-
Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?“Ingo unkurikire”
-
-
IKIGABANE CA 1
Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?
«Ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera?»
1, 2. Ubutumire bweza umutima gusumba ubundi bwose umuntu yoshobora kuronka ni ubuhe, kandi ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza?
NI UBUTUMIRE ubuhe bweza umutima gusumba ubundi bwose umaze kuronka? Woshobora guca ubona igihe watumirwa ku rubanza rudasanzwe, nk’ubugeni bw’abantu ukunda cane. Canke na ho, woshobora guca wibuka umusi watumirwa ngo uje gutangura akazi gahambaye. Nimba umaze kuronka ubutumire nk’ubwo, nta gukeka ko wahimbawe, mbere ukumva utewe iteka. Ariko rero, ikizwi ni uko hari ubutumire wahawe bwiza cane kuruta ubwo. Umwe wese muri twebwe yarabuhawe kandi ingene duhitamwo kubwitaba biragira ikintu kinini cane bikoze kuri twebwe. Iryo ni ryo hitamwo rihambaye kuruta ayandi yose dushobora kugira mu buzima.
2 Ubwo butumire ni ubuhe? Ni ubutangwa na Yezu Kristu, wa Mwana w’ikinege w’Imana Mushoboravyose Yehova, kandi buranditse muri Bibiliya. Muri Mariko 10:21, tuhasanga amajambo Yezu yavuze agira ati: “Ingo unkurikire.” Nkako, ubwo ni ubutumire Yezu aha umwe wese muri twebwe. Vyoba vyiza twibajije duti: «Nzobwitaba gute?» Inyishu y’ico kibazo yoshobora gusa n’iyitomoye. Ni nde none yokwanka ubutumire bwiza cane nk’ubwo? Igitangaje ni uko abantu benshi banka kubwitaba. Uti kubera iki?
3, 4. (a) Wa muntu yegera Yezu kugira amubaze ibijanye n’ubuzima budahera, ni ibiki yari afise vyobonwa ko ari ivyo kwipfuzwa? (b) Ni kamere nziza izihe Yezu ashobora kuba yarabonye muri uwo musore w’umutware yari atunze?
3 Rimbura nk’akarorero umuntu umwe Yezu yihereye ubwo butumire, ubu hakaba haheze nk’imyaka 2.000. Yari umuntu yubahwa cane. Yari afise n’imiburiburi ibintu bitatu abantu bakunze kwipfuza mbere bakanabihahamira: ubuto, ubutunzi n’ubukuru. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ko uwo muntu yari «umusore», ko «yari atunze cane» be n’uko yari «umutware.» (Matayo 19:20; Luka 18:18, 23) Ariko rero, hari ikindi kintu gihambaye kivugwa kuri uwo musore. Yari yarumvise ivya wa Mwigisha ahambaye Yezu, kandi yarashima ivyo yari yarumvise.
4 Abatware benshi bo muri ico gihe ntibaha Yezu icubahiro yari abereye. (Yohani 7:48; 12:42) Ariko uwo mutware we yavyifashemwo ukundi. Bibiliya itwiganira iti: «Yezu asohotse ngo agende, umugabo umwe aca aza ariruka, apfukama imbere yiwe, amubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera?”» (Mariko 10:17) Raba nawe ukuntu uwo muntu yari ashashaye kuvugana na Yezu, akirukanga abantu babona akamusanga aho ari, nk’uko nyene umuntu w’umworo kandi wa nyarucari yari kubigira. Vyongeye, yaciye apfukama n’icubahiro cinshi imbere ya Kristu. Ku rugero kanaka rero, yari afise ukwicisha bugufi akongera akamenya ko akeneye ivy’impwemu. Yezu yaraha agaciro kamere nziza mwene izo. (Matayo 5:3; 18:4) Ntibitangaje rero kubona «Yezu [yaciye] amwitegereza, yumva aramukunze.» (Mariko 10:21) None Yezu yishuye gute ca kibazo uwo musore yabajije?
Ubutumire bw’imbonekarimwe
5. Yezu yishuye gute wa musore yari atunze, kandi tuzi gute ko «ikintu kimwe» uwo musore yari abuze kutari uguheba ivyo atunze? (Raba n’akajambo k’epfo.)
5 Yezu yarerekanye ko Se wiwe yari amaze gutanga amakuru yerekeye ico kibazo gihambaye kijanye no kuronka ubuzima budahera. Yarerekeje ku Vyanditswe, uwo musore na we aremera ko yagamburuka amategeko ya Musa adahemuka. Ariko rero Yezu, kubera ugutahura kwiwe kudasanzwe, yarabonye ikintu kitashoka cibonekeza. (Yohani 2:25) Yarabonye ingorane yo mu vy’impwemu uwo mutware yari afise, kandi iyo ngorane yari ikomeye. Yezu yaciye avuga ati: «Ubuze ikintu kimwe.» Ico «kintu kimwe» cari ikihe? Yezu yavuze ati: «Genda ugurishe ibintu ufise maze ufashe abakene.» (Mariko 10:21) Yezu yoba yashaka kuvuga ko umuntu ategerezwa kuba ntahonikora kugira akorere Imana? Oya.a Kristu yariko ahishura ikintu gihambaye cane.
6. Ni ubutumire ubuhe Yezu yahaye wa musore w’umutegetsi yari atunze, kandi ukuntu yabwakiriye vyagaragaje iki ku bijanye n’umutima wiwe?
6 Kugira Yezu yerekane ico uwo muntu yari abuze, yamuhaye ubutumire bwiza cane, ati: “Ingo unkurikire.” Iyumvire nawe: Umwana w’Imana Musumbavyose yarihereye uwo muntu, amaso mu yandi, ubutumire bwo kumukurikira! Yezu yaramwemereye kandi impera ntangere. Yavuze ati: «Uzoheza ugire itunga mw’ijuru.» Uwo musore w’umutegetsi yari atunze yoba atagishije ako karyo canke ubwo butumire buhambaye? Iyo nkuru igira iti: «Aca arijirwa yumvise ivyo amwishuye. Aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi.» (Mariko 10:21, 22) Ayo majambo Yezu yavuze ata wari avyiteze yarahishuye rero ingorane uwo muntu yari afise mu mutima. Yarakunda cane ivyo yari atunze kandi nta gukeka ko yakunda ububasha n’icubahiro vyava kuri ivyo bintu. Ikibabaje, urukundo yakunda ivyo bintu rwararuta kure n’iyo urwo yakunda Kristu. Ca «kintu kimwe» yari abuze rero kwari ugukunda Yezu na Yehova abigiranye umutima wiwe wose n’ukwitanga. Kubera ko uwo musore atagira urwo rukundo, yaranse ubwo butumire bw’imbonekarimwe! None ivyo wewe bikuraba gute?
7. Ni igiki cotwemeza ko ubutumire bwa Yezu buturaba muri iki gihe?
7 Ubutumire bwa Yezu ntibwahawe uwo muntu gusa; eka kandi ntibwari bwerekeye abantu bakeya gusa. Yezu yavuze ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, . . . [n]agume ankurikira.» (Luka 9:23) Urabona yuko «umuntu» uwo ari we wese ashobora kuba umuyoboke wa Kristu mu gihe vy’ukuri “abishaka.” Imana ni yo ikwegera ku Mwana wayo abantu mwene abo bafise imitima nziraburyarya. (Yohani 6:44) Si abatunzi gusa, si abakene gusa, si abantu bo mu bwoko bunaka canke ihanga rinaka gusa, kandi si ababayeho muri kirya gihe gusa, ahubwo abantu bose barahabwa akaryo ko kwemera ubutumire bwa Yezu. Rero, amajambo Yezu yavuze ngo “ingo unkurikire” vy’ukuri arakwerekeye. None ni kubera iki wokurikira Kristu? Kandi ivyo bisaba iki?
-
-
Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?“Ingo unkurikire”
-
-
a Yezu ntiyasaba umuntu wese amukurikiye ngo ahebe ivyo atunze vyose. Vyongeye, naho yagize ico avuze ku bijanye n’ukuntu bigoye ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana, yongeyeko ati: «Ku Mana vyose birashoboka.» (Mariko 10:23, 27) Nkako, hariho abatunzi bakeyi babaye abayoboke ba Kristu. Barahawe impanuro zidomako mw’ishengero rya gikirisu, ariko ntibasabwe guha aboro ivyo batunze vyose.—1 Timoteyo 6:17.
-