-
Sebibondo ntangereUmunara w’Inderetsi—2008 | 1 Nzero
-
-
Nko muri Gitugutu mu 29 G.C., Yezu yaragiye ku Ruzi Yorodani kugira ngo abatizwe. Bibiliya irigana ivyabaye iti: “Yezu amaze kubatizwa, buno nyene aduga ava mu mazi; maze ehe ijuru riruguruka, abona impwemu y’Imana imanuka nk’inuma, imuzako. Ehe humvikana kandi ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye’”a (Matayo 3:16, 17). Ayo majambo arangwa ikibabarwe, ayavuzwe na Yehova ubwiwe, araduhishurira vyinshi ku kuntu uwo Sebibondo ameze. Raba ibintu bitatu Yehova yaseruriye Umwana wiwe.
Ubwa mbere, mu kuvuga amajambo ngo “uyu ni Umwana wanje”, ku bwa ngingo Yehova yariko avuga ati: ‘Ndahimbawe no kuba ndi So wawe’. Umuvyeyi abona kure arahaza icipfuzo abana biwe baba bafise co kwumva ko bashimwa kandi bitwararikwa. Abana barakenera gusubirizwa umutima mu nda yuko bafise agaciro, umwe wese akabona ko ari mu bagize umuryango. Naho Yezu yari amaze kugera mu bigero, iyumvire ukuntu yumvise amerewe igihe yumva Se amushima ukuraho!
Ubwa kabiri, mu kwita Umwana wiwe ngo “umukundwa”, Yehova yari aseruye izuba riva urwo akunda Yezu. Ni nk’aho uwo Muvyeyi yariko avuga ati: ‘Ndagukunda’. Sebibondo mwiza arabwira abana biwe yuko abakunda cane. Amajambo nk’ayo, ayajanishije n’ibimenyetso bibereye bigaragaza urukundo, arafasha abana gusagamba. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarakoze Yezu ku mutima kwumva ijwi rya Se riserura urukundo amufitiye!
Ubwa gatatu, mu kuvuga ijambo ngo “naragushimye”, Yehova yari aseruye ko ashima umwana wiwe. Ni nk’aho Yehova yariko avuga ati: ‘Mwananje, ndashima cane ivyo waranguye’. Sebibondo munyarukundo ararondera uturyo two kumenyesha abana biwe yuko ashima ibintu vyiza bakora canke bavuga. Abana barakomezwa kandi bakaremeshwa n’ukuba abavyeyi babashima. Nta nkeka ko Yezu ategerezwa kuba yararemeshejwe no kwumva ko Se wiwe amushima!
-