ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ubwami bw’Imana buraganza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 2. Kuva mu 1914, ibintu vyifashe gute kw’isi kandi abantu bigenza gute?

      Abigishwa ba Yezu bamubajije bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:3) Mu kubishura, Yezu yababwiye ibintu vyobaye atanguye kuganza mw’ijuru ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Bimwe muri ivyo ni intambara, amapfa na vya nyamugigima. (Soma Matayo 24:7.) Bibiliya yari yaravuze kandi ko inyifato y’abantu bo mu “misi ya nyuma” yotumye mu buzima haba ibintu “bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ivyo bintu vyose vyararushirije kwibonekeza kuva mu 1914.

      3. Kubera iki ibintu vyarushirije kwunyuka kuva Ubwami bw’Imana butanguye kuganza?

      Haciye igihe gitoyi Yezu abaye Umwami w’Ubwami bw’Imana, harabaye intambara mw’ijuru hagati yiwe hamwe na Shetani n’amadayimoni yiwe. Ariko Shetani yaratsinzwe. Bibiliya ivuga ko “[yararirijwe] kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.” (Ivyahishuwe 12:9, 10, 12) Shetani afise ishavu ryinshi kubera azi yuko agiye gukurwaho. Ni yo mpamvu ariko aratera ingorane n’imibabaro kw’isi yose. Ivyo biradufasha gutahura igituma ibintu vyifashe nabi kw’isi. Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho izo ngorane zose.

  • Ubwami bw’Imana buraganza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 5. Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914

      Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914 (1:10)

      Yezu yari yaravuze ibintu vyobaye kw’isi amaze kuba Umwami. Nimusome Luka 21:9-11, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Muri ivyo bintu dusomye, ni ibiki umaze kwibonera canke kwumva?

      Intumwa Paulo yaravuze ukuntu abantu bobaye bameze mu kiringo ca nyuma c’intwaro z’abantu. Nimusome 2 Timoteyo 3:1-5, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Woba umaze kwibonera abantu bameze gutyo muri iki gihe?

      Amafoto: Amafoto yerekana ingene mu misi ya nyuma ibintu vyobaye vyifashe. 1. Intwazangabo iriko isemerera yadugije amaboko hejuru. 2. Inzu zabomaguritse kubera nyamugigima. 3. Indege za gisirikare. 4. Abantu bambaye udupfuka umunwa n’izuru bariko bagendagenda. 5. Za gorofa zibiri zisa zo muri Amerika ziriko zirasha inyuma y’igitero ca ba gaterabwoba. 6. Umugabo ariko akoresha ibiyayuramutwe. 7. Umugabo ariko ashwanira umugore wiwe. 8. Ibiyayuramutwe bitandukanye hamwe n’inzoga. 9. Abagore babiri bambaye impuzu zigezweho bariko barifotora. 10. Umugabo ariko aririmbira imbere y’abantu mu giteramo. 11. Umuntu ari mu migumuko agira atere ikintu.
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika