-
Ibigereranyo vyerekeye UbwamiYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Yezu aca aha abigishwa biwe ibindi bigereranyo bitatu. Ubwa mbere avuga ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’itunga ryanyegejwe mw’itongo, iryo umuntu yubutseko akarinyegeza; maze kubera akanyamuneza agize, aragenda agurisha ivyo afise vyose hanyuma agura iryo tongo.”—Matayo 13:44.
-
-
Ibigereranyo vyerekeye UbwamiYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Muri ivyo bigereranyo bibiri, Yezu arashimika ku muntu yemera guheba ikintu kanaka kugira aronke ikintu c’agaciro vy’ukuri. Uwo mudandaza aca agurisha “ibintu vyose yari afise” kugira yironse iyo maragarita y’agaciro kanini. Abigishwa barashobora gutahura ako karorero kerekeye imaragarita y’agaciro kanini. Wa mugabo yabona itunga rinyegejwe mw’itongo na we nyene aca “agurisha ibintu vyose” kugira agure iryo tongo. Muri ubwo burorero bwose, hariho ikintu c’agaciro umuntu ashobora kwironsa kandi akazigama. Ivyo vyogereranywa n’utwigoro umuntu agira kugira yiyegereze Imana. (Matayo 5:3) Bamwe mu bariko barumviriza Yezu baramaze kwerekana ko biteguriye kugira utwigoro dukomeye ngo biyegereze Imana bongere babe abayoboke biwe b’ukuri.—Matayo 4:19, 20; 19:27.
-