ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Tuzigame amahoro n’ukudahumana vy’ishengero
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
    • 14 Yezu yarerekanye uburyo bwo gutorera umuti ingorane zikomeye zishobora kwaduka mu bakirisu. Ng’izi intambwe yerekanye: “Nimba mwene wanyu acumuye, [1] genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu. Mugabo natumviriza, [2] nuhitane wundi umwe canke babiri, kugira ikintu cose gishingwe bivuye ku ntahe ishinzwe n’ivyabona bibiri canke bitatu. Natabumviriza, [3] nubibwire ishengero. Nimba n’ishengero ataryumvirije, kuri wewe nabe nk’umunyamahanga n’umutozakori.”​—Mat. 18:15-17.

  • Tuzigame amahoro n’ukudahumana vy’ishengero
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
    • 18 Bidakunze ko ugarura mwene wanyu mu kumwereka ikosa ryiwe “hagati yawe na we mwenyene,” woshobora guca ukora nk’uko Yezu yabivuze, “[ugahitana] wundi umwe canke babiri,” ugasubira kuvugana na we. Abo mujana na bo nyene bakwiye kuba bafise intumbero yo kugarura mwene wanyu. Vyoba vyiza babaye ari abiboneye ico kibi yagirizwa, mugabo nimba ata bahari, woshobora guhitamwo umuntu umwe canke babiri kugira baze bashingire intahe ivyo mwaganiriye. Bashobora kuba bamenyereye mwene izo ngorane kandi bakaba bashoboye kubona nimba ivyabaye ari ikosa vy’ukuri. Bishitse abo bantu bakaba ari abakurambere, ntibaba baserukiye ishengero kubera ko inama y’abakurambere itaba ari yo yabasavye gukora ico gikorwa.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika