ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yezu ajanwa kwa Anasi, hama kwa Kayifa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Umwe mu barinzi ahagaze iruhande ya Yezu aca amukubita ikofe, akamukankamira ati: “Ukwo ni ko wishura umukuru w’abaherezi?” Ariko rero, kubera Yezu azi ko ata kosa na rimwe yakoze, amwishura ati: “Nimba mvuze nabi, erekana ico kibi; ariko nimba mvuze neza, unkubitiye iki?” (Yohani 18:22, 23) Anasi aca arungika Yezu ku mukwe wiwe Kayifa.

      Ubu rero, abagize Sentare nkuru bose, ni ukuvuga umuherezi mukuru, abagabo b’inararibonye n’abanyabwenge b’ivyanditswe, bakoraniye hamwe. Bahuriye mu rugo kwa Kayifa. Amategeko ntabemerera guca urubanza mwene urwo mw’ijoro buca ari Pasika, ariko ntikibuza ko barangura uwo mugambi wabo ugayitse.

      Iyo sentare nta wovuga ko idahengamye. Inyuma y’aho Yezu azuriye Lazaro, iyo sentare yaciye ifata ingingo yo kwica Yezu. (Yohani 11:47-53) Vyongeye, nta misi myinshi ihaciye abakuru b’idini bagiye umugambi wo gufata Yezu ngo bamwice. (Matayo 26:3, 4) Emwe, bisa n’uko Yezu yamaze gucirwa urwo gupfa n’imbere y’uko urubanza rwiwe rutangura!

  • Petero amwihakana mu rugo kwa Kayifa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
    • Yezu akimara gufatwa mw’itongo ry’i Getsemani, abigishwa biwe barahunga bakamuta kubera ubwoba. Ariko rero, babiri muri bo barahindukira. Ni Petero “hamwe n’uwundi mwigishwa,” bikaba bigaragara ko ari Yohani. (Yohani 18:15; 19:35; 21:24) Kumbure bashikira Yezu igihe ariko ajanwa kwa Anasi. Aho Anasi arungikiye Yezu ku Muherezi mukuru Kayifa, Petero na Yohani baramukurikira ariko bari kure. Baratinyira amagara yabo mugabo kandi bararajwe ishinga n’ibija gushikira Shebuja wabo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika