-
Bariteguriye kwamamaza naho bohamwaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Ego cane, abayoboke ba Yezu boshobora guhura n’uruhamo rukaze, yamara arabasubiriza umutima mu nda ati: “Nibabashengeza, ntimuze mwiganyire ku vy’ingene muzovuga canke ku vyo muzovuga; kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri iyo saha; kuko atari mwebwe gusa muzovuga, mugabo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe.” Yezu yongerako ati: “Umuntu azotanga mwene wabo ngo yicwe, na se w’umwana atange umwana wiwe, kandi abana bazokurira hasi abavyeyi, babicishe. Kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje; mugabo uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.”—Matayo 10:19-22.
-
-
Bariteguriye kwamamaza naho bohamwaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Ese ukuntu Yezu aronsa ubuyobozi bwiza izo ntumwa ziwe 12, akaziburira akongera akaziremesha! Ariko rero, ayo majambo arerekeye n’abogize uruhara mu gikorwa co kwamamaza inyuma y’izuka rya Yezu. Ivyo biragaragarira mu majambo yiwe avuga ko abigishwa biwe “[ba]zokwankwa n’abantu bose,” atari abo intumwa zobwiye ubutumwa bonyene. Vyongeye, nta na hamwe dusoma ko intumwa zarengukijwe imbere ya ba buramatari n’abami mu kanya gato bamaze muri iryo sekeza ryo kwigisha i Galilaya, kandi nta ho dusoma ko batanzwe n’imiryango yabo ngo bicwe.
Biraboneka ko Yezu ariko avuga ibintu bizoba muri kazoza. Fata nk’akarorero amajambo abwira abigishwa biwe yuko batorangije igikorwa co kwamamaza “Umwana w’umuntu adashitse.” Yezu ashaka kwerekana ko abigishwa biwe batorangije igikorwa co kwamama Ubwami bw’Imana imbere y’uko ashika ari Umwami yaninahajwe aje guca imanza z’Imana.
-