ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/1 rup. 13
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Kristu acira urubanza intama n’impene
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ubuzima bwo mu bihe vya Bibiliya—Umwungere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Irahemba abayikorera bose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/1 rup. 13

WARI UBIZI?

Igihe Bibiliya ivuga “inkone” iba ishaka kuvuga iki?

Ishusho y’Abashuri yerekana inkone

Ishusho y’Abashuri yerekana inkone

Rimwe na rimwe iryo jambo rishobora gusobanura umuntu w’igitsina-gabo yashahuwe. Mu bihe vya kera, barashahura abagabo bamwebamwe kugira babahane. Abashumba canke abafashwe bakagirwa imbohe na bo nyene vyarashika bagashahurwa. Abagabo b’abizigirwa bashahuwe baragirwa abarinzi b’ikigo c’abagore b’umwami ku kirimba. Nk’akarorero, inkone yitwa Hegayi n’iyitwa Shayashigazi bari abarinzi b’abagore n’incoreke b’Umwami w’Ubuperesi Ahasuwerusi, uwo vyiyumvirwa ko yari Zeruzi wa mbere.​—Esiteri 2:3, 14.

Ariko rero, igihe Bibiliya ivuga inkone ntiyama ishaka kuvuga abagabo bashahuwe. Abahinga mu vya Bibiliya bamwebamwe bavuga yuko iryo jambo ryakoreshwa mu bundi buryo bwagutse, bashaka kuvuga umukozi wo ku kirimba i bwami. Biboneka yuko ari co gituma Bibiliya ikoresha iryo jambo kuri Ebedi-meleki wa mugenzi wa Yeremiya, na wa Munyetiyopiya atavugwa izina Filipo yabwira inkuru nziza. Bisa n’uko Ebedi-meleki yari umukozi akomeye wo ku kirimba kuko yari umwishikira ku Mwami Zedekiya. (Yeremiya 38:7, 8) Wa Munyetiyopiya na we, Bibiliya ivuga ko yari ashinzwe itunga ry’i bwami, akaba “yari yagiye i Yeruzalemu gusenga.”​—Ivyakozwe 8:27.

Kubera iki abungere bavugwa muri Bibiliya batandukanya intama n’impene?

Umwungere n’ubusho bw’intama

Igihe Yezu yariko aravuga ibijanye n’igihe c’uguca urubanza muri kazoza, yavuze ati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe, . . . azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene.” (Matayo 25:31, 32) Kubera iki abungere batandukanya ivyo bitungwa?

Intama n’impene zaturukirizwa hamwe, zikarisha hamwe ku murango. Mw’ijoro, bazishira mu mpongore kugira ngo bazikingire ibikoko, abasuma be n’imbeho. (Itanguriro 30:32, 33; 31:38-40) Ubwo bwoko bubiri bw’ibitungwa babushira mu mpongore zitandukanye kugira ngo intama, na canecane izivyara be n’imyagazi, babikingire impene, narirya impene usanga zikaze gusumba intama. Igitabu kimwe gisigura ivyo muri Bibiliya (All Things in the Bible) kivuga ko umwungere yatandukanya kandi intama n’impene hageze ko “zima, zikamwa canke zikemurwa.” Ibigereranirizo rero Yezu yakoresha yabikura ku bintu abamwumviriza bazi, narirya muri Isirayeli ya kera ivy’ubworozi vyari bimenyerewe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika