi kandi z’ivy’amaronko z’iyi si? Birihutirwa ko twese dushira imitima yacu ‘guhera uyu musi,’ ku kuzanira ubwiza izina rya Yehova, twishimiye uwu muhango yatanze: “Uhereye iri zuba nzobaha umugisha.”—Hagayi 2:10-19; Abaheburayo 6:11, 12.
16. Ni ‘ugutigitisha’ guki kuri hafi cane, kandi kuzovamwo iki?
16 Kuri uwo musi nyene, ijambo rya ‘Yehova Nyen’ingabo’ riza kuri Hagayi ubugira kane ari bwo bwa nyuma. Yaramenyekanishije ico ‘ugutigitisha ijuru n’isi’ kwiwe kwerekeye, mu kuvuga ati: “Nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.” (Hagayi 2:6, 21, 22) Ukwo ‘gutigitisha’ rero kuzoshikira agaheta kakwo igihe Yehova azohumanura isi n’agasya n’akarenge kuri Arumagedoni. Ico gihe “ivy’igiciro vyo mu mahanga yose” bizoba vyinjiye, ngo bigire intimatima y’ikibano c’isi nshasha. Mbega impamvu z’ukunezerwa n’uguha ishemezo Yehova!—Hagayi 2:7; Ivyahishuriwe Yohana 19:6, 7; 21:1-4.
17. Yezu yashizweho gute nk’ ‘impeta y’ukudomesha ikimenyetso’?
17 Mu gusozera ikimenyeshakazoza ciwe, Hagayi yandika ibi: “Kur’uwo musi, ni k[o Yehova, NW] Nyen’ingabo agize, nzogusobanura, ewe Zerubabeli . . . nguhindure impeta nzohora ndomesha ikimenyetso: kuko nagutoranije, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize.” (Hagayi 2:23) Yezu Kirisitu ubu ni we Mwami wa kimesiya yari yaragereranijwe wa Yehova akaba n’Umuherezi Mukuru, akaba apoperanya mw ijuru amabanga Buramatari Zerubabeli na Yosuwa Umuherezi Mukuru bǎrangura rimwerimwe ukwaryo muri Yeruzalemu yo kw isi. Nk’impeta idomeshwa ikimenyetso iri mu kiganza c’iburyo ca Yehova, Yezu ni we acika “Ego” bwa gikoresho c’Imana mu vy’ugushitsa vya vyinshi “Imana yasezeranye.” (2 Ab’i Korinto 1:20; Abanyefeso 3:10, 11; Ivyahishuriwe Yohana 19:10) Ubutumwa bwose uko bungana bw’ibimenyeshakazoza vya Bibiliya bushimikira ku ntunganyo Imana yashizeho yuko Kirisitu aba Umwami n’Umucunguzi w’umuherezi.—Yohana 18:37; 1 Petero 1:18, 19.
18. ‘Ivyo Yehova yavuze’ mu gusozera bizoranguka gute bimwe bihorosha?
18 Vy’ukuri muri kino gihe, ubwiza buhambaye birushirije aho buri busangwe ni mu rusengero rw’ivy’impwemu rwa Yehova ruca ibibatsi! Vuba na ho, Yehova niyamara gukubura urunkwekwe rwa Shetani rwose, Hagayi 2:9 hazogira irindi ranguka riteye akanyamuneza: “Aha hantu nzohazana amahoro, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize.” Amahoro azoba agiye yaboneka!—amahoro aramba yo mw ihangāre ryose, agumijwe n’ ‘impeta y’ukudomesha ikimenyetso’ ya Yehova, ni yo Kirisitu Yezu, “Umukama w’Amahoro,” uwo ivyiwe vyanditswe uku: “Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, . . . Umwete w[a Yehova, NW] Nyen’ingabo uzoshitsa ivyo.” (Yesaya 9:6, 7) Mu buhoreho bwose, ubwiza bw’ingoro ya Yehova y’ugusengeramwo buzogaragazwa mu karere kose k’amahoro gasasagayemwo ububesegaba bwiwe mw ihangāre. Turakama twibereye muri iyo ngoro!—Zaburi 27:4; 65:4; 84:10.
[Akajambo k’epfo]
a Raba “Abarokorwa Bakuwe mw ‘Iyaruka ry’Inkorakibi’ ” na “Igihe c’Ukuguma Turi Maso” mu nsohore y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Munyonyo 1995.
Woshobora Gusigura?
◻ Kino gihe, ni mu buryo ki ingoro ya Yehova ‘yuzuzwa ubwiza’?
◻ Ni kuki gukwiririza inkuru nziza bitari bwigere biba ivyihutirwa nk’ubu?
◻ Raporo y’Umwaka w’Ubusuku w’1996 idusunika gute ngo dukwiririze tuvyihutira?
◻ Ni mu buryo ki Kirisitu ariko akora nk’ ‘impeta y’ukudomesha ikimenyetso’ ya Yehova?
[Uruzitiro ku rup. 15]
Ukwimbura ‘Ibivuye ku Mpera y’Isi’
MURI Yesaya 43:6, tuhasoma iyi mbwirizo ya Yehova ngo: “Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi.” Ico canditswe kiriko kiraranguka mu buryo bwihariye muri iki gihe mu Buraya bw’Ubuseruko. Fata akarorero ku gihugu cahoze ari gikomunista ca Moldaviya. Hariho ibigwati ubu usanga nko gushika ku nusu y’abahaba ari Ivyabona. Bategerezwa kugenda ahantu harehare kugira batore iteritwari bakwiririzamwo, ariko bariko baragira ako kigoro! Abamamaji batari bake muri ayo makorane ni abakomoka ku bavyeyi bari barangarijwe muri Siberiya mu myaka y’1950. Ubu imiryango yabo iriko iraja imbere mu gikorwa c’ukwimbura. Mu bamamaji 12 565, 1 917 bǎrabatijwe uyu mwaka uheze. Amakorane 43 afise abamamaji nk’150 rimwerimwe ryose, imizunguruko na yo ikaba yarongerekanye kuva kuri ine gushika ku munani mu mwaka mushasha w’ubusuku.
Ikindi kandi c’akibonekeje, ni isagamba ryo muri Albaniya. Ngaho, Ivyabona impfumbatwa bararindiyeko intwaro z’agahotoro z’umukazo w’akataraboneka mu kiringo c’imyaka ishika nka 50. Igitigiri kinaka muri bo barishwe. Ivyo biratwibutsa wa muhango Yezu yatanga: “Ntutinye ivy’ugira ubabazwe. Eh’uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero, kugira ngo mugeragezwe, . . . Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’[ubuzima].” (Ivyahishuriwe Yohana 2:10; raba kandi Yohana 5:28, 29; 11:24, 25.) None ubu muri Albaniya tubonayo ibiki? Vy’ukuri, habera iranguka ry’umuhango Yehova yatanze dusanga muri Yesaya 60:22: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi”! Mu 1990 umwamamaji umwe ni we wenyene yatanze raporo y’ubusuku muri Alubaniya. Ariko rero, “abakozi” biyongeyeko bava mu Butaliyano no mu bindi bihugu baritavye ubu butumire bwa Yezu: “Nuko ni mugende, muhindure . . . [abantu] abigishwa, mubabatiza.” (Matayo 28:19; Luka 10:2) Mu gihe c’Icibutso c’urupfu rwa Yezu mu 1996, abamamaji 773 bari bashirutse ubute mu ndimiro, abo bakaba batororokanije abantu 6 523 ku mahwaniro yabo y’Icibutso, ni ukuvuga incuro umunani igitigiri c’abamamaji! Harashikirijwe raporo y’akajoreza y’abitaba amahwaniro mu turere twa kure. Naho ata bamamaji b’imvukira bari bahari, ibisagara vya Kukës na Divjakë uko bikurikirana vyagize igitigiri c’192 n’230 c’abacitavye. I Krujë, ahari umwamamaji umwe musa, ku Cibutso hari abantu 212. Abamamaji 30 bari i Korçë barapanze inyubakwa zo kwakira abarenga 300. Inyuma y’aho ico gitigiri kirundaniye muri nya nyubakwa, abandi 200 babwirizwa kujanwa ahandi kubera ata kibanza cari kikiriho. Vy’ukuri ni indimiro yereye iyimbura!
Raba iyi raporo iva muri Rumaniya: “Igihe twariko dukora inzu ku nzu, twarahwanye n’umuntu yavuga yuko ari uwo mu Vyabona vya Yehova kandi ngo aba mu gasagara gatoyi twari tuzi ko katagiramwo Ivyabona. Yatubwiye yuko turetse we hariho abandi 15 bari bamaze imyaka myinshi bagira amahwaniro ku Yakane no ku Yiyinga, n’uko ngo bari baratanguye gukwiririza inzu ku nzu. Bukeye bwaho twaragiye muri ico gisagara. Abagabo 15, abagore n’abana, bari baturorereye mu vyumba bibiri, baremera kwakira ibitabu 20 n’ibinyamakuru 20 vyari biherutse gusohoka. Twaraberetse ukugene inyigo za Bibiliya zirongōrwa. Twararirimbiye hamwe kandi turishura ibibazo vyabo vyihutirwa. Uwaja imbere uwo mugwi yariyemereye ati: ‘Haraciye imisi mikeyi ntakambiye Yehova ntibagura amarira kugira aturungikire umwungere, none intakambo zanje zishuwe.’ Twarahimbawe bimwe biherejeko, kandi aho tuviriyeho, nka kurya kw’impfuvyi yatevye igatora se, yavuze ati: ‘Turabasavye se ntimuze mutwibagire. Murazoze gusubira kuturaba!’ Ivyo twarabigize, ubu na ho inyigo indwi zikaba zirongōrwa muri ico gisagara. Mu materitwari atarakorwako, igikorwa kiratangura mu buryo bw’igitangaza hakoreshejwe ivyandikano vya Bibiliya, bino bikaba bishimwa cane, kandi ivyo bikaba vyerekana yuko isôko ry’ico gikorwa ari ku Mana.”
[Igicapo ku rup. 28-31]
Raporo y’Umwaks w’Ubusuku w’1996 y’Ivyabona vya Yehova kw Isi Yose
[Amafoto ku rup. 24, 25]
“Ivy’igiciro vyo mu mahanga yose” biriko biratororokanywa mu Mazinga y’Ikiyaga (1), muri Amerika y’Ubumanuko (2), Afirika (3), Aziya (4), Amerika y’Uburaruko (5), n’i Buraya (6)