-
‘Ivyo Bintu Ntibizobura Gushika’Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Rusama
-
-
Ab’Ico Gihe Boshikiwe n’Amarushwa Ahambaye
11. Yezu yavuze iki ku vyerekeye ‘iri yaruka’?
11 Abayuda benshi biyumvira ko ugusenga kwabo kwari gushingiye ku rusengero kwobandanije ibihe bidahera. Ariko Yezu yavuze ati: “Ni mwigire ku musukoni . . . ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatāsi kari hafi. Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi. Ndababgire ukuri: [“Iri yaruka,” “NW”] nti[ri]zorangira, ivyo vyose bitarashika. Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.”—Matayo 24:32-35, ni twe duhiritse izo ndome.
12, 13. Abigishwa boba bategereye gute ivyo Yezu yavuze ku vyerekeye ‘iri yaruka’?
12 Mu myaka yari yegereje uwa 66 G.C., Abakirisu bobaye barabonye iranguka ry’ibice vyinshi vy’intangamarara vy’ico kimenyetso kigizwe na vyinshi, ni ukuvuga intambara, amapfa, eka mbere n’ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kugera kure. (Ivyakozwe 11:28; Ab’i Kolosayi 1:23) None ni ryari umuhero woje? Yezu yashatse kuvuga iki igihe yavuga ati: ‘Iri yaruka [mu Kigiriki, ge·ne·aʹ [soma yeneya]) ntirizorangira’? Yezu kenshi mu masinzi y’abamurwanya b’Abayuda bo mu gihe ciwe, harimwo n’indongozi z’ivy’idini bo mu gihe ciwe, yabise ‘iyaruka ribi, ry’ubumaka.’ (Matayo 11:16; 12:39, 45; 16:4; 17:17; 23:36) Urumva rero ko igihe yasubira kuvuga ivy’ ‘iryo yaruka’ bari ku Musozi wa Elayono, biboneka ko atashaka kuvuga ubwoko bwose uko bungana bw’Abayuda babayeho kera; eka mbere ntiyashatse kuvuga abayoboke biwe, naho nyene bari “ubgoko bgātoranijwe.” (1 Petero 2:9) Eka kandi Yezu ntiyariko aravuga ko ‘iryo yaruka’ ari ikiringo c’igihe.
13 Ahubwo, Yezu yariko yiyumvira ba Bayuda bamurwanya b’ico gihe bokwiboneye iranguka ry’ikimenyetso yari yaratanze. Ku vyerekeye icanditswe cerekeza kuri ‘iryo yaruka’ muri Luka 21:32, Porofeseri Joel B. Green avuga ati: “Mu Njili ya Gatatu, ‘iri yaruka’ (hamwe n’imvugo zijanye na yo) ryamye risobanura umugwi w’abantu urwanya umugambi w’Imana. . . . [Ryerekeza] ku bantu b’intagondwa batera ibitugu umugambi w’Imana.”b
14. Iryo ‘yaruka’ ryiboneye iki, ariko ivyashikiye Abakirisu vyari bitandukanye gute n’ivyarishikiye?
14 Rya yaruka ribi ry’abarwanya Yezu b’Abayuda bari gushobora kubona iranguka rya nya kimenyetso, bokwiboneye kandi iryo herezo. (Matayo 24:6, 13, 14) Kandi koko ivyo baravyiboneye! Muri 70 G.C., inteko z’Abaroma zaragarutse, zirongowe na Titus, mwene Vespasien Umwami w’abami. Ubucumukure Abayuda bafashwe impatanwe muri ico gisagara bagize, burarengeye ivyiyumviro.c Flavius Josèphe we yavyiboneye avuga yuko igihe Abaroma basenyura ico gisagara Abayuda bababa 1 100 000 bari bahasize agatwe, abandi nk’100 000 batwarwa inyagano, benshi muri bo bidatevye batikizwa n’inzara canke batikirira mu bibuga vy’inkino vy’Abaroma. Mu vy’ukuri, amarushwa yo muri 66 gushika muri 70 G.C. ni yo yari ahambaye cane kuruta ayo Yeruzalemu hamwe n’isi y’Abayuda vyari vyarigeze kubona yose canke ayo vyokwigeze bisubira kubona. Ese ukuntu ivyabashikiye vyari bitandukanye n’ivyashikiye Abakirisu bari bumviye imburizi y’ubuhanuzi Yezu yatanze kandi bagahunga Yeruzalemu inyuma y’aho ingabo z’Abaroma zigiriye mu 66 G.C.! “Abatoranijwe” b’Abakirisu basizwe ‘bararokotse,’ ari kwo kuguma ata nkomanzi, mu 70 G.C.—Matayo 24:16, 22.
-
-
‘Ivyo Bintu Ntibizobura Gushika’Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Rusama
-
-
b Incabwenge y’Umwongereza G. R. Beasly-Murray avuga ati: “Imvugo ngo ‘iri yaruka’ ntiyari ikwiye gutera ingorane abasobanuzi. Naho vyemerwa ko genea mu Kigiriki ca kera ryasobanura ivuka, uruvyaro, gutyo rero rigasobanura ubwoko, . . . muri [ya mpinduro y’Ikigiriki yitwa la Septante] akenshi ryakoreshejwe rihindura ijambo ry’Igiheburayo dôr, risobanura ikiringo c’ukubaho, ikiringo c’ukubaho c’abantu, canke iyaruka mu buryo bw’ab’urunganwe yitirirwa. . . . Mu majambo bivugwa ko yavuzwe na Yezu iryo jambo riboneka ko rifise insobanuro zibiri: ku ruhande rumwe ryama risobanura abo mu runganwe rwiwe, na ho ku rundi ruhande rikama ririmwo ukunegura gukikiriza.”
-