ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ese twese twoba umwe nk’uko Yehova na Yezu bunze ubumwe
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2018 | Ruheshi
    • URUKUNDO NO KWICISHA BUGUFI BIRATSINDA UKWINUBANA

      8. Ni ikintu gihambaye ikihe ubumwe bwa gikirisu bushingiyeko? Sigura.

      8 Yezu yarigishije abayoboke biwe ikintu gihambaye ubumwe bwacu bushingiyeko. Yavuze ati: “Mwebwe mwese muri abavukana.” (Soma Matayo 23:8, 9.) Ubwa mbere turi “abavukana” kuko twese twakomotse kuri Adamu. (Ivyak. 17:26) Ariko rero hariho n’iyindi mpamvu. Yezu yavuze ko abigishwa biwe bari abavukana kubera bemera ko Yehova ari Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru. (Mat. 12:50) Vyongeye, baracitse umuryango munini wo mu vy’impwemu, wunze ubumwe biciye ku rukundo n’ukwizera. Ni co gituma mu makete intumwa zandikiye abigishwa bagenzi babo zabita ngo “bene wacu” canke ngo “abavukanyi.”​—Rom. 1:13; 1 Pet. 2:17; 1 Yoh. 3:13.a

  • Ese twese twoba umwe nk’uko Yehova na Yezu bunze ubumwe
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2018 | Ruheshi
    • a Ijambo “abavukanyi” ryerekeza ku bagize ishengero bose ushizemwo n’ab’igitsina-gore. Paulo yandikiye ikete ryiwe “abavukanyi” b’i Roma. Aho harimwo abagore, abatari bake akaba yarabavuze amazina. (Rom. 16:3, 6, 12) Umunara w’Inderetsi uramaze igihe kinini werekana ko abo dusangiye ukwemera ari ‘abavukanyi na bashiki bacu.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika