-
Igihe Yezu Aza mu Buninahazwa bw’UbwamiUmunara w’Inderetsi—1997 | 1 Ruheshi
-
-
4 None ni ibiki neza na neza izo ntumwa zitatu zabonye? Nguku uko Luka adondora ico kintu: “[Yezu] arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana. Abagabo babiri bavugana na we, yari Mose na Eliya, baboneka bafise ubgiza, bavuga ivyo kuzotāmbūra kwiwe, agira anonosorere i Yerusalemu.” Maze “igicu c’igipfungu kiraza, [gi]tera igitûtu [intumwa]; ico gipfungu kikibashikako, baratinya. Ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje natoranije, ni mumwumve.”—Luka 9:29-31, 34, 35.
-
-
Igihe Yezu Aza mu Buninahazwa bw’UbwamiUmunara w’Inderetsi—1997 | 1 Ruheshi
-
-
5. Uguhinduka ukundi kwakoze iki ku ntumwa Petero?
5 Intumwa Petero yari amaze kugenekereza Yezu ko ari “Kristo, Umwana w’Imana nzima.” (Matayo 16:16) Amajambo ava mw ijuru yavuzwe na Yehova yaremeje ako karanga, kandi ukwo kubona Yezu yahindutse ukundi kwari imponjo y’ukuza kwa Kirisitu mu bubasha n’ubuninahazwa vy’Ubwami, kugira amaherezo acire imanza abantu. Imyaka irenga 30 inyuma y’ukwo guhinduka ukundi, Petero yanditse ati: “[Ntitwa]kurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye. Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara. Iryo jwi twaryumvise rivuye mw ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera.”—2 Petero 1:16-18; 1 Petero 4:17.
-