Raba Neza ko Ushira Ibintu vya Mbere mu Kibanza ca Mbere!
DUFATE ko uri serugo ukaba na se w’abana. Kubera ko wari umaze umusi ukora akazi kenshi karuhisha, buriko burira, utanguye kwiyumvira ikoraniro ry’ishengero ritegekanijwe ku mugoroba. Uciye buno nyene uva ku kazi, uja kuronka gusa umwanya ukwirana no kwiyuhagira, guhindura impuzu, no kuraba utwo utamira wihuta imbere y’uko ugenda kuri iryo koraniro. Buno nyene umukoresha wawe aciye akwegera, agusaba gukora amasaha y’inyongera. Agusezeraniye ko azoguha umushahara mwiza, kandi ayo mahera urayakeneye.
Canke dufate ko uri umukenyezi ukaba na nyina w’abana. Igihe uriko urategura ivyokurya vyo ku mugoroba, ugiye ubona umurundo w’impuzu zitagoroye, kandi zimwe muri zo zizokenerwa bukeye. Uribaza uti: ‘Ngiye kw’ikoraniro ryo kuri uyu mugoroba, nja kuronka ryari umwanya wo kuzigorora?’ Kubera ko uherutse gutangura gukora akazi k’igihe cose, urabona ukuntu bigoye kwitaho imirimo yo mu rugo wongera urondera icobabeshaho.
Canke dufate ko uri umunyeshure. Mu cumba ubamwo, imeza yawe irunzeko udukorwa tw’i muhira. Twinshi muri two ni utumaze igihe dutanzwe, ariko ukaba wagiye udushira nkana ku wundi musi, none ubu harageze ko ukora ibikorwa vyinshi icarimwe. Wumva ushaka gusaba abavyeyi bawe uruhusha rwo kuguma i muhira ntuje kw’ikoraniro, kugira ngo urangize ako gakorwa kawe k’i muhira.
Ni ikihe none woshira imbere: mbega kwoba ugukora amasaha y’inyongera ku kazi, kugorora impuzu, gukora udukorwa tw’i muhira, canke kuja kw’ikoraniro? None mu vy’umutima, gushira ibintu vya mbere mu kibanza ca mbere bishaka kuvuga iki? Yehova abibona ate?
Ni Ibiki Ukwiye Gushira Imbere?
Inyuma gatoyi y’aho Abisirayeli baherewe ya Mabwirizwa Cumi, hari umuntu basanze ariko arasenya udukwi kw’Isabato. Ivyo vyari ikizira kikaziririzwa mu Vyagezwe. (Guharūra 15:32-34; Gusubira mu Vyagezwe 5:12-15) Wewe woruciye gute? Mbega uwo muntu woba wari kumubabarira, ukavuga uti tubiravye si ubuzima bw’amaraha yariko arironderera ahubwo yariko arondera utwobeshaho umuryango wiwe? Woba wari kwiyumvira yuko hari imisi myinshi mu mwaka umuntu ashobora kwubahiriza Isabato, n’uko umuntu ahomvye umusi umwe abitewe kumbure n’ukudateganya ibintu hakiri kare, ashobora kugirirwa ikigongwe ata ngorane?
Yehova we yabona ko ari ikintu gikomeye cane. Bibiliya ivuga ngo “[Yehova] abarira Mose, at’Uyo muntu akwiye kwicwa.” (Guharūra 15:35) Ni kuki Yehova yababajwe cane gutyo n’ivyo uwo muntu akoze?
Abantu bari bafise imisi itandatu yo gusenya inkwi no kurondera ibifungurwa, ivyambarwa, n’uburaro bakeneye. Umusi w’indwi wari wahebewe ivyo bakeneye mu vy’umutima. Naho gusenya inkwi bitari bibi, vyari bibi kubihebera umwanya wari ukwiye kubikirwa ugusenga Yehova. Naho Abakirisu badatwarwa n’Ivyagezwe vya Musa, ico kintu cashitse ntikiduha icigwa none kugira ngo muri iki gihe tumenye ibibereye kuja mu kibanza ca mbere?—Ab’i Filipi 1:10.
Inyuma y’aho Abisirayeli bamariye imyaka 40 mu bugaragwa, bari biteguye ngo binjire mu Gihugu c’Isezerano. Bamwe bari barambiwe no kurya mana bahabwa n’Imana mu bugaragwa, kandi bategerezwa kuba bari biteze ko ibiribwa bihinduka. Kugira ngo Yehova abafashe kugumana uburimbane igihe bari binjiye mu gihugu “gitemba amata n’ubūki,” yabibukije ibi: “Umuntu [nta]tungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k[a Yehova].”—Kuvayo 3:8; Gusubira mu Vyagezwe 8:3.
Abisirayeli bobwirijwe gukora bagatama kugira ngo baronke nya ‘mata n’ubūki.’ Hariho ingabo bategerezwa gutsinda, inzu zo kwubaka, amatongo yo kurima. Naho ibintu vyari ukwo, Yehova yategetse abantu kwibikira umwanya imisi yose wo kuzirikana ivy’umutima. Bategerezwa kandi gufata umwanya wo kwigisha abana babo inzira z’Imana. Yehova yavuze ati: “Muze [mwigishe amabwirizwa yanje] abana banyu, muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.”—Gusubira mu Vyagezwe 11:19.
Gatatugatatu ku mwaka, umuntu w’umugabo wese w’Umwisirayeli hamwe n’uwakebanukiye idini yabo wo muri ico gihugu, yari yategetswe kurenguka imbere ya Yehova. Kubera ko ba serugo benshi babona ko umuryango wose uko ungana wohungukiye mu vy’umutima kuri ivyo biringo, baratunganya ivy’uko abagore babo n’abana babo babaherekeza. Ariko none ni ba nde borinze inzu zabo n’imirima yabo ngo abansi ntibavyirohemwo mu gihe umuryango waba wagiye? Yehova yasezeranye ati: “Nta wuzokebēra igihugu canyu, igihe muzodūga gatatu-gatatu mu mwaka, murengutse imbere yanje, [Yehova] Imana yanyu.” (Kuvayo 34:24) Abisirayeli vyabasaba ukwizera kugira ngo bemere ko mu gihe bashize ivy’umutima imbere ataco bohomvye mu vy’umubiri. Yehova yoba yarashikije ijambo ryiwe? Neza cane!
Guma Ubanza Kurondera Ubwami
Yezu yigishije abayoboke biwe gushira ibintu vy’agaciro vy’umutima imbere y’ibindi bintu vyose. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, yahanuye abamwumviriza ati: “Ntimukiganyire, ngo Tuzorya iki? canke Tuzonywa iki? canke Tuzokwambara iki? . . . Ariko mubanze mwitwararike ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose [mukenera mu vy’umubiri] muzovyongerwa.” (Matayo 6:31, 33) Vuba inyuma y’aho Yezu amariye gupfa, Abakirisu bari baherutse kubatizwa barakurikije iyo mpanuro. Benshi muri bo bari Abayuda canke abakebanukiye idini y’Abayuda bari bagize urugendo baja i Yeruzalemu guhimbaza umusi mukuru wa Pentekote mu 33 G.C. Igihe bariyo, hari ikintu cashitse kitari citezwe. Barumvise kandi barakiriza yompi inkuru nziza yerekeye Yezu Kirisitu. Kubera ko bari bashashaye kwiga n’ibindi vyerekeye ukwizera bari bahejeje kuronka, bagumye i Yeruzalemu. Ibiribwa vyarabakehanye, ariko amaraha yo mu vy’umubiri cari ikintu gihambaye buhoro kuri bo. Bari baronse Mesiya! Abavukanyi babo b’Abakirisu barasangiye na bo ibintu vy’umubiri bari bafise, kugira ngo bose bashobore kubandanya ‘gushishikara cane ivyo intumwa zigisha, . . . no gusenga.’—Ivyakozwe 2:42.
Mu nyuma, Abakirisu bamwebamwe barafashe minenerwe ivy’uko bakeneye kwifatanya n’abandi ku makoraniro badahorereza. (Abaheburayo 10:23-25) Kumbure bahavuye bitwararika amaronko, birengagiza ibintu vy’umutima, mu gihe bagerageza kwironderera kugira amahera menshi be n’ukwimerererwa neza kw’ingo zabo. Intumwa Paulo aho amariye guhimiriza abavukanyi biwe kudaheba amakoraniro, yanditse ati: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.”—Abaheburayo 13:5.
Impanuro ya Paulo yagaragaye ko yari ihuye cane n’igihe. Imyaka nk’itanu inyuma y’aho Paulo amariye kwandikira Abaheburayo iryo kete ryiwe, ingabo z’Abaroma zirongowe na Festus Gallus zarakikuje Yeruzalemu. Abakirisu b’abizerwa baributse iyi mburizi Yezu yari yaratanze ngo: “Aho muzobonera [ivyo] . . . ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no kwinjira gusahura ikintu cose mu nzu yiwe: ūzoba ari mu mirima ntaz’asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe.” (Mariko 13:14-16) Bari bazi yuko ukurokoka kwabo kutari guhagaze ku kuba bafise akazi katayegayega canke ku gaciro k’amatungo yabo y’umubiri, ariko ku kugamburuka ayo mabwirizwa Yezu yari yabahaye. Abumviye iyo mpanuro ya Paulo bagashira ivy’umutima mu kibanza ca mbere, nta nkeka basanze vyoroshe gusiga inzu, akazi, ivyambarwa, n’ibintu vyabo bakunda, bagahungira mu misozi, kuruta abo bose batahunze kubera ugukunda amahera.
Ukuntu Bamwe Bashira Ibintu vya Mbere mu Kibanza ca Mbere Muri Iki Gihe
Abakirisu b’abizerwa muri iki gihe barakunda cane kwifatanya ubudahorereza n’abavukanyi babo, kandi harimwo benshi bigora mu bitari bike kugira ngo bitabe amakoraniro. Ahantu hamwehamwe, akazi konyene gashobora kuboneka ni agasaba ugukuranwa. Hari umuvukanyi umwe asaba abo bikorana ko yoza arabagombora ku misi ya Gatandatu ku mugoroba, bikaba ari ibihe abantu benshi bo muri ako gacimbiri abamwo bakunda kuba bisohokeye ngo bifatire akayaga, na bo bakamugombora ku migoroba iberako amakoraniro. Hari abandi bavukanyi bakora akazi k’ugukuranwa bitaba amakoraniro y’ishengero ribegereye mu gihe akazi kabo katabakundiye kuyitaba mw’ishengero ry’iwabo. Muri ubwo buryo, nta na rimwe basa n’abasiba kw’ikoraniro. Hari umugore amaze igihe gitoyi ashimishijwe muri Kanada atatevye kubona akamaro k’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi hamwe n’Ikoraniro ry’Umurimo, mugabo urutonde rw’akazi akora ruhurirana n’igihe c’ayo makoraniro. Yaciye ahera umukozi mugenziwe ngo aze aramusubirira mu kibanza, kugira ngo ashobore kugira umwidegemvyo wo kwitaba ayo makoraniro ahambaye.
Abenshi mu barwaye indwara zidakira ni gake babura kw’ikoraniro. Barumviriza porogarama yose bari i muhira bakoresheje intsinga za telefone canke ikaseti vyafatiweko mu gihe badashoboye kuba bari ku Ngoro y’Ubwami. Baragaragaza ko bakenguruka koko ibintu vy’umutima Yehova adutunganiriza abicishije kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” wiwe! (Matayo 24:45, NW) Abakirisu babungabunga abavyeyi babo bageze mu zabukuru barakenguruka vy’ukuri igihe hagize abavukanyi canke abavukanyikazi babemereye kubasigaranira abo bavyeyi kugira ngo bashobore kwitaba ikoraniro ry’ishengero.
Teganya Ibintu Imbere y’Igihe
Abavyeyi bazi ko ubwabo bakeneye ibintu vy’umutima barafasha abana babo gushima amakoraniro y’Abakirisu. Muri rusangi, bitega ko abana babo bakora udukorwa tw’i muhira nk’uko baduhawe, hako bareka ngo turundane. Ku migoroba iberako amakoraniro, abana bakora udukorwa bahawe kw’ishure bagishika i muhira. Ibintu vy’ukwisamaza hamwe n’utundi dukorwa ntibirekurwa ngo bibuze umuntu kuja ku makoraniro y’ishengero.
Niba uri serugo ukaba uri na se w’abana, woba ushira ukwitaba amakoraniro imbere y’ibindi? Niba uri umukenyezi ukaba uri na nyina w’abana, woba ugerageza gushira ku rutonde amabanga ujejwe kugira ngo usigire umwanya amakoraniro? Niba uri umuyabaga, amakoraniro yoba ari yo ugira ayahambaye kuruta, canke ni udukorwa two gukorera i muhira?
Ikoraniro ry’ishengero ni intunganyo Yehova yashizeho iranga urukundo. Dukwiye kugira akigoro kose gashoboka kugira ngo twifatanye n’abandi muri iyo ndinganizo. Yehova azoguhezagira cane niwashira ibintu vya mbere mu kibanza ca mbere!
[Ifoto ku rup. 19]
Ni ku mugoroba w’amakoraniro, ariko ufise akazi ukora. Ni igiki ushira imbere?