-
Woba uri “umutunzi ku Mana”?Umunara w’Inderetsi—2007 | 1 Myandagaro
-
-
7. Wa mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yavyifashemwo gute mu ngorane yiwe?
7 Tugarutse kuri ca kigereranirizo Yezu yatanga, mbega wa mugabo w’umutunzi yakoze iki igihe itongo ryiwe ryimbuka cane gushika n’aho abura aho ashira umwimbu wiwe? Yaciye afata ingingo yo gusambura ibigega yari afise no kwubaka ibindi binini kugira ngo yimburiremwo intete zose z’umusesekara be n’ibintu vyiza vyose yimbuye. Uwo mugambi bisa n’uko watumye yumva umenga aratekaniwe kandi ashize akanyota, ku buryo yiyumviriye ati: “Nzobwira umutima wanje nti: ‘Mutima, urafise ibintu vyiza vyinshi birundanirijwe imyaka myinshi; niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe’”.—Luka 12:19, NW.
Ni kubera iki yari “imburabwenge”?
8. Ni ikintu ikihe gihambaye cane wa mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yirengagije?
8 Ariko rero nk’uko Yezu yavyerekanye, umugambi w’uwo mugabo w’umutunzi watumye agira gusa ugutekanirwa kutari ukw’ukuri. Naho uwo mugambi wasa n’uwuranga ubukerebutsi, wari ubuzemwo ikintu kimwe gihambaye cane, ico na co kikaba ari ukwisunga ivyo Imana igomba. Uwo mugabo yiyumvira ibimwerekeye gusa, ni ukuvuga ukuntu yari gushobora kwiraramira, akarya, akanywa, akongera akinezerererwa. Yiyumvira yuko kubera ko yari afise “ibintu vyiza vyinshi” yociye abaho “imyaka myinshi”. Ikibabaje kuri we, ibintu ntivyagenze nk’uko yavyiyumvira. Nk’uko nyene Yezu yari yabivuze imbere y’uko avuga uwo mugani, “no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze” (Luka 12:15, NW). Muri iryo joro nyene, ibintu vyose uwo mugabo yari yarakoreye agatama vyari gushikirwa n’iherezo ritari ryitezwe, kuko Imana yamubwiye iti: “Wa mburabwenge we, iri joro barakwaka ubuzima bwawe. None ibintu warunze bizoba ivya nde?”.—Luka 12:20, NW.
-
-
Woba uri “umutunzi ku Mana”?Umunara w’Inderetsi—2007 | 1 Myandagaro
-
-
10. Ni kubera iki gutunga “ibintu vyiza vyinshi” atari icemeza ko umuntu azobaho “imyaka myinshi”?
10 Birabereye ko tugumiza ico cigwa mu muzirikanyi. Twoba dukwiye kumera nk’uwo mugabo avugwa muri uwo mugani, tugakora tugatama kugira ngo tugerageze uko bishoboka kwose kuronka “ibintu vyiza vyinshi”, mugabo tukananirwa gukora ibikenewe kugira ngo turonke icizigiro co kuzobaho “imyaka myinshi” (Yohana 3:16; 17:3)? Bibiliya ivuga iti: “Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake”, ikavuga kandi ko “uwizigira ubutunzi bgiwe azotemba” (Imigani 11:4, 28). Ni co gituma Yezu yuhiriye kuri uwo mugani iyi nkeburo yo gusozera igira iti: “Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi mugabo atari umutunzi ku Mana”.—Luka 12:21, NW.
-