ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ‘Ntimuzi umusi canke isaha’
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 15 Nyakanga
    • ‘Ntimuzi umusi canke isaha’

      “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”​—MAT. 25:13.

  • ‘Ntimuzi umusi canke isaha’
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 15 Nyakanga
    • 1-3. (a) Ni ibintu ibihe vyodufasha gutahura icigwa kiri muri ya migani ibiri ya Yezu? (b) Ni ibibazo ibihe dukeneye kwishura?

      DUFATE yuko umutegetsi akomeye agusavye kumutwara n’umuduga kw’isango rihambaye. Ariko rero hasigaye iminuta mikeyi ngo uje kumutora umujane muri iyo nama, uciye ubona yuko mu muduga wawe ata gitoro gikwiye kirimwo cogufasha kugira urwo rugendo. Urakeneye kwihutira kugura ikindi. Mu gihe uriko urakigura, wa mutegetsi arashika aho wari kumutora. Areraguje ariko ntakubona. Kubera ko adashobora kurindira, aciye asaba uwundi muntu ngo amutware. Haciye akanya gatoyi, uragarutse maze usanze wa mutegetsi yigiriye. Wokwumva umerewe gute?

      2 Ubu na ho, dufate yuko uri uwo mutegetsi ukaba wahisemwo abagabo batatu babishoboye kugira ngo bitwararike urucuruza kanaka ruhambaye. Urabasiguriye ibijanye n’ico gikorwa, maze bose uko ari batatu bakemera kugikora. Yamara ugarutse haciye akanya, usanze babiri gusa muri bo ari bo bakoze igikorwa cabo. Vyongeye, umwe atakoze igikorwa ciwe ariko arisigura. Mbere ntiyanagerageje. Wokwumva umerewe gute?

      3 Muri wa mugani wa Yezu werekeye abigeme b’isugi no muri umwe werekeye italanto, yarakoresheje ibintu bisa n’ivyo mu kwerekana igituma mu gihe c’iherezo abakirisu barobanuwe bamwebamwe bobaye abizigirwa n’ab’ubwenge, mugabo abandi ntibabe gutyo.a (Mat. 25:1-30) Yarashize ahabona icigwa yashaka gutanga mu kuvuga ati: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha,” ni ukuvuga igihe nyezina Yezu yoshikije urubanza Imana yaciriye isi ya Shetani. (Mat. 25:13) Turashobora gushira mu ngiro iyo mpanuro muri iki gihe. Twokwungukira gute ku kuguma turi maso nk’uko Yezu yabituremesheje? Ni bande berekanye ko biteguriye kurokoka? Kandi dutegerezwa gukora iki muri iki gihe kugira ngo tugume turi maso?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika