ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ni bande bariko baramamaza inkuru nziza?
    Umunara w’Inderetsi—2011 | 1 Ntwarante
    • Ni bande bariko baramamaza inkuru nziza?

      “ . . . izokwamamazwa mw’isi yose.”​—MATAYO 24:14.

      IVYABONA VYA YEHOVA ni bo bariko baramamaza inkuru nziza kw’isi yose. Bayamamaza mu buryo butandukanye. Uburyo bumwe bakoresha ni . . .

      Mu kuyivuga. Nka kumwe kwa Yezu n’abigishwa biwe, Ivyabona vya Yehova barashira abantu inkuru nziza. (Luka 8:1; 10:1) Ntibitega ko abantu baba ari bo babasanga aho bari. Ivyabona vya Yehova bose uko barenga imiliyoni indwi barabwira abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Baramamaza bava ku nzu baja ku yindi, ku mabarabara, bakoresheje telefone canke ubundi buryo. Mu mwaka uheze, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha arenga umuliyaridi n’inusu bari muri ico gikorwa.

      Ntibigisha abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana gusa, ariko kandi barabigisha ‘ibintu vyose [Yezu] yategetse.’ (Matayo 28:20) Barayobora badahorereza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zirenga imiliyoni umunani ku buntu.

      Ivyabona vya Yehova baramamaza kw’isi yose mu bihugu 236. Babwira inkuru nziza abantu bo mu mice yose y’ubuzima. Baramamaza mu gihugu hagati no mu bisagara, mu bibira vya Amazone no mw’ishamba ryo muri Siberiya, mu bugaragwa bwo muri Afirika no mu Misozi ya Himalaya. Ntibahemberwa ico gikorwa bakora; bakoresha uburyo bwabo bwite bagakoresha n’umwanya wabo bwite, ivyo bakabigira kubera ko bakunda Imana na bagenzi babo. Baramenyekanisha kandi inkuru nziza . . .

      Biciye ku bitabu. Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova, ubu kiracapurwa mu ndimi 185 kandi harakwiragizwa amakopi arenga imiliyoni 42 y’inomero imwimwe yose yaco. Ikinyamakuru kigenzi caco citwa Be maso!, na co nyene kikaba gitangaza ubwo Bwami, kiracapurwa mu ndimi 83 kandi harakwiragizwa amakopi nk’imiliyoni 40 y’inomero imwimwe yose yaco.

      Ibitabu, udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza, utudisiki twa CD canke MP3 be n’utwa DVD bisigura inyigisho zo muri Bibiliya, biraboneka mu ndimi nka 540. Mu myaka cumi gusa iheze, Ivyabona vya Yehova baratunganije bongera barakwiragiza imiliyaridi zirenga 20 z’ivyo bikoresho, tugize incahagati umwe wese mu bantu baba kw’isi akaba yaronse bitatu!

      Ivyabona vya Yehova kandi baracapuye bo ubwabo canke baracapurisha amabibiliya atandukanye. Bibiliya y’isi nshasha, iyishirwa mu zindi ndimi, igacapurwa kandi igakwiragizwa n’Ivyabona vya Yehova, ubu iraboneka mu ndimi 96 ari yose canke igice cayo. Amakopi arenga imiliyoni 166 y’iyo Bibiliya yarakwiragijwe. Ivyabona vya Yehova kandi barabwira abandi inkuru nziza y’Ubwami . . .

      Biciye ku makoraniro ya gikirisu. Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova abera mu Ngoro z’Ubwami zabo ku ndwi ku ndwi, si ibirori bijanye no gusenga ahubwo agenewe gutanga inyigisho. Harashikirizwa insiguro zishingiye kuri Bibiliya, kandi bariga Bibiliya bakoresheje ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi hamwe n’ibindi bitabu. Kuri ayo makoraniro, Ivyabona vya Yehova bariga n’ingene borushiriza kuba kirumara mu kwamamaza inkuru nziza.

      Ivyabona vya Yehova biga bimwe mu mashengero yabo arenga 107.000 ari hirya no hino kw’isi, ivyo bigatuma baguma bunze ubumwe. Umuntu uwo ari we wese arashobora kwitaba ayo makoraniro. Nta mahera yigera atozwa. Ariko ntiwumve, ivyo vyose nta co vyoba bimaze mu gihe Ivyabona vya Yehova batobaho bahuza n’ubutumwa bamamaza. Ku bw’ivyo, baragerageza kurata inkuru nziza . . .

      Biciye ku karorero batanga. Barihatira kuba intangakarorero mu kwigenza rukirisu, bagakora uko bashoboye kwose kugira bafate abandi nk’uko bipfuza ko na bo babafata. (Matayo 7:12) Naho badatunganye kandi bikaba bishika bagatsitara, baripfuza vy’ukuri kugaragariza abandi urukundo, atari gusa mu kubabwira inkuru nziza, ariko kandi no mu kubaserukako igihe cose bishoboka.

      Ivyabona vya Yehova ntibagerageza kwinjiza isi yose mw’idini ryabo biciye ku vyo bamamaza. Ahubwo riho, ico gikorwa nicamara kurangurwa ku rugero Yehova abona ko ruhagije, iherezo rizoca riza nk’uko Yezu yabivuze. None ivyo bizogira ico bikoze gute kw’isi no ku baba kuri yo?

      [Ifoto ku rup. 7]

      Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza inkuru nziza kw’isi yose

  • “Iherezo” ni iki?
    Umunara w’Inderetsi—2011 | 1 Ntwarante
    • “Iherezo” ni iki?

      “. . . maze iherezo rizoca riza.”​—MATAYO 24:14.

      HAMA hariko haravugwa ibijanye n’umuhero w’isi. Ibitabu, amasenema n’ibinyamakuru, guhera ku bitwenza gushika ku bivuga ibijanye na siyansi, biravuga ivyerekeye ivyago bitandukanye bizoba ku musi w’umuhero. Muri ivyo vyago harimwo uguhona biturutse ku ntambara ikoreshwamwo ibirwanisho ruhonyanganda, ugusekana kw’ibisyo, imigera itema igatongora, ihinduka ry’ikirere ry’akananirabahinga canke ibitero biturutse mu bindi birere.

      Amadini na yo nyene abona ico kibazo mu buryo butandukanye. Benshi bigisha ko umuhero canke “iherezo” uzoherengeteza ibifise ubuzima vyose biri kw’isi. Mu kugira ico avuze kuri Matayo 24:14, umunyatewolojiya umwe yanditse aya majambo ateye ubwoba agira ati: “Uwu murongo ni umwe mu mirongo ihambaye kuruta iyindi mw’Ijambo ry’Imana ryose . . . Iyaruka ryacu rirashobora kuzoshikirwa n’agatikizo kazoherengeteza vyose, kakaba ari agatikizo gakomeye ku buryo ari bake muri twebwe bagerageza kwiyumvira ico kintu giteye ubwoba.”

      Umuntu yiyumviriye muri ubwo buryo aba yirengagije iki kintu gihambaye: Yehova Imana ‘yarashimangiye’ isi; ‘ntiyayiremeye ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’ (Yesaya 45:18) Igihe rero Yezu yavuga “iherezo”, ntiyashaka kuvuga ko isi yosanganguwe; eka kandi ntiyashaka kuvuga ko abantu bose boherengetejwe. Yashaka kuvuga ko ababisha, ni ukuvuga abo bose banka n’akagagazo n’akantu kubaho bahuza n’ubuyobozi buranga urukundo Yehova atanga, bazosangangurwa.

      Rimbura aka karorero. Dufate ko ufise inzu nziza cane maze ukemera ko abantu kanaka bayibamwo ku buntu. Bamwe mu bayibamwo babana mu mahoro kandi barabungabunga iyo nzu. Ariko abandi nta kindi bakora atari ugutera ingorane, bakarwana, bakongera bakagirira nabi abo bantu beza bayibamwo. Baronona ivyawe kandi naho ukora uko ushoboye kugira ngo ubabuze, ntibashaka guheba iyo nyifato.

      None wokora iki kugira utunganye ico kibazo? Mbega woca usambura iyo nzu? Uko biri kwose si ukwo wogira. Woshobora guca wirukana abo bantu babi bayibamwo maze ugasanura ivyononywe.

      Na Yehova azokora ikintu nk’ico nyene. Yahumekeye umwanditsi w’amazaburi kwandika ati: “Inkozi z’ikibi zizorandurwa, ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi. Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:9-11.

      N’intumwa Petero yaravuze ibijanye n’ico kintu. Ahumekewe n’Imana, yanditse ati: “Kuva kera hariho amajuru n’isi ihagaze itsindagiye, hejuru y’amazi, no hagati mu mazi, biciye kw’ijambo ry’Imana; kandi biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure.” (2 Petero 3:5, 6) Aha iyo ntumwa iriko ivuga rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa. Isi igizwe n’abantu batibanga Imana yaratikijwe, ariko isi-butaka ntiyatikijwe. Iryo Segenya ryabaye kw’isi yose ryashiriyeho “abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza.”​—2 Petero 2:6.

      Petero yongeyeko ati: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro.” Tugarukirije aho, twosanga dutahuye ibitari vyo. Ariko urabona ko uwo murongo ubandanya uvuga ngo: “N’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” Ntihazotikizwa isi, ahubwo hazotikizwa abantu batibanga Imana. Ni ibiki none bizokurikira? Petero yanditse ati: “Nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha [ni ukuvuga Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya] n’isi nshasha [ni ukuvuga ikibano c’abantu bagororotse], kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.”​—2 Petero 3:7, 13.

      Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana kandi ko “iherezo” riri hafi. Soma Matayo 24:3-14 na 2 Timoteyo 3:1-5 kugira ubone ivyerekana ko ari ukwo biri.a

      Woba ubona umengo ntivyumvikana kubona hari abantu benshi badatahura ibivugwa muri Matayo 24:14, umurongo n’umwana ari umwana ashobora gutahura? Hariho ikibituma. Shetani yarahumye imizirikanyi y’abantu ngo ntibatahure ukuri kw’agaciro dusanga mw’Ijambo ry’Imana. (2 Abakorinto 4:4) Vyongeye, Imana yarahishije imigambi yayo abibona, ariko iyihishurira abicisha bugufi. Ku bijanye n’ivyo, Yezu yavuze ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya.” (Matayo 11:25) Mbega ukuntu ari agateka kuba muri abo bicisha bugufi batahura ico Ubwami bw’Imana busobanura vy’ukuri kandi bashobora kwitegana igishika imihezagiro buzozanira abo bose babushigikira!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika