ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ‘Imana ni yo ikuza’
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 15 Mukakaro
    • Umubivyi asinzira

      13, 14. (a) Nuvuge muri make ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umuntu amija imbuto. (b) Ni nde agereranya uwo mubivyi, kandi iyo mbuto ni iki?

      13 Muri Mariko 4:26-29, turahasanga ikindi kigereranyo kivuga ibijanye n’umubivyi. Hagira hati: “Ni co gituma ubwami bw’Imana bumeze nk’igihe umuntu amija imbuto kw’ivu, hanyuma agasinzira mw’ijoro, ku murango akavyuka, za mbuto na zo zikamera hanyuma zigakura, mu buryo atazi. Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze. Mugabo igihe vyeze, aratuma urukero agasarura, kubera ko igihe c’iyimbura kiba kigeze.”

      14 None uwo mubivyi agereranya nde? Abantu bamwebamwe bo mu biyita abakirisu biyumvira yuko uwo mubivyi agereranya Yezu ubwiwe. Yamara, ni gute umuntu yovuga ko Yezu asinzira be n’uko atazi ukuntu izo mbuto zikura? Nta nkeka yuko Yezu azi ukuntu ico giterwa gikura. Ahubwo riho, uwo mubivyi, cokimwe na wa wundi yavugwa mu kigereranyo ca mbere, agereranya abamamaji b’Ubwami, ababiba imbuto y’Ubwami biciye ku gikorwa barangurana umwete co kwamamaza. Iyo mbuto imijwa kw’ivu ni rya jambo bamamaza.b

      15, 16. Ku bijanye n’ikura ry’igiterwa be n’iryo mu buryo bw’impwemu, ni ikintu ikihe gihora kiba Yezu yashize ahabona muri ca kigereranyo c’umubivyi?

      15 Yezu avuga ko uwo mubivyi “[asinzira] mw’ijoro, ku murango akavyuka.” Ivyo ntivyerakana ko uwo mubivyi afata ibintu minenegwe. Vyerekana gusa ibintu abantu benshi bakunda kugira mu buzima. Imvugo yakoreshejwe muri uwo murongo yerekana ikintu kiguma kigirwa mu kiringo kinaka, ico na co kikaba ari ugukora ku murango be n’ukuryama mw’ijoro. Yezu yarasiguye ibintu vyabaye muri ico kiringo. Avuga ati: ‘Za mbuto ziramera hanyuma zigakura.’ Aca yongerako ati: “Mu buryo atazi.” Igishimikwako ni uko iryo kura riba “ubwaryo.”c

      16 None ng’aho Yezu yashaka kuvuga iki? Urabona yuko ashimika kw’ikura ry’igiterwa be no ku kuntu rigenda riraba buhorobuhoro. Avuga ati: “Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze.” (Mrk. 4:28) Iryo kura riba buhorobuhoro kandi rikaba intambwe ku yindi. Nta wushobora gutuma riba ku nguvu canke ngo atume rinyaruka. Ukwo ni ko bimeze no kw’ikura ryo mu buryo bw’impwemu. Igihe Yehova aretse ukuri kugakurira mu mutima w’umuntu afise agatima kabereye, iryo kura rica rigenda riraba intambwe ku yindi.​—Ibik. 13:48; Heb. 6:1.

      17. Ni bande banezerwa igihe imbuto yerekeye ukuri yamye ivyamwa?

      17 None ni gute uwo mubivyi agira uruhara mw’iyimbura ry’ibiterwa “igihe vyeze”? Igihe Yehova atumye ukuri kwerekeye Ubwami gukurira mu mutima w’abigishwa bashasha, amaherezo abo bigishwa barashika aho urukundo bakunda Imana rubavyurira umutima wo kuyegurira ubuzima bwabo. Barabatizwa mu mazi kugira ngo berekane ko biyeguriye Imana. Abavukanyi babandanya gutera imbere bagana ku buhumure, buhorobuhoro baza baraba abashoboye kuzezwa amabanga yiyongereye mw’ishengero. Ivyamwa vy’Ubwami bishwaburwa n’umwe yatangura kubiba hamwe n’abandi bamamaji b’Ubwami boshobora kuba ubwabo batagize uruhara mu kubiba iyo mbuto yatumye uwo mwigishwa aboneka. (Soma Yohani 4:36-38.) Mu vy’ukuri, “umubivyi n’umushwabuzi [baranezeranwa] hamwe.”

  • ‘Imana ni yo ikuza’
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 15 Mukakaro
    • b Mu myaka yaheze vyari vyarasiguwe muri iki kinyamakuru yuko iyo mbuto igereranya kamere ziranga umuntu zikeneye kuguma zikura gushika zitsimbataye neza, izigenda ziragirwako akosho n’ibintu umuntu agenda aracamwo. Ariko rero, turakwiye kumenya yuko muri ico kigereranyo Yezu yatanze, iyo mbuto idahinduka ngo ibe mbi canke ngo ibe iyiboze. Avuga gusa ko iyo mbuto ikura ikama ivyamwa.​—Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1980, urupapuro rwa 17-19.

      c Ahandi hantu hamwe rudende iyo mvugo ikoreshwa ni mu Bikorwa 12:10, aho bivugwa ko umuryango w’irembo w’icuma ‘wiyugurura’ ubwawo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika