ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Bariteguriye kwamamaza naho bohamwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu araha intumwa ziwe ubuyobozi bwiza ku bijanye n’ingene bokora igikorwa co kwigisha uko bagenda ari babiribabiri. Ariko rero ntagarukiriza aho. Abigiranye umutima mwiza, arababurira yuko bazohamwa, akagira ati: “Ehe ndabatumye muri nk’intama mu mabingira hagati; . . . Mwiyubare abantu; kuko bazobashengeza mu masentare, kandi babashishagurire mu masinagogi yabo. Egome, bazobakwega babatware imbere ya ba buramatari n’abami babampora.”​—Matayo 10:16-18.

  • Bariteguriye kwamamaza naho bohamwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Ese ukuntu Yezu aronsa ubuyobozi bwiza izo ntumwa ziwe 12, akaziburira akongera akaziremesha! Ariko rero, ayo majambo arerekeye n’abogize uruhara mu gikorwa co kwamamaza inyuma y’izuka rya Yezu. Ivyo biragaragarira mu majambo yiwe avuga ko abigishwa biwe “[ba]zokwankwa n’abantu bose,” atari abo intumwa zobwiye ubutumwa bonyene. Vyongeye, nta na hamwe dusoma ko intumwa zarengukijwe imbere ya ba buramatari n’abami mu kanya gato bamaze muri iryo sekeza ryo kwigisha i Galilaya, kandi nta ho dusoma ko batanzwe n’imiryango yabo ngo bicwe.

      Biraboneka ko Yezu ariko avuga ibintu bizoba muri kazoza. Fata nk’akarorero amajambo abwira abigishwa biwe yuko batorangije igikorwa co kwamamaza “Umwana w’umuntu adashitse.” Yezu ashaka kwerekana ko abigishwa biwe batorangije igikorwa co kwamama Ubwami bw’Imana imbere y’uko ashika ari Umwami yaninahajwe aje guca imanza z’Imana.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika