-
Niwumvirize ijwi rya YehovaUmunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2019 | Ntwarante
-
-
“NIMUMWUMVIRIZE”
7. Twisunze Matayo 17:1-5, ni ikindi gihe ikihe Yehova yavuze ari mw’ijuru, kandi yavuze iki?
7 Soma Matayo 17:1-5. Incuro igira kabiri Yehova yavuze ari mw’ijuru ni igihe Yezu ‘yahinduka ukundi.’ Yezu yari yasavye Petero, Yakobo na Yohani ngo bamuherekeze ku musozi muremure. Bari ng’aho barabonye iyerekwa ridasanzwe. Mu maso ha Yezu harakayanganye, impuzu ziwe na zo ziraca ibibatsi. Hari abantu babiri batanguye kuganira na Yezu ibijanye n’urupfu rwiwe be n’izuka ryiwe vyari vyegereje. Abo bantu bagereranya Musa na Eliya. Naho ba bigishwa batatu bari “baremerewe n’itiro,” babonye iryo yerekwa ridasanzwe bamaze kwikangura. (Luka 9:29-32) Igicu cakaka caciye kibapfuka, baca bumva ijwi rivuye muri nya gicu. Ryari ijwi ry’Imana! Nk’uko Yehova yabigize igihe Yezu yabatizwa, yaraseruye ko ashima uwo Mwana wiwe be n’uko amukunda. Yavuze ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” Ariko ico gihe hoho yaciye yongerako ati: “Nimumwumvirize.”
-
-
Niwumvirize ijwi rya YehovaUmunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2019 | Ntwarante
-
-
9. Ni impanuro izihe Yezu yahaye abigishwa biwe?
9 “Nimumwumvirize.” Yehova yaratomoye ko yipfuza yuko twumviriza ivyo Umwana wiwe avuga kandi tukabikurikiza. None ni ibiki Yezu yavuze igihe yari kw’isi? Yaravuze ibintu vyinshi bibereye ko twumviriza. Nk’akarorero, yarigishije abigishwa biwe uburyo bwo kwamamaza yongera arabibutsa kenshi kuguma bari maso. (Mat. 24:42; 28:19, 20) Yarabahimirije kandi kwihata rwose yongera arabaremesha kwumira kw’ibanga. (Luka 13:24) Yezu yarashimitse ku vy’uko abigishwa biwe bakwiye gukundana, kuguma bunze ubumwe no kwubahiriza amabwirizwa yiwe. (Yoh. 15:10, 12, 13) Ese ukuntu izo mpanuro Yezu yahaye abigishwa biwe zari ngirakamaro! No muri iki gihe ziracari ngirakamaro cane.
-