-
“Ubwami bwawe nibuze”Ubwami bw’Imana buraganza!
-
-
15, 16. Amajambo ngo “iri yaruka” yerekeza kuri bande?
15 None Ubwami bw’Imana buzoza ryari? Yezu ntiyahishuye igihe nyezina bwoziye. (Mat. 24:36) Mugabo yaravuze koko ikintu gikwiye kutwereka ko buri hafi cane. Yarerekanye ko ubwo Bwami bwoje “iri yaruka” rimaze kwibonera iranguka ry’ico kimenyetso cavuzwe mu buhanuzi. (Soma Matayo 24:32-34.) Amajambo ngo “iri yaruka” yerekeza kuri bande? Reka dusuzume neza ayo majambo ya Yezu.
16 “Iri yaruka.” Yezu yoba yashaka kuvuga abatizera? Oya. Zirikana abo yariko arabwira. Ubwo buhanuzi yabubwiye intumwa nkeyi zari ‘zamwegereye ziherereye.’ (Mat. 24:3) Vuba izo ntumwa zorobanujwe impwemu nyeranda. Zirikana kandi ivyo yariko aravuga. Imbere y’uko Yezu avuga ngo “iri yaruka,” yavuze ati: “Nimufatire rero ku kigereranyo c’igiti c’umusukoni, muhigire iki kintu: Iyo ishami ryaco rikiri rito rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya yuko ici riri hafi. Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku miryango.” Abayoboke ba Yezu barobanuwe ni bo bobonye ibintu yavuze bagatahura n’insobanuro yavyo, yuko Yezu “ari hafi ku miryango.” Ntivyobonywe kandi ngo bitahurwe n’abatizera. Igihe rero Yezu yavuga ngo “iri yaruka,” yashaka kuvuga abayoboke biwe barobanuwe.
17. Ijambo “iyaruka” be n’amajambo “ivyo vyose” asobanura iki?
17 ‘Ntirizogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye.’ Ayo majambo azoranguka gute? Kugira twishure ico kibazo, turakeneye kumenya ibintu bibiri: (1) insobanuro y’ijambo “iyaruka,” (2) insobanuro y’aya majambo ngo “ivyo vyose.” Ijambo “iyaruka” akenshi ryerekeza ku bantu b’imyaka itandukanye ariko ibiringo vyabo vy’ukubaho vyinjiranamwo mu kiringo kinaka. Iyaruka si rirerire birenze kandi rirashika aho rihera. (Kuv. 1:6) Amajambo ngo “ivyo vyose” yerekeza ku bintu vyose vyari vyaravuzwe vyobaye mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu, kuva gutanguye mu 1914 gushika ku gihe cakwo c’agaheta kuri ya “makuba akomeye.”—Mat. 24:21.
18, 19. Twotahura gute amajambo ya Yezu ngo “iri yaruka,” kandi twoshika ku ciyumviro ikihe?
18 None twotahura gute amajambo ya Yezu ngo “iri yaruka”? Iryo yaruka rigizwe n’imigwi ibiri y’abarobanuwe yinjiranamwo: uwa mbere ugizwe n’abarobanuwe babonye intango y’iranguka rya ca kimenyetso mu 1914, uwa kabiri na wo ugizwe n’abarobanuwe bafise ikiringo kinaka c’ukubaho bahuriyeko n’abo muri uwo mugwi wa mbere. N’imiburiburi bamwe muri uwo mugwi ugira kabiri bazoba bakiriho ya makuba yimirije niyatangura. Iyo migwi uko ari ibiri igize iyaruka rimwe kubera ko ibiringo vyabo vy’ukubaho ari abakirisu barobanuwe vyinjiranamwo mu gihe kinaka.c
19 None twoshika ku ciyumviro ikihe? Turazi ko ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu mu bubasha bw’Ubwami cibonekeza neza kw’isi yose. N’ikindi kandi, turabona ko abarobanuwe bo mu bagize “iri yaruka” bakiriho bariko barasaza. Ariko ya makuba akomeye niyatangura, ntibazoba barapfa bose. Twoshika rero ku ciyumviro c’uko vuba Ubwami bw’Imana bugiye kuza bukaganza isi. Bizoba koko bihimbaye kwibonera iranguka rya rya sengesho Yezu yatwigisha ati: “Ubwami bwawe nibuze.”
-