-
Ni bande Imana itumira ku nzimano?Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Agira ati: “Umuntu umwe yari yateretse imfungurwa nyinshi zo ku mugoroba, atumira benshi. Hanyuma atuma umushumba wiwe . . . ngo abwire abatumire ati: ‘Nimuze, kuko ibintu ubu biteguye.’ Mugabo batangura kuzana ivyitwazo bose cokimwe. Uwa mbere amubwira ati: ‘Naguze itongo nkaba nkeneye kuja kuriraba; ndagusavye untunge.’ Uwundi avuga ati: ‘Naguze inka cumi none ngiye kuzisuzuma; ndagusavye untunge.’ Uwundi na we avuga ati: ‘Mperutse kuzana umugore, ni co gituma ntashobora kuza.’”—Luka 14:16-20.
-
-
Ni bande Imana itumira ku nzimano?Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
Ivyo Yezu ahejeje kuvuga birerekana neza ukuntu Yehova Imana yasavye Yezu Kristu ngo atumire abantu kugira bazoshobore kwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru. Abayuda, na canecane indongozi z’idini, ni bo batanguye gutumirwa. Muri rusangi, baranse ubutumire Yezu yabahaye mu kiringo cose yaranguye igikorwa ciwe. Ariko si bo bonyene bohawe ubwo butumire. Yezu arerekana neza ko muri kazoza ubundi butumire bwohawe Abayuda batobato hamwe n’abinjiye idini ry’Abayuda. Mu nyuma, ubutumire bugira gatatu ari na bwo bwa nyuma, bwohawe abantu Abayuda biyumvira ko badashimwa n’Imana.—Ivyakozwe 10:28-48.
-