-
«Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?Niwiyegereze Yehova
-
-
11 Ukwiye gukora iki mu gihe wiyumvamwo yuko wababaje uwo musangiye ukwizera? Yezu yavuze ati: «Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro, hanyuma ukahibukira ko mwenewanyu agufitiye agashavu, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere y’igicaniro maze ugende. Nubanze usubize hamwe na mwenewanyu hanyuma ugaruke, ubone gutanga ishikanwa ryawe.» (Matayo 5:23, 24) Urashobora gukurikiza iyo mpanuro mu kwibwiriza kugenda kuri uwo muvukanyi wawe. Wogenda ufise intumbero iyihe? “Gusubiza hamwe” na we.b Kugira ngo ivyo ubishikeko, hari aho woba ukwiye kwemera ko vyamubabaje aho kubihakana. Umwegereye ufise intumbero yo kugarukana amahoro no kuyazigama, birashoboka ko mutorera umuti ukutumvikana, mugasabana imbabazi nimba bikenewe, maze mukababarirana. Iyo ugize uko ushoboye kwose ukarondera amahoro, uba ugaragaje yuko urongorwa n’ubukerebutsi buva ku Mana.
-
-
«Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?Niwiyegereze Yehova
-
-
b Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo «gusubiza hamwe» isobanurwa ko ari «kureka kuba abansi mukaba abagenzi; kwikiranura; gusubira kugiranira ubucuti, mukumvikana.» Gutyo rero, intumbero yawe ni iyo guhindura ibintu, gukura ikibi ku mutima w’uwababajwe nimba bishoboka.—Abaroma 12:18.
-