-
Inkuru nziza iriko yamamazwa gute?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 21
Inkuru nziza iriko yamamazwa gute?
Yehova agiye gukoresha Ubwami bwiwe kugira akureho ingorane zose dufise. Iyo ni inkuru nziza cane abantu bose bakeneye kumenya. Yezu yashaka ko abigishwa biwe babwira abantu bose iyo nkuru nziza. (Matayo 28:19, 20) None ni gute Ivyabona vya Yehova bariko barakora ivyo Yezu yabategetse?
1. Ibivugwa muri Matayo 24:14 biriko biranguka gute muri iki gihe?
Yezu yari yaravuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose.” (Matayo 24:14) Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no gukora ico gikorwa gihambaye. Turiko turamamaza iyo nkuru nziza kw’isi yose mu ndimi zirenga 1.000. Kugira ico gikorwa amahero kirangurwe, bisaba utwigoro tudasanzwe no kuba gitunganijwe neza. Ntitwogishoboye tudafashijwe na Yehova.
2. Kugira twamamaze, ni utwigoro utuhe tugira?
Turamamaza ahantu hose dushobora gusanga abantu. Cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, turamamaza “inzu ku nzu.” (Ivyakozwe 5:42) Ubwo buryo bwo kwamamaza buratuma dushikira abantu amamiliyoni buri mwaka. Kubera ko abantu batama bari muhira, turamamaza no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Tuguma turondera uturyo two kubwira abandi ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe.
3. Ni nde afise ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza?
Abakirisu b’ukuri bose barafise ibanga ryo kubwira abandi inkuru nziza. Iryo banga turariha agaciro. Kubera ko dutahura yuko ubuzima bw’abantu buri mu kaga, turamamaza uko dushoboye kwose bivanye n’uko ivyacu vyifashe. (Soma 1 Timoteyo 4:16.) Ico gikorwa dukora ntitugihemberwa kubera ko Bibiliya ivuga iti: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:7, 8) Mbere n’igihe abantu batakiriye neza ubutumwa tubabwiye, tuguma twamamaza kubera ko kubigenza gutyo vyerekana ko tugamburukira Yehova. Vyongeye, biratuma ahimbarwa.
TWINJIRE MU MIZI
Nurabe utwigoro Ivyabona vya Yehova bagira kugira bamamaze kw’isi yose hamwe n’ingene Yehova adushigikira.
Kwamamaza hirya no hino kw’isi: (A) Kosta Rika, (B) Amerika, (C) Bénin, (D) Tayilande, (E) Yap, (F) Suwede
4. Turihata kugira dushikire abantu bose
Ivyabona vya Yehova baragira utwigoro tudasanzwe kugira bamamaze inkuru nziza ahantu hose. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni igiki kigutangaza ku bijanye n’utwigoro Ivyabona vya Yehova bagira mu kwamamaza?
Nimusome Matayo 22:39 n’Abaroma 10:13-15, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni gute igikorwa co kwamamaza cerekana ko dukunda abandi?
Yehova abona gute abamamaza inkuru nziza?—Raba umurongo wa 15.
5. Turi abakozi bakorana n’Imana
Hari ibintu vyinshi vyerekana ko Yehova ariko arayobora igikorwa cacu. Nk’akarorero, muri Nouvelle-Zélande hari umuvukanyi yitwa Paul yariko aramamaza inzu ku nzu ku muhingamo, maze ahura n’umukenyezi umwe. Kuri uwo musi nyene mu gitondo, uwo mukenyezi yari yasenze Imana akoresheje izina ryayo Yehova, ayisaba ko hogira umuntu amugendera. Paul avuga ati: “Haciye amasaha atatu, nari nshitse i muhira iwe.”
Nimusome 1 Abakorinto 3:9, muce muganira kuri iki kibazo:
Ico kintu cabaye muri Nouvelle-Zélande cerekana gute ko Yehova ariko arayobora igikorwa co kwamamaza?
Nimusome Ivyakozwe 1:8, muce muganira kuri iki kibazo:
Kubera iki dukeneye ko Yehova adufasha kugira twamamaze?
Wari ubizi?
Ikoraniro tugira hagati mu ndwi riratumenyereza kwamamaza. Nimba umaze kuryitaba, wabonye gute ukumenyerezwa tuharonkera?
6. Turagamburuka itegeko Imana yaduhaye ryo kwamamaza
Mu kinjana ca mbere, abarwanya abigishwa ba Yezu baragerageje kubabuza kwamamaza. Abo bakirisu bo mu ntango, baraburaniye uburenganzira bafise bwo kwamamaza inkuru nziza mu “gutuma yemerwa n’amategeko.” (Abafilipi 1:7) No muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova ni ko babigenza.a
Nimusome Ivyakozwe 5:27-42, muce muganira kuri iki kibazo:
Kubera iki tutazohagarika kwamamaza?—Raba umurongo wa 29, 38 n’uwa 39.
HARI UWOBAZA ATI: “Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza inzu ku nzu?”
Wokwishura gute?
INCAMAKE
Yezu yategetse abigishwa biwe kwamamaza inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose. Yehova ariko arafasha abasavyi biwe gukora ico gikorwa.
Wize iki?
Inkuru nziza iriko yamamazwa gute kw’isi yose?
Igikorwa co kwamamaza cerekana gute ko dukunda abandi?
Woba wibaza ko igikorwa co kwamamaza gishobora gutuma duhimbarwa? Kubera iki wishuye gutyo?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe ingene Ivyabona vya Yehova bamamaza mu bisagara bininibinini.
Intunganyo idasanzwe yo kwamamaza ku mugaragaro mu gisagara ca Paris (5:11)
Ni ibiki Ivyabona vya Yehova bakoze kugira bashobore kubwira inkuru nziza impunzi?
Niwumvirize ivyo umukenyezi umwe avuga ku bijanye n’ukuntu kumara umwanya munini yamamaza vyatumye ahimbarwa.
Nurabe ibijanye n’intsinzi zidasanzwe twatahukanye mu masentare zatumye bitworohera kwamamaza.
“Abamamaji b’Ubwami bitura amasentare” (Ubwami bw’Imana buraganza!, ikigabane ca 13)
a Imana ni yo yadutegetse kwamamaza. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibakeneye gusaba uruhusha abategetsi kugira ngo bamamaze inkuru nziza.
-
-
Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingiraUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 23
Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
Yezu yigishije ko ibatisimu ari igisabwa ku bakirisu. (Soma Matayo 28:19, 20.) Ariko none ibatisimu ikwiye kugirwa gute? Vyongeye ni ibiki umuntu ategerezwa kubanza gukora kugira ashikire uwo mugambi?
1. Ibatisimu ikwiye kugirwa gute?
Ijambo “kubatiza” rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki risigura “kwibiza” mu mazi. Igihe Yezu yabatizwa, yibijwe mu ruzi Yorodani maze ‘aduga avuye mu mazi.’ (Mariko 1:9, 10) Muri ubwo buryo nyene, abakirisu b’ukuri babatizwa mu kwibizwa mu mazi.
2. Ibatisimu igaragaza iki?
Igihe umuntu abatijwe, aba yerekanye ko yiyeguriye Yehova Imana. None umuntu yiyegurira Imana gute? Imbere y’uko abatizwa, arasenga Yehova ari wenyene, akamusezeranira kumukorera ibihe vyose be no kumusenga wenyene. Muri iryo sengesho ariyemeza kandi ko gukora ivyo Imana igomba ari vyo azoshira imbere mu buzima bwiwe. Arahitamwo kwiyanka no kuguma akurikiza inyigisho za Yezu n’akarorero kiwe. (Matayo 16:24) Ukwo kwiyegura no kubatizwa bituma bishoboka ko agiranira ubucuti somambike na Yehova hamwe n’abo basangiye ukwemera.
3. Ni ibiki umuntu yokora imbere y’uko abatizwa?
Imbere y’uko ubatizwa, birahambaye yuko wiga ivyerekeye Yehova ukongera ugakomeza ukwizera kwawe. (Soma Abaheburayo 11:6.) Uko ubumenyi ufise bwiyongera n’ukwizera kwawe kugakomera ni ko n’urukundo ukunda Yehova ruzorushiriza kwongerekana. Ivyo bizotuma ugira icipfuzo co kubwira abandi ibimwerekeye be no kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe. (2 Timoteyo 4:2; 1 Yohani 5:3) Igihe umuntu abayeho “nk’uko bibereye Yehova ngo [a]mushimishe bimwe bishitse,” nta gukeka ko azoca agira icipfuzo co kumwiyegurira maze akabatizwa.—Abakolosayi 1:9, 10.a
TWINJIRE MU MIZI
Reka turabe ivyo dushobora kwigira kw’ibatisimu ya Yezu hamwe n’ukuntu umuntu yokwitegurira iyo ntambwe ihambaye.
4. Ivyigwa dukura kw’ibatisimu ya Yezu
Nimusome Matayo 3:13-17 kugira mubone ayandi makuru ajanye n’ibatisimu ya Yezu. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:
Igihe Yezu yabatizwa yoba yari uruyoya?
Yabatijwe gute? Boba bamusutse amazi ku mutwe?
Yezu amaze kubatizwa, yaciye atangura igikorwa kidasanzwe yatumwe n’Imana. Nimusome Luka 3:21-23 na Yohani 6:38, muce muganira kuri iki kibazo:
Yezu amaze kubatizwa, ni igikorwa ikihe yaciye ashira imbere mu buzima bwiwe?
5. Ibatisimu ni umugambi ushobora gushikako
Mu ntango woshobora kubona ko kwiyegura no kubatizwa bisa n’ibikurengeye. Ariko uko ubandanya kwiga ivyerekeye Yehova ukarushiriza kumumenya, urashobora gushika aho utaba ugitinya gufata iyo ngingo ihambaye. Kugira ubone abantu babigize, nimurabe iyo VIDEWO.
Nimusome Yohani 17:3 na Yakobo 1:5, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni ibiki vyofasha umuntu kwitegurira kubatizwa?
Mu kwiyegura, turabwira Yehova ko twipfuza kumukorera ibihe vyose
Igihe tubatijwe, tuba tweretse abandi bose ko twiyeguriye Yehova
6. Kubatizwa bituma uba mu bagize umuryango wa Yehova
Igihe tubatijwe, duca tuba mu bagize umuryango wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Naho twoba dukomoka he canke dufise kahise kameze gute, twese twemera bimwe kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako zimwe zo muri Bibiliya. Nimusome Zaburi 25:14 na 1 Petero 2:17, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni ivyiza ibihe umuntu yironkera amaze kubatizwa?
HARI ABAVUGA BATI: “Numva hataragera ko mbatizwa.”
Nimba ari uko wiyumva, woba ubona ko kubatizwa ari umugambi mwiza wokwishingira?
INCAMAKE
Yezu yavuze ko abakirisu bakwiye kubatizwa. Kugira umuntu abishikeko ategerezwa gukomeza ukwizera kwiwe, kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova no kumwiyegurira.
Wize iki?
Ibatisimu ikwiye kugirwa gute, kandi ni kubera iki ihambaye?
Kubatizwa bigaragaza iki?
Ni ibiki umuntu yokora imbere y’uko yiyegurira Yehova maze akabatizwa?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe ico ibatisimu isobanura be n’ico idasobanura.
Niwiyibutse ibisabwa kugira umuntu ashike kw’ibatisimu.
“Gukunda Yehova no kumukengurukira bizotuma ubatizwa” (Umunara w’Inderetsi, Ntwarante 2020)
Nimusome icatumye umugabo umwe afata ingingo yo kubatizwa.
“Bashaka ko nitohoreza ukuri” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ruhuhuma 2013)
Nurabe igituma kubatizwa ari umugambi mwiza wokwishingira n’ingene wowushikira.
a N’igihe umuntu aba yarabatijwe mu rindi dini, arakenera kwongera kubatizwa. Uti kubera iki? Kubera ko iryo dini ritaba ryigisha ukuri kwo muri Bibiliya.—Raba Ivyakozwe 19:1-5 n’icigwa ca 13.
-