-
‘Wa mushumba w’umwizerwa’ atsinda isuzumwa!Umunara w’Inderetsi—2004 | 1 Ntwarante
-
-
2, 3. ‘Uwo mushumba mubi’ yavuye hehe, kandi vyatanguye gute?
2 Yezu yavuze ivy’umushumba mubi agiheza guca irya n’ino ivya “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”. Yavuze ati: “[“Uwo”, NW] mushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye: maz’agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa; shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi: azomucamwo kubiri [“azomuhana n’ubukari bwinshi cane”, NW], amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo” (Matayo 24:48-51). Imvugo ngo ‘uwo mushumba mubi’, irakwegera ivyiyumviro vyacu ku majambo Yezu yari ahejeje kuvuga ku vyerekeye wa mushumba mw’umwizerwa kandi w’incabwenge. Kukaba nkako, uwo “mushumba mubi” yavuye mu bari bagize wa mushumba w’umwizerwaa. Gute?
-
-
‘Wa mushumba w’umwizerwa’ atsinda isuzumwa!Umunara w’Inderetsi—2004 | 1 Ntwarante
-
-
4. Yezu yafashe gute wa “mushumba mubi” be n’abantu bose bagaragaje agatima nk’ako nyene?
4 Abo bahoze ari abakirisu, bahavuye bamenyekana ko ari bo bagize wa “mushumba mubi”, kandi Yezu yarabahanye n’“ubukari bwinshi cane”. Uti gute? Yarabashibuye, baca baratakaza icizigiro cabo c’ijuru. Ariko rero, ntibaciye basangangurwa ubwo nyene. Bategerejwe kubanza kumara ikiringo kinaka barira bongera baryanya insya z’amenyo ‘mu mwiza hanze’ y’ishengero rya gikirisu (Matayo 8:12). Guhera muri iyo misi yo mu ntango, hariho n’abandi basizwe bakeyi bagaragaje agatima kabi nk’ako, baba biyerekanye ko bari mu bagize wa “mushumba mubi”. Bamwebamwe bo mu “zindi ntama” bariganye ubwo buhemu bwabo (Yohana 10:16). Abansi ba Kirisitu bose nk’abo baherera ‘hanze muri uwo mwiza’ nyene wo mu buryo bw’impwemu.
-