Urashobora kurengana ibihuhusi
MURI ibi bihe bigoye, abenshi bari mu ngorane zimeze nk’ibihuhusi. Yamara, ku bakirisu, urukundo bakunda Imana be n’ukutadohoka ku ngingo ngenderwako zayo ni vyo bibafasha kuvyifatamwo neza. Uti gute? Inyishu umuntu ashobora kuyisanga mu kigereranyo Yezu Kristu yatanze. Abigishwa biwe bagamburuka yabagereranije n’“umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare”. Yezu yavuze ati: “Isegenya iragwa, inkukūra iratwaza, igihuhuta kirahuhuta, bisūrira kuri nya nzu, ntiyagwa, kuko yar’imase ku rutare”.—Matayo 7:24, 25.
Urabona ko naho uwo muntu avugwa muri ico kigereranyo ari umuntu w’ubwenge, atabura gushikirwa n’ingorane zigereranywa n’isegenya igwa n’inkukura itwaza, be n’imiyaga ihuhuta isenyagura ibintu. Ku bw’ivyo, Yezu ntiyerekanye yuko abigishwa biwe bokwikinze ingorane zose bakibera mu mahoro n’itekane bitigera bihungabana (Zaburi 34:19; Yakobo 4:13-15). Mugabo yavuze koko yuko abasuku b’Imana b’intahemuka bashobora kwitegurira mwene izo ngorane zimeze nk’igihuhusi no guhangana na zo.
Yezu yatanguye ico kigereranyo avuga ati: “Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare” (Ni twe dushimitse.). Ariko ntiwumve, Yezu ntiyariko avuga ivy’ukwubaka inzu nka zirya tubamwo, mugabo yariko avuga ibijanye n’ukwubaka ubuzima. Abashira mu ngiro amajambo ya Kristu barakoresha ubukerebutsi bakongera bakazirikana neza. Ibibavyurira umutima wo kugira ico bakoze hamwe n’ibikorwa vyabo bavyubaka ku rutare rukomeye rugereranya inyigisho za Kristu mu gushira mu ngiro ivyo bigishijwe. Igishimishije, ico gitandara c’ikigereranyo ntikiri hejuru ku butaka. Uwo mugabo avugwa muri ico kigereranyo yategerezwa kwimba “hasi cane” kugira agishikire (Luka 6:48). Mu buryo busa n’ubwo, abigishwa ba Yezu baguma bagira akigoro gakomeye ko gutsimbataza kamere ziramba zituma barushiriza kwiyegereza Imana.—Matayo 5:5-7; 6:33.
Bigenda gute iyo ingorane zimeze nk’ibihuhusi zigerageje ubukomezi bw’umushinge wa gikirisu w’abayoboke ba Yezu? Kuba bagamburuka inyigisho za Kristu babikunze bakaba bafise na kamere za gikirisu vyama bibabera isoko ry’indemesho mu bihe bitoroshe nk’ivyo, n’igihambaye kuruta bikazobabera isoko ry’indemesho mu gihe ca ca gihuhusi cimirije gushika ari co Harumagedoni (Matayo 5:10-12; Ivyahishuriwe 16:15, 16). Ni vyo, abenshi bariko bararokoka ingorane zimeze nk’ibihuhusi bitumwe n’uko bakurikira inyigisho za Kristu. Na wewe urashobora kugira nk’ukwo nyene.—1 Petero 2:21-23.