-
“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’ImanaNiwiyegereze Yehova
-
-
13 Nimba dukenguruka ukuba ubutungane bw’Imana burangwa n’imbabazi, ntituzokwihutira gucira abandi urubanza mu bintu bitaturaba koko canke bidahambaye cane. Muri ya nsiguro yo ku musozi Yezu yashikiriza, yagabishije ati: «Nimureke guca urubanza kugira namwe ntimuzocirwe urubanza.» (Matayo 7:1) Twisunze inkuru ya Luka, Yezu yongeyeko ati: «Nimureke gutsindisha abandi mu rubanza, kugira namwe ntimuzotsindishwe.»a (Luka 6:37) Yezu yarerekanye yuko yari azi ko abantu badatunganye bafise impengamiro yo gucira abandi urubanza. Uwo wese mu bamwumviriza yari afise akamenyero ko kwama acira abandi urubanza yategerezwa kubireka.
Turagaragaza ubutungane bw’Imana iyo tubwira abandi inkuru nziza tudacaguye
14. Ni ku bw’imvo izihe dutegerezwa “kureka gucira urubanza” abandi?
14 Ni kubera iki dutegerezwa “kureka gucira urubanza” abandi? Kimwe coco, ubukuru dufise buri n’aho bugarukira. Umwigishwa Yakobo atwibutsa ati: «Uwushinga amategeko akaba n’Umucamanza ni umwe gusa», ni ukuvuga Yehova. Ni co gituma Yakobo abaza atarya umunwa ati: «Wewe uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe?» (Yakobo 4:12; Abaroma 14:1-4) Vyongeye, ukuba tudatunganye birashobora gutuma vyoroha cane ko duca iza ngondagonde. Hariho inyifato nyinshi be n’imvo nyinshi, dushizemwo ukwinubana, ubwishime, ishari be n’ukwibona ubugororotsi, bishobora kugoreka ukuntu tubona abantu nkatwe. Hari n’ibindi bintu usanga turi n’aho tugarukiriza, kandi kubizirikanako birakwiye gutuma twirinda kwihutira gutora abandi amahinyu. Ntidushobora gusoma ibiri mu mitima; eka mbere ntitunashobora kumenya uko ivy’abandi vyose vyifashe. None, turi bande kugira ngo twiyumvire nabi abo dusangiye ukwizera, canke ngo tunebagure utwigoro bagira mu gikorwa barangurira Imana? Ese ukuntu birushiriza kuba vyiza twiganye Yehova mu kurondera ivyiza mu bavukanyi na bashiki bacu aho kubatora amahinyu!
15. Ni amajambo ayahe be n’inyifato iyihe bidafise ikibanza mu basavyi b’Imana, kandi kubera iki?
15 Tuvuge iki ku bo mu ngo zacu? Ikibabaje, ni uko mw’isi ya kino gihe usanga ugucira rubi abandi bibera mu miryango, ahari hakwiye kuba ubwugamo burangwamwo amahoro. Biramenyerewe kwumva abagabo b’inkazi, abagore canke abavyeyi basa n’aho «bacira urubanza» abo mu ngo zabo mu kubamizako ibitutsi n’inkoni vy’urudaca. Mugabo amajambo aranga ubukazi, ukunebagurana kubabaza be n’ugukubitana nta kibanza bifise mu basavyi b’Imana. (Abanyefeso 4:29, 31; 5:33; 6:4) Impanuro Yezu yatanze yo “kureka guca urubanza” no “kureka gutsindisha” ntica ireka gukora iyo turi i muhira. Ibuka yuko kugaragaza ubutungane harimwo no gufata abandi nk’uko Yehova adufata. N’Imana yacu ntiyigera ituryagagura canke ngo idufate bunyamaswa. Ahubwo riho, «yuzuye ikibabarwe.» (Yakobo 5:11) Ese ukuntu ari akarorero keza cane twokwigana!
-
-
“Kurikiza ubutungane” mu kugendana n’ImanaNiwiyegereze Yehova
-
-
a Impinduro zimwezimwe zivuga ngo «ntimugahinyurire mu mitima» na «ntimucire abandi rubi.» Mwene izo mpinduro zishaka kuvuga ngo «ntimutangure guca urubanza» na «ntimutangure gutsindisha.» Ariko rero, abanditse Bibiliya mu rurimi rwo mu ntango ng’aha bakoresha amategeko yo guhakana muri kubu (kerekana igikorwa kibandanya). Gutyo rero ibikorwa bivugwa ng’aho vyariko birakorwa, mugabo vyategerezwa guhagarara.
-