-
Umugenzi nyakuri ni nde?Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Yezu amubwira ati: “Wishuye neza; ‘guma ukora ivyo, uzoronka ubuzima.’” None ikiyago cabo gica kigarukira ng’aho? Uwo mugabo ntashaka inyishu y’ukuri gusa; arondera “kwiyerekana ko ari umugororotsi.” Ashaka ko Yezu yemera ko ivyiyumviro vyiwe ari vyo be n’uko agororotse mu buryo afata abandi. Ni co gituma abaza ati: “None mugenzanje ni nde?” (Luka 10:28, 29) Ico kibazo womengo kiroroshe ariko ni ikibazo c’inkoramutima. Uti gute?
Abayuda bemera ko ijambo ‘umugenzi’ ryerekeza gusa ku bantu bubahiriza imigenzo y’Abayuda, kandi womengo ibivugwa mu Balewi 19:18 birashigikira ico ciyumviro. Nkako, Abayuda mbere bavuga ko “bitemewe” kwifatanya n’umuntu atari Umuyuda. (Ivyakozwe 10:28) Birashoboka rero ko uwo mugabo, eka mbere na bamwebamwe mu bigishwa ba Yezu, biyumvira ko baba babaye abagororotsi igihe bagiriye ubuntu Umuyuda mwene wabo. Ariko rero, uwutari Umuyuda boshobora kumufata nabi, bibwira ko atari ‘umugenzi wabo.’
-
-
Umugenzi nyakuri ni nde?Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Mbega uburyo igitangaza bwo kwigisha! Iyo Yezu amubwira gusa ko abatari Abayuda na bo nyene ari abagenzi biwe, ubwo uwo mugabo n’abandi Bayuda bari ng’aho bari kuvyemera? Kumbure ntibari kuvyemera. Ariko rero, mu kwigana iyo nkuru isanzwe, akababwira ibintu basanzwe bazi, inyishu ya ca kibazo ngo “Mugenzanje ni nde?” yaciye itomoka. Uwerekanye ko ari umugenzi nyakuri ni urya yagaragaje urukundo n’ubuntu Ivyanditswe bidusaba kugirira abandi.
-