ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka
    Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Ntwarante
    • 4 Mu 1881, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni warerekanye ko “Umwana w’umuntu,” uwitwa kandi “umwami,” ari Yezu. Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango batahura ko imvugo yahinduwe ngo “bene Data” muri Bibiliya Yera, yerekeza ku bazofatanya na Kristu kuganza, be n’abantu bose bazoba kw’isi bamaze kuba abatunganye. Biyumvira yuko ugutandukanya intama n’impene kwobaye mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Baremera kandi yuko abantu boshizwe mu mugwi w’intama kubera ko babayeho bisunga itegeko ry’urukundo Imana yatanze.

      5. Mu 1923, abasavyi b’Imana barushirije gute gutahura wa mugani w’intama n’impene?

      5 Mu nyuma, Yehova yarafashije abasavyi biwe kurushiriza gutahura ico kigereranyo. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 1923 waremeje ko “Umwana w’umuntu” ari Yezu. Ariko rero, waratanze imvo zumvikana zishingiye ku Vyanditswe zerekana ko bene wabo na Kristu ari abazofatanya na we kuganza mw’ijuru bonyene. Wavuze kandi ko intama ari abafise icizigiro co kuba kw’isi bategekwa n’Ubwami bwa Kristu. Tuvuge iki ku bijanye n’igihe co gutandukanya intama n’impene? Uwo Munara wavuze yuko bene wabo na Kristu bofatanije na we kuganza mw’ijuru mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, bakaba rero batoshoboye gufashwa n’abari kw’isi. Ku bw’ivyo rero, gutandukanya intama n’impene vyobwirijwe kuba imbere y’uko ya Ngoma y’imyaka igihumbi itangura. Ku bijanye n’igituma umuntu yitwa intama, uwo Munara wavuze yuko vyovanye n’uko yemeye icese ko Yezu ari Umukama wiwe akongera akizigira ko Ubwami ari bwo buzotuma ibintu birushiriza kumera neza.

  • Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka
    Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Ntwarante
    • 7. Ubu dutahura gute ca kigereranyo c’intama n’impene?

      7 Ubu turatahura neza ico kigereranyo c’intama n’impene. Ku bijanye n’abavugwa muri uwo mugani abo ari bo, “Umwana w’umuntu,” ari we Mwami, ni Yezu. Abo yavuze ko ari ‘bene wabo’ ni abagabo n’abagore barobanujwe impwemu, bakaba bazofatanya na we kuganza mw’ijuru. (Rom. 8:16, 17) “Intama” be n’“impene” zigereranya abantu bo mu mahanga yose batarobanujwe impwemu nyeranda. Tuvuge iki ku bijanye n’igihe co guca urubanza? Urwo rubanza ruzocibwa amaja mu mpera ya ya makuba akomeye yimirije. Bite ho ku bijanye n’igituma abantu bazokwitwa impene canke intama? Ivyo bizovana n’ukuntu bafashe bene wabo na Kristu barobanujwe impwemu bazoba bakiri kw’isi. Kubera ko iherezo ry’ivy’iyi isi ryegereje cane, turakwiye gukenguruka cane kuba Yehova yagiye aradufasha gutahura ico kigereranyo be n’ibindi bifitaniye isano na co dusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25.

  • Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka
    Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Ntwarante
    • 9 Ubwa mbere, urabona yuko Yezu yigisha akoresheje ikigereranyo. Biragaragara ko atariko avuga ivyerekeye gutandukanya intama nya ntama n’impene nya mpene. Muri ubwo buryo nyene, ntariko aravuga ko buri muntu yitwa intama ategerezwa kugaburira bene wabo na Yezu, kubambika, kubitwararika no kubagarukirako bari mw’ibohero. Ahubwo, ariko yerekeza ku gatima abantu bagereranywa n’intama bagaragariza bene wabo na Yezu. Avuga ko izo ntama ari “abagororotsi” kubera bemera yuko Yezu afise umugwi wa bene wabo barobanuwe bakiri kw’isi, bakaba kandi babashigikira badahemuka muri iyi misi ya nyuma itoroshe.​—Mat. 10:40-42; 25:40, 46; 2 Tim. 3:1-5.

      10. Intama zifasha gute bene wabo na Kristu?

      10 Ubwa kabiri, rimbura ivyo Yezu yari ahejeje kuvuga. Yariko araca irya n’ino ca kimenyetso c’ukuhaba kwiwe be n’ic’insozero y’ivy’iyi si. (Mat. 24:3) Mu ntango y’iyo nsiguro, Yezu yarerekanye ko ico kimenyetso cobaye kirimwo ikintu gihambaye, na co kikaba ari inkuru nziza y’Ubwami ‘yokwamamajwe mw’isi yose.’ (Mat. 24:14) Vyongeye, imbere gatoyi y’uko avuga ibijanye n’intama be n’impene, yaratanze ikigereranyo c’italanto. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yezu yatanze ico kigereranyo kugira yerekane ko abigishwa biwe barobanujwe impwemu, ari bo ‘bene wabo,’ bategerezwa kurangura n’umwete igikorwa co kwamamaza. Ariko rero ico gitigiri gitoyi c’abarobanuwe bakiri kw’isi mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu, barahangana n’urugamba rukomeye rwo kubwira inkuru nziza abantu bo mu “mahanga yose” imbere y’uko iherezo rishika. Ikigereranyo cerekeye intama n’impene kirerekana ko abarobanuwe bofashijwe. Ku bw’ivyo, bumwe mu buryo nyamukuru abitwa intama bagaragariza umutima mwiza bene wabo na Kristu ni mu kubashigikira mu gikorwa co kwamamaza. Ariko none, babashigikira gute? Boba babashigikira gusa mu gutanga intererano no mu kubaremesha, canke barakora n’ibindi?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika