ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yezu ahishura «ubukerebutsi buva ku Mana»
    Niwiyegereze Yehova
    • 6-8. (a) Ni imvo zijijura izihe Yezu atanga zerekeye ukwirinda amaganya? (b) Ni igiki cerekana yuko impanuro za Yezu zigaragaza ubukerebutsi buva mw’ijuru?

      6 Rimbura nk’akarorero impanuro iranga ubukerebutsi Yezu yatanze muri Matayo ikigabane ca 6, yerekana ukuntu twobigenza igihe turi n’amaganya ku vyerekeye ibintu vy’umubiri. Yezu atugira inama ati: «Nimureke kwiganyira ku vyo muzorya, ivyo muzonywa canke ivyo muzokwambara.» (Umurongo wa 25) Ibifungurwa n’ivyambarwa ni ibintu umuntu akeneye vy’ishimikiro, kandi ni ibisanzwe kurazwa ishinga no kubironka. Mugabo Yezu atubwira “kutiganyira” ku vyerekeye mwene ivyo bintu.b Kubera iki?

      7 Umviriza ukuntu Yezu asigura mu buryo bujijura. Kubera yuko Yehova yaduhaye ubuzima n’umubiri, mbega none ntiyoshobora kuturonsa ibifungurwa vyo kuzigama ubwo buzima be n’impuzu zo kwambika uwo mubiri? (Umurongo wa 25) Nimba Imana ironsa inyoni ibifungurwa, n’amashurwe ikayambika ubwiza, ca wiyumvira ukuntu izorushiriza kubungabunga abantu bayisenga! (Umurongo wa 26, 28-30) Vy’ukuri, amaganya adakenewe nta co avuze. Ntashobora kwongera ku buzima bwacu akantu na gatoyi.c (Umurongo wa 27) Dushobora gute kwirinda amaganya? Yezu aduhanura kubandanya dushira ugusenga Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Ababigenza gutyo barashobora kwizigira yuko ibintu vyose bakenera ku musi ku musi “bazovyongerwa” na Se wo mw’ijuru. (Umurongo wa 33) Ubwa nyuma, Yezu aratanga inama ngirakamaro kuruta zose, ngo tuze turafata umusi umwe ukwawo. Bimaze iki gufata amaganya y’ejo hazoza tukayongera ku y’uwu musi? (Umurongo wa 34) Vyongeye, bimaze iki guhagarika umutima bimwe bidasanzwe ku vyerekeye ibintu bishobora kutazokwigera bishika? Gukurikiza mwene izo mpanuro ziranga ubukerebutsi birashobora kuturinda umubabaro wo mu mutima muri iyi si itesha umutwe.

  • Yezu ahishura «ubukerebutsi buva ku Mana»
    Niwiyegereze Yehova
    • b Irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe «kwiganyira» risobanura «kwangaza umuzirikanyi.» Nk’uko ryakoreshejwe muri Matayo 6:25, ryerekeza ku bwoba bw’uguhagarika umutima busamaza umuzirikanyi canke bugatuma udatekanirwa, bugatuma umuntu atagira umunezero mu buzima.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika