ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Icigwa cerekeye ukuba maso
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu yariko arishura ikibazo c’intumwa ziwe kijanye n’ikimenyetso cokwerekanye ko yimitswe mw’ijuru be n’uko iherezo ry’ivy’isi ryegereje. Afatiye kuri ivyo, aca abaha impanuro nziza akoresheje akandi karorero. Abobaye ari bazima mu gihe yobaye yimitswe mw’ijuru bokwiboneye iranguka ry’ibivugwa muri ako karorero.

      Mu gutangura ako karorero, avuga ati: “Ubwami bwo mw’ijuru buzomera nk’abigeme cumi b’isugi batoye amatara yabo, barasohoka baja gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari ab’ubwenge.”​—Matayo 25:1, 2.

      Yezu ntashaka kuvuga ko igice c’abigishwa biwe bazoragwa Ubwami bwo mw’ijuru ari ibijuju, abandi na bo bakaba ab’ubwenge. Ahubwo ashaka kwerekana ko ku bijanye n’Ubwami, umwe wese mu bigishwa biwe ashobora kwihitiramwo kuguma ari maso canke gusamara. Ariko rero, Yezu nta makenga afise yuko umwe wese mu bigishwa biwe ashobora kuguma ari umwizigirwa maze agahezagirwa na Se wiwe.

      Muri ako karorero, abo bigeme bose uko ari cumi barasohoka gusanganira umukwe no kwifatanya n’abandi mu rugendo rwo guherekeza abageni. Umukwe ashitse, abo bigeme baraza kumurika inzira n’amatara yabo, babe bamuteye iteka igihe azanye umugeni wiwe mu nzu yateguriwe. Ariko none ibintu bigenda gute?

  • Icigwa cerekeye ukuba maso
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Intumwa zirashobora kubona ko uwo mukwe ari Yezu nyene. Yari amaze kwigereranya n’umukwe. (Luka 5:34, 35) Abo bigeme b’ubwenge bo ni bande? Igihe Yezu yavuga ivyerekeye “ubusho buto” bworazwe Ubwami, yagize ati: “Nimukenyere mu mafyinga, n’amatara yanyu agume yaka.” (Luka 12:32, 35) Ku bw’ivyo, muri ako karorero k’abigeme cumi, intumwa zirashobora gutahura ko Yezu ari zo nyene ariko aravuga. None ni igiki Yezu ashaka kubigisha biciye kuri ako karorero?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika