ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1
    Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Ruheshi
    • “DAWE WA TWESE URI MW’IJURU”

      4. Imvugo ngo “Dawe wa twese” itwibutsa iki, kandi ni kubera iki abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi bita Yehova “Data”?

      4 Mu kuvuga ngo “Dawe wa twese,” aho kuvuga ngo “Dawe wanje,” biratwibutsa ko tugize ‘umuryango w’abavukanyi’ bakundana vy’ukuri. (1 Pet. 2:17) Mbega agateka kadasanzwe! Abakirisu barobanuwe, abagizwe abana b’Imana bafise icizigiro co kuba mw’ijuru, bari n’imvo yumvikana yo kwita Yehova “Data.” (Rom. 8:15-17) Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera na bo nyene barashobora kwita Yehova “Data.” Ni we yabahaye ubuzima, kandi abasavyi biwe bose b’ukuri arabaronsa ivyo bakeneye abigiranye urukundo. Abafise ico cizigiro co kuba kw’isi bazoba abana b’Imana mu buryo bushitse nibamara kuba abatunganye kandi bakagaragaza ko ari intahemuka muri ca kigeragezo ca nyuma.​—Rom. 8:21; Ivyah. 20:7, 8.

  • Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1
    Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Ruheshi
    • “IZINA RYAWE NIRYEZWE”

      7. Ni agateka akahe dufise, mugabo ivyo bidusaba iki?

      7 Emwe, ni agateka kuba tuzi izina ry’Imana tukaba n’“igisata ku bw’izina ryayo”! (Ivyak. 15:14; Yes. 43:10) Turasaba Dawe wa twese wo mw’ijuru duti: “Izina ryawe niryezwe.” Turamusaba kandi ngo adufashe kwirinda gukora canke kuvuga ikintu cohava gisiga iceyi izina ryiwe ryeranda. Ntitwipfuza kumera nk’abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere batisunga ivyo bigisha. Intumwa Paulo yanditse ku biberekeye ati: “Izina ry’Imana ririko rirogotwako mu mahanga kubera mwebwe.”​—Rom. 2:21-24.

      8, 9. Tanga akarorero kerekana ukuntu Yehova ahezagira abitwararika kweza izina ryiwe.

      8 Twipfuza kweza izina ry’Imana. Igihe urupfu rwakubiranya umunega wa mushiki wacu umwe wo muri Norveje, yamusigiye agahungu k’imyaka ibiri. Yigana ati: “Cari ikiringo kitoroshe na gato kuri jewe. Narasenga buri musi, hafi isaha ku yindi, nsaba kwigumya kugira sintume Shetani aronka imvo yo gucokora Yehova kubera mfashe ingingo itaranga ubukerebutsi canke mpemutse. Nipfuza kweza izina rya Yehova, kandi nashaka ko umwana wanje asubira kubona se wiwe mw’Iparadizo.”​—Imig. 27:11.

      9 Yehova yoba yarishuye iryo sengero ritarimwo ubwikunzi? Cane nyene. Uwo mushiki wacu yarafashijwe n’uko yama yifatanya n’abo basangiye ukwemera bamwitwararika. Haciye imyaka itanu, yarubakanye n’umukurambere. Wa muhungu wiwe ubu afise imyaka 20 kandi ni umuvukanyi. Uwo mushiki wacu avuga ati: “Ndahimbawe cane kuba umunega wanje yaramfashije kumurera.”

      10. Hakenewe iki kugira izina ry’Imana ryezwe bimwe bishitse?

      10 Hakenewe iki kugira izina ry’Imana ryezwe bimwe bishitse ryongere rikurweko iceyi cose? Kugira ivyo bishoboke, Yehova ategerezwa gukuraho abantu bose barwanya n’ibigirankana ubusegaba bwiwe. (Soma Ezekiyeli 38:22, 23.) Abantu bazogenda baragirwa abatunganye intambwe ku yindi. Si twe tuzobona harageze igihe abo kw’isi no mw’ijuru bose beza izina rya Yehova! Ico gihe Data wa twese wo mw’ijuru azoba agiye “[yaba] vyose ku muntu wese.”​—1 Kor. 15:28.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika