-
‘Uwusoma Nakoreshe Ugutegera’Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Rusama
-
-
18, 19. Ni imvo izihe zitangwa zerekana yuko “guhungira mu misozi miremire” bitazosobanura uguhindura idini?
18 Yezu amaze kuvuga ‘uguhagarara kwa ca kizira c’ubuyobe ahantu hēra,’ yaburiye abategera ibintu kugira ico bakoze. Yoba yashaka kuvuga yuko muri ico gihe kiri kure—ni ukuvuga igihe “ca kizira c’ubuyobe . . . [kizoba] gihagaze ahantu hēra”—abantu benshi bazohunga idini y’ikinyoma bahungira mu gusenga kw’ukuri? Habe n’intete. Rimbura iranguka ryabaye ubwa mbere. Yezu yavuze ati: “Abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no kwinjira gusahura ikintu [ico ari co] cose mu nzu yiwe: ūzoba ari mu mirima ntaz’asubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe. Ariko mur’iyo misi abazoba batwaye inda n’abonsa bazobona ibara: kandi muze musenge kugira ngo ntibize bibe mu rushana.”—Mariko 13:14-18, ni twe duhiritse izo ndome.
-
-
‘Uwusoma Nakoreshe Ugutegera’Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Rusama
-
-
22. Gushira mu ngiro impanuro Yezu yaduhaye ku vyerekeye uguhungira mu misozi bishobora kuba birimwo iki?
22 Ubu ntidushobora kumenya ido n’ido ry’ibizoshika kuri ya marushwa ahambaye, ariko turashobora mu buryo bwumvikana gushika ku ciyumviro c’uko kuri twebwe uguhunga Yezu yavuze kutazoba ari uguhungira mu karere kanaka. Abasavyi b’Imana baramaze kuba hirya no hino kw’isi, hafi mu mihingo yose. Ariko turashobora gushira amazinda yuko niba guhunga bikenewe, Abakirisu bazotegerezwa kubandanya kuguma bitandukanije bimwe bitomotse n’amashirahamwe y’idini y’ikinyoma. Birahambaye kandi kubona Yezu yarabuye ivyerekeye ivyo kudasubira mu nzu ngo umuntu yakire ivyambarwa canke ibindi bintu. (Matayo 24:17, 18) Ni co gituma rero hashobora kuba ibigeragezo muri kazoza ku vyerekeye ukuntu tubona ibintu vy’umubiri; mbega bizoba ari vyo bihambaye kuruta, canke agakiza kazoshikira abari ku ruhande rw’Imana bose kazoba ari ko gahambaye kuruta? Ego ni ko, uguhunga kwacu gushobora tuzotuma dushikirwa n’amagume amwamwe tugire n’ivyo dutakaza. Dukwiye kuzoba twiteguye kugira ikintu ico ari co cose bisaba, nk’uko bagenzi bacu bo mu kinjana ca mbere bahunze bakava i Yudaya bakaja i Pereya, hakurya ya Yorodani babigize.
-