ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Dukwiye Kuzamba Mana Dute?
    Umunara w’Inderetsi—1996 | 1 Myandagaro
    • IGIHE umuyoboke umwe yasaba incishabwenge iraba ivy’ukuzamba, Yezu ntiyanse kuyimuha. Dukurikije Luka 11:2-4, yasubijeyo ati: “Ni mwasenga, muvuge muti Data, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze; imisi yose uduhe ivyo kurya vyayo; uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi.” Iryo risanzwe rizwi ko ari Izambo ry’Umukama. Ritekeye amabwiro menshi agahinga.

  • Dukwiye Kuzamba Mana Dute?
    Umunara w’Inderetsi—1996 | 1 Myandagaro
    • Birakwegēra kubona Yezu kandi yararanze ko amazambo yacu yoshobora gushirwamwo kandi ibintu vyacu bwite bituraza ishinga. Yavuze ati: “Imisi yose uduhe ivyokurya vyayo. Uturekurire ibicumuro vyacu, nkuko natwe nyene turekurira abadufitiye umwenda bose. Kandi, ntuturekure ngo dutsindwe n’inyosha mbi.” (Luka 11:3, 4, UB) Amajambo ya Yezu arimwo ivy’uko dushobora kurondera igomba rya Mana mu bintu vya misiyose, yuko dushobora kwegera Yehova ku kintu ico ari co cose gishobora kuba kiduhagaritse umutima canke kituvurugiye amahoro y’umuzirikanyi. Ugutakambira Imana ubudahorereza muri ubwo buryo biradufasha gutegera yuko ari we tuzeye. Turaheza tugacika abazi neza kuruta ico ashobora kugira ku buzima bwacu. Ugusaba Mana buri musi ngo aturekurire inabi zacu na vyo nyene ni nzanakunguko. Gutyo turaheza tugacika abazi neza ubugoyagoye bwacu—bigatuma turushirizaho kuba abarenza uruho rw’amazi ku dukosa tw’abandi. Umwihanikizo Yezu yagize w’uko tuzamba ngo duhabûzwe mu nyosha mbi na wo nyene urabereye, canecane turavye ukuntu ivy’ukwigenza runtu kw’iyi si bitera bigwa. Duhuje n’iryo zambo, turabá maso ngo tuzibukīre ibihe hamwe n’inyifato z’ibintu vyohava bitujana mu bugiranabi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika