ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”
    Niwigane ukwizera kwabo
    • 10 Mariya na Yozefu basanze ako gasagara karimwo abantu isinzi. Abandi bari bashitse imbere y’abo kugira ngo biyandikishe, kikaba ari co gituma ata kibanza baronse mu ndaro.b Nta handi bari kurara muri iryo joro uretse mu ruhongore rw’inka. Turashobora kwiha ishusho ingene Yozefu yabuze amahoro kubona umukenyezi wiwe ariko aricwa n’umubabaro ukomeye utari bwigere umushikira kandi waguma wiyongera. Niwumve na we aho hantu ibise vyamufatiye.

      11. (a) Ni kubera iki ata mugore n’umwe atokwumvira akagongwe Mariya? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yari “imfura”?

      11 Nta mugore n’umwe atokwumvira akagongwe Mariya. Imyaka nka 4.000 imbere y’aho, Yehova yari yaravuze yuko abagore bose bogize ububabare mu gihe c’ukwibaruka kubera icaha twarazwe. (Ita. 3:16) Nta kimenyamenya kihari cerekana ko Mariya atoba na we nyene yaragize mwene ubwo bubabare. Inkuru ya Luka ntiyigana mu buryo budomako ububabare Mariya yoba yaragize kuko yo yivugira gusa iti: “Yibaruka umwana wiwe w’umuhungu, imfura.” (Luka 2:7) Emwe, “imfura” yiwe yari ibonetse, ni ukuvuga imfura mu bana benshi Mariya yibarutse, bose hamwe bakaba n’imiburiburi bari indwi. (Mrk. 6:3) Ariko uwo mwana yobaye atandukanye n’abandi. Ntiyari imfura ya Mariya gusa, ariko kandi yari “imfura mu biremwa vyose” Yehova ubwiwe yaremye, wa Mwana w’ikinege w’Imana!​—Kol. 1:15.

      12. Mariya yaryamitse uruyoya rwiwe hehe, kandi ni gute ukuri kwerekeye iyo nkuru gutandukanye cane n’ibikino, ibicapo be n’utugenegene bijanye n’ivuka rya Yezu?

      12 Aha ni ho rero iyo nkuru ica yongerako amakuru y’ido n’ido azwi cane, agira ati: “Amuzingira mu dutambara, amuryamika mu bwato bw’ibitungwa.” (Luka 2:7) Ibikino, ibicapo be n’utugenegene bigirwa hirya no hino kw’isi ku bijanye n’ivuka rya Yezu birakuza inkuru kuri ico kintu. Ariko raba ukuri aho kuri. Ubwato bw’ibitungwa ni ikintu bashiramwo ivyatsi ibitungwa biriramwo. Niwibuke ko uwo muryango wari waronse indaro mu ruhongore rw’inka, ahantu gushika n’ubu atawokwigera abona ko ari ikibanza kirimwo akayaga keza canke gisukuye. Mu vy’ukuri, ni abavyeyi abahe bohisemwo aho hantu ngo babe ari ho bibarukira batabuze ukundi bari bubigire? Abavyeyi nka bose usanga bashaka ko abana babo bamererwa neza. Ese ingene Mariya na Yozefu bipfuza ko Umwana w’Imana amererwa neza!

      13. (a) Ni mu buryo ki Mariya na Yozefu bakoze ivyo bari bashoboye vyose bivanye n’uburyo bari bafise? (b) Ni gute muri iki gihe abavyeyi b’inkerebutsi bashobora kubona ibikwiye kuza imbere y’ibindi nka kumwe kwa Yozefu na Mariya?

      13 Ariko rero, ntibaretse ngo ukuba hari ivyo batari bashoboye bitume bagira umujinya. Bakoze gusa ivyo bari bashoboye vyose bivanye n’uburyo bari bafise. Nk’akarorero, urabona ko Mariya ubwiwe yitayeho urwo ruyoya mu kuruzingira mu dutambara hanyuma akaruryamika neza mu bwato bw’inka, yizigiye adakeka ko rutokwishwe n’imbeho kandi ko atacoruriye n’urwara. Mariya ntiyaretse na gatoyi umwitwarariko yari afise ku bijanye n’uko ibintu vyari vyifashe ico gihe ngo utume asamara maze ntaronse urwo ruyoya ivyo yari ashoboye vyose. We hamwe na Yozefu bari bazi kandi yuko kwitwararika ivyo uwo mwana akeneye mu vy’impwemu cobaye co kintu gihambaye cane bomugiriye. (Soma Gusubira mu vyagezwe 6:6-8.) Muri iki gihe, abavyeyi b’inkerebutsi barabona ko ibintu mwene ivyo ari vyo bikwiye kuza imbere y’ibindi uko barerera abana babo muri iyi si ititaho ivy’impwemu.

  • Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”
    Niwigane ukwizera kwabo
    • b Muri ico gihe, vyari bisanzwe bimenyerewe ko ibisagara biba birimwo indaro ingenzi n’abadandaza bashobora kuraramwo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika