-
Ingabirano zari zibereye umwamiUmunara w’Inderetsi—2015 | 1 Ntwarante
-
-
Ingabirano zari zibereye umwami
“Abaragurira ku nyenyeri bavuye mu mihingo yo mu buseruko . . . batekurura ubutunzi bwabo bamushikanira ishikanwa: inzahabu n’imibavu ya olibani be n’imira.”—Matayo 2:1, 11.
NI INGABIRANO bwoko ki woha umuntu ahambaye cane? Mu bihe vya kera, ibimota bimwebimwe vyari bifise agaciro nk’ak’inzahabu ku buryo vyari mu ngabirano zahabwa umwami.a Ni co gituma mu bintu ba bantu baragurira ku nyenyeri bashikaniye “umwami w’Abayuda,” bibiri muri vyo vyari ibimota.—Matayo 2:1, 2, 11.
Amavuta y’umusomozo
Bibiliya iravuga kandi yuko igihe umwamikazi w’i Sheba yagendera Salomo, “[yahaye] umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu, n’amavuta y’umusomozo menshi cane, n’amabuye y’agaciro; ntihari bwaboneke amavuta y’umusomozo nk’ayo umwamikazi wa Sheba yahaye Umwami Salomo.”b (2 Ngoma 9:9) Abami na bo nyene bararungikira Salomo amavuta y’umusomozo ka bugenzi.—2 Ngoma 9:23, 24.
Kubera iki mu bihe vya kera mwene ivyo bintu bimota vyahabwa agaciro cane kandi bikazimba? Ni kubera ko vyakoreshwa mu bintu vyinshi bihambaye, nko mu kwisiga, mu bijanye n’ugusenga, no mu gutegura ikiziga. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ingene bakoresha ibimota mu bihe vya kera.”) Vyari bizimvye kubera ko vyaronderwa na benshi. Vyongeye, kugira babizane bongere babigurishe, vyasaba amahera menshi.
BARAJABUKA UBUGARAGWA BWA ARABIYA
Umubagabaga
Mu bihe vya kera, ibimera bimwebimwe bivamwo ibimota vyaramera mu Kiyaya ca Yorodani muri Isirayeli. Ariko rero ibindi vyava mu mahanga. Muri Bibiliya haravugwa ubwoko butandukanye bw’ibimota. Ibivugwa cane muri vyo ni umuzafarani, imibazibazi, amavuta y’umusomozo, umudarasini, imibavu ya olibani n’imira. Iruhande y’ivyo, hari ivyakunda gukoreshwa mu kumotesha ibifungurwa, nk’ivyitwa kumino, menta na aneto.
Ivyo bimota bidasanzwe vyava hehe? Imibazibazi, umubagabaga, n’umudarasini babikura mu turere twahavuye tuba Ubushinwa, Ubuhindi na Sri Lanka. Nk’akarorero, imira be n’imibavu ya olibani vyava mu biti no mu bimera vyo mu karere k’ubugaragwa kava mu bumanuko bwa Arabiya kagashika muri Somaliya, muri Afrika. Narada na yo yava mu Buhindi gusa, mu misozi yitwa Himalaya.
Umuzafarani
Ibimota vyinshi vyarinda guca muri Arabiya kugira ngo bishike muri Isirayeli. Nk’uko igitabu kimwe kivuga ivy’ibimota (The Book of Spices) kibisigura, ivyo biri mu vyatumye Arabiya imara ibinjana vyinshi Imbere ya Kristu “yiharije urwo rudandaza rwagirwa hagati y’abantu bo mu Buseruko no mu Burengero.” I Negebu mu bumanuko bwa Isirayeli, turahasanga ibisagara vya kera, ibibanza bikingijwe ibihome be n’ibituro vy’abadandaza b’ingenzi, vyerekana aho abadandaza ibimota bahora baca. Vyongeye, ivyo bibanza vyose “vyerekana ko higeze kubaho urudandaza rwunguka cane . . . rw’ibintu vyava mu bumanuko bwa Arabiya bija mu karere ka Mediterane,” nk’uko raporo imwe ya UNESCO ibivuga.
“Ibimota vyari mu bidandazwa vyakundwa cane. Vyaba ari bike, bizimvye, kandi vyama bironderwa.”—Vyakuwe mu gitabu The Book of Spices
Imigwi y’abadandaza b’ibimota, yarakunda kugenda ibilometero nka 1.800 ijabuka Arabiya. (Yobu 6:19) Bibiliya iravuga ivy’umugwi w’ingenzi w’Abishimayeli wari utwaye “ibirirarira bimota neza vy’ibimera, n’umusomozo be n’ibishishwa vy’uburembo” babikuye i Gileyadi babijanye mu Misiri. (Itanguriro 37:25) Abahungu ba Yakobo bagurishije mwene wabo Yozefu kuri abo badandaza ngo abe umuja.
-