ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Nyakanga
    • 14. Muri wa mugani werekeye Umusamariya w’imbabazi, ni kubera iki biri n’ico bivuze kubona Yezu yakoresheje inzira yava “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko” kugira ngo ashikirize iciyumviro ciwe?

      14 Ubwa kabiri, ibuka wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi. Yezu yatanguye mu kuvuga ati: “Hābaye umuntu yar’avuye i Yerusalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barīgīra, basiga ashigaje gatoya agahwera.” (Luka 10:30) Mu buryo buri n’ico buvuze, Yezu yakoresheje inzira yava “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko” kugira ngo ashikirize iciyumviro ciwe. Igihe yaca uwo mugani, yari i Yudaya, atari kure uvuye i Yeruzalemu; gutyo abamwumviriza bishoboka ko bari bazi iyo nzira. Iyo nzira yavuga vyari bizwi ko irimwo ingeramizi, canecane ku muntu yaba ariko ayicamwo ari wenyene. Yaca mu gahinga, bigatuma habaho ahantu henshi hihishije abambuzi binyegeza.

      15. Ni kubera iki ata n’umwe yari gushobora gusigura mu buryo bwumvikana ukwo kutanegwa ibintu kw’uwo muherezi n’uwo Mulewi bavugwa muri ca kigereranirizo cerekeye Umusamariya w’imbabazi?

      15 Hari ikindi kintu cibonekeje catumye Yezu akoresha iyo nzira yava “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko.” Nk’uko iyo nkuru ibivuga, ubwa mbere umuherezi be n’Umulewi yakurikiye mu nyuma na bo nyene bariko baca muri iyo nzira, naho nyene ata n’umwe yahagaze ngo afashe uwo muntu yagiriwe nabi. (Luka 10:31, 32) Abaherezi bakorera ku rusengero i Yeruzalemu, Abalewi na bo bakabasahiriza. Abaherezi benshi be n’Abalewi benshi baba i Yeriko igihe bataba bariko barakorera ku rusengero, kubera ko i Yeriko hari ku birometero 23 gusa uvuye i Yeruzalemu. Ku bw’ivyo, nta gukeka ko baronka akaryo ko guca muri iyo nzira. Urabona kandi yuko uwo muherezi n’uwo Mulewi bariko baca muri iyo nzira “[iva] i Yerusalemu,” gutyo bakaba bari bavuye ku rusengero.b Nta n’umwe rero yari gushobora gusigura mu buryo bwumvikana igituma abo bagabo bagaragaje ukwo kutanegwa ibintu ngo avuge ati: ‘Birinze uwo muntu yamerewe nabi kubera yasa n’uwapfuye, kandi gukora ku muvyimba vyotumye baba abatabereye gukora ku rusengero mu gihe gitoyi.’ (Abalewi 21:1; Guharūra 19:11, 16) Ntibitomoye none yuko ikigereranirizo ca Yezu cagaragaza ibintu abamwumviriza bari bamenyereye?

  • ‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Nyakanga
    • b Yeruzalemu hari hakirurutse kurusha Yeriko. Ku bw’ivyo, igihe umuntu afashe inzira iva “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko,” nk’uko vyavuzwe muri uwo mugani, yagenda ‘amanuka.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika