-
Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2020 | No. 2
-
-
Yezu yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami buhagurukire ubundi bwami; kandi hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi.” (Luka 21:10, 11) Ivyo bintu vyose rero bibera mu kiringo kimwe, bigize ikimenyetso ntaharirizwa cerekana ko “ubwami bw’Imana buri hafi.” None ivyo bintu vyoba vyarabaye mu kiringo kimwe kandi bikibonekeza hirya no hino kw’isi? Rimbura ibimenyamenya.
-
-
Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2020 | No. 2
-
-
2. VYA NYAMUGIGIMA
Igitabu kimwe (Britannica Academic) kivuga ko buri mwaka haba vya nyamugigima nka 100 bishoboye “gutikiza abantu n’ibintu.” Urwego rwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika rugira ubushakashatsi mu vy’ubutaka, na rwo ruvuga ruti: “Dufatiye ku makuru yagiye aratororokanywa (kuva nko mu 1900), buri mwaka twitega ko haba vya nyamugigima bikomakomeye nka 16.” Naho hari abavuga yuko ico gitigiri ciyongereye kubera ko ubu hari ubuhinga bwo kubipima, ikizwi coco ni uko hirya no hino kw’isi vya nyamugigima bikomakomeye biriko birakora ibara, kandi bigahitana abantu ku rugero rutari bwigere rubaho.
AMAPFA
Amapfa tubona hirya no hino kw’isi aterwa n’intambara, igiturire, ingorane zikomeye z’ivy’ubutunzi, gutunganya nabi uburimyi canke kudategekanya ingene bohangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere. “Icegeranyo c’umwaka wa 2018” c’Ishirahamwe mpuzamakungu PAM kigira giti: “Kw’isi yose, abantu imiliyoni 821 barashonje, imiliyoni 124 muri bo bakaba basinzikaye cane.” Gufungura nabi vyatumye abana nk’imiliyoni 3 n’ibihumbi 100 bapfa buri mwaka. Mu mwaka wa 2011, hafi ica kabiri c’abana bapfuye kw’isi yose bishwe no gufungura nabi.
4. INDWARA N’IBIZA
Icegeranyo c’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, kivuga yuko ikinjana ca 21 caranzwe n’ibiza bikomakomeye. Kivuga ko indwara za kera zagarutse, nka korera, fièvre jaune be n’izindi, mbere ko hari n’izindi nshasha zadutse, nk’indwara zo guhema nabi, ikiza c’akamangu, Ebola na Zika. Ikiza ca Korona ni co ca vuba. Naho abahinga be n’abaganga bamenye vyinshi ku bijanye n’indwara, vyarabananiye gutora umuti w’indwara zose.
-