-
‘Muragire ibi mu kunyibuka’Umunara w’Inderetsi—2013 | 15 Kigarama
-
-
9. Bamwebamwe bafise iciyumviro kitari co ikihe ku bijanye n’umukate Yezu yakoresheje?
9 Abanyamadini bamwebamwe bavuga ko Yezu yavuze ijambo ku rindi ati: ‘Iki ni umubiri wanje,’ bakaba rero bemera ko uwo mukate wahindutse ku gitangaro umubiri nya mubiri wiwe. Ariko rero, ivyo birahushanye n’uko ibintu biri.a Umubiri wa Yezu wari ng’aho imbere y’intumwa z’intahemuka, cokimwe n’umukate utarimwo umwambiro bagira bihereze. Biragaragara ko Yezu yariko aravuga mu buryo bw’ikigereranyo, nk’uko yabigize no mu bindi bihe vyinshi.—Yoh. 2:19-21; 4:13, 14; 10:7; 15:1.
10. Umukate ukoreshwa mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ugereranya iki?
10 Uwo mukate izo ntumwa zabona kandi zagira zihereze wasobanura umubiri wa Yezu. Uwuhe mubiri? Abasavyi b’Imana barigeze kuba biyumvira ko kubera yuko Yezu yamanyuye umukate mugabo ntihagire na rimwe mu magufa yiwe rivunika, uwo mukate wasobanura “umubiri wa Kristu,” ni ukuvuga ishengero ry’abarobanuwe. (Ef. 4:12; Rom. 12:4, 5; 1 Kor. 10:16, 17; 12:27) Ariko rero, bahavuye batahura ko umuntu akoresheje ubwenge kandi akisunga Ivyanditswe abona yuko uwo mukate ugereranya umubiri w’inyama wa Yezu yari yarateguriwe. Yezu “ya[ra]babajwe mu mubiri,” mbere aramanikwa. Ku bw’ivyo, mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, umukate ugereranya uwo mubiri w’inyama Yezu ‘yikorereyemwo ibicumuro vyacu.’—1 Pet. 2:21-24; 4:1; Yoh. 19:33-36; Heb. 10:5-7.
-
-
‘Muragire ibi mu kunyibuka’Umunara w’Inderetsi—2013 | 15 Kigarama
-
-
15, 16. Bigenda gute ku bijanye n’umukate mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba?
15 Amaja mu mpera y’iyo nsiguro, umushikirizansiguro azomenyesha yuko igihe co gukurikiza ivyo Yezu yabwiye intumwa ziwe gukora kigeze. Nk’uko vyamaze kuvugwa, hazokoreshwa ibimenyetso bibiri: Umukate utarimwo umwambiro n’umuvinyu utukura. Vyoshobora kuba biri ku meza hafi y’umushikirizansiguro. Azokwerekeza ku nkuru yo muri Bibiliya idondora ivyo Yezu yavuze n’ivyo yakoze igihe yatanguza urwo rubanza. Nk’akarorero, mu nkuru ya Matayo dusoma duti: “Yezu atora umukate, hanyuma amaze kuwuhezagira, arawumanyura awuhereza abigishwa, avuga ati: ‘Akire, murye. Iki gisobanura umubiri wanje.’ ” (Mat. 26:26) Yezu yaramanyuye uwo mukate utarimwo umwambiro kugira ngo awuhereze intumwa zari ibubamfu bwiwe n’iburyo bwiwe. Kw’ikoraniro ryo ku wa 14 Ndamukiza uzobona imikate itarimwo umwambiro izoba yamaze kumanyagurwa no gushirwa ku masahani.
-