ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyo abakirisu bigisha bifasha iki ikibano?
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Rusama
    • Gukurikiza itegeko Yezu yatanze ryo ‘guhindura abantu abigishwa’ birafitaniye isano no gushitsa ivyo yabwiye abigishwa biwe ko bakwiye kuba nk’umunyu be n’umuco w’isi. (Matayo 5:13, 14) Uti iryo sano ni irihe? Kandi ico gikorwa kigira ico gihinduye gute ku buzima bw’abantu?

  • Ivyo abakirisu bigisha bifasha iki ikibano?
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Rusama
    • Tuvuge iki kuri ya mvugo y’uko abakirisu ari umuco? Nk’uko nyene ukwezi kurasa umuco uvuye ku zuba, ni ko n’abayoboke ba Kristu barasa umuco w’ikigereranyo uva kuri Yehova Imana. Ivyo babigira biciye ku butumwa bumurikira abantu bamamaza no ku bikorwa vyiza bakora.​—1 Petero 2:12.

      Yezu yararushirije gushira ahabona isano riri hagati yo kuba umuco no kuba umwigishwa wiwe mu kuvuga ati: “Abantu ntibadomeka itara ngo barishire munsi y’igisimbo co gupimisha, ahubwo barishira ku gitereko c’amatara, maze rikakira abari mu nzu bose. Namwe nyene mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu.” Iyo itara ryaka riteretswe ku gitereko c’amatara, abari irya n’ino bose bararibona neza. Ni ko n’ibikorwa vyo kwamamaza be n’ibindi bikorwa vyiza abakirisu bakora bikwiye kwibonekeza neza ku bantu bose baba irya n’ino yabo. Kubera iki? Yezu yavuze ko ababona ivyo bikorwa vyiza baca baninahaza Imana aho kuninahaza nya bakirisu.​—Matayo 5:14-16.

      Ibanga ryega abakirisu bose ata wuvuyemwo

      Igihe Yezu yavuga ngo: “Muri umuco w’isi” akongera akavuga ngo “mureke umuco wanyu [wake],” yariko abwira abigishwa biwe bose. Ico gikorwa Yezu yashinze abigishwa biwe ntigishobora gukorwa n’abantu bakeyi gusa bashwiragiye mu madini atandukanye. Ahubwo riho, abakirisu bose ni “umuco.” Ivyabona vya Yehova imiliyoni indwi bo mu bihugu birenga 235 barabona ko uko bagize umugwi bajejwe ibanga ryo kubwira abandi ubutumwa Kristu yipfuza ko abayoboke biwe batangaza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika