ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Isi itarimwo indwara
    Be maso!—2004 | Mukakaro 8
    • None twokwitega yuko Ubwami bw’Imana buzoza ryari? Igihe Yezu yariko yishura ico kibazo, yarabuye yuko ababa kw’isi bobonye ibintu vyogiye biraba bikurikirana, bikaba vyotanze ikimenyetso cerekana yuko Ubwami bwimirije kugira ico bukoze. Yavuze yuko kimwe muri ivyo bintu cobaye ukwaduka ‘kw’ibiza hirya no hino’ (Luka 21:10, 11; Matayo 24:3, 7). Ijambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe ku ‘biza’ ryerekeza ku “ndwara iyo ari yo yose yica kandi yandukira”. Ikinjana ca 20 cariboneye vy’ukuri ukwaduka guteye ubwoba kw’ibiza, naho habaye amaterambere menshi mu vy’ubuvuzi.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abapfuye bivuye ku ndwara z’ibiza kuva mu 1914”.

      Hari ubuhanuzi bwo mu gitabu c’Ivyahishuriwe, buhuye n’amajambo ya Yezu yo mu Njili, budondora abagendera ku mafarasi benshi bakurikira Yezu Kirisitu igihe ahabwa ububasha mw’ijuru. Uwugendera kw’ifarasi agira kane ari kw’ “ifarasi ibenjutse”, akaba kandi agenda arasiga “akaranda” canke ikiza cica aho aciye (Ivyahishuriwe 6:2, 4, 5, 8, UB). Wihweje abishwe na zimwezimwe mu ndwara nyamukuru zandukira kuva mu 1914, uca ubona yuko uwo muntu agendera kw’ifarasi w’ikigereranyo akokeye. Ukuba isi iyo iva ikagera iriko irakubitwa n’ “akaranda” canke ikiza cica biratanga ikindi kimenyamenya c’uko Ubwami bw’Imana buri hafib.—Mariko 13:29.

  • Isi itarimwo indwara
    Be maso!—2004 | Mukakaro 8
    • [Uruzitiro ku rup. 12]

      Abapfuye bivuye ku ndwara z’ibiza kuva mu 1914

      Ibiharuro bikurikira ni ivyo bagereranije gusa. Ariko rero, birerekana urugero indwara z’ibiza zashikanyeko mu gutikiza abantu kuva mu 1914.

      ◼ Indwara y’ibihara (abantu bari hagati y’imiliyoni 300 n’imiliyoni 500) Nta muti ruhasha w’ibihara wigeze utorwa. Porogarama yo gucandaga abantu ikivunga kw’isi yose ni yo yahavuye ihagarika iyo ndwara mu 1980.

      ◼ Igituntu (abantu bari hagati y’imiliyoni 100 n’imiliyoni 150) Muri iki gihe igituntu cica abantu nk’imiliyoni zibiri ku mwaka ku mwaka, kandi umuntu 1 kuri 3 kw’isi usanga afise umugera w’igituntu.

      ◼ Malariya (abantu bari hagati y’imiliyoni 80 n’imiliyoni 120) Mu gice ca mbere c’ikinjana ca 20, abishwe na malariya bagumye bashika nko ku miliyoni zibiri ku mwaka ku mwaka. Igitigiri kinini c’abapfa ubu tugisanga muri Afirika mu gice co mu Bumanuko bwa Sahara, aho malariya yica abantu barenga umuliyoni umwe uko umwaka utashe.

      ◼ Ya nyonko yitwa inyonko yo muri Esupanye (abantu bari hagati y’imiliyoni 20 n’imiliyoni 30) Abatohozakahise bamwebamwe bavuga yuko hapfuye abaruta abo. Ico kiza ruhonyanganda carabiciye biracika kw’isi mu 1918 no mu 1919, intambara ya mbere y’isi yose ikimara kurangira. “Mbere na ca kiza ciswe peste bubonique nticishe abantu benshi mu gihe gito nk’ico”. Ivyo bivugwa mu gitabu Umuntu be n’imikorobi.—Mu congereza.

      ◼ Tifunsi (abantu nk’imiliyoni 20) Ibiza vya tifunsi akenshi bikurikira intambara, intambara ya mbere y’isi ikaba yaratumye haba ikiza ca tifunsi cabiciye bigacika mu bihugu vyo mu Buraya bwo mu Buseruko.

      ◼ SIDA (imiliyoni zirenga 20) Ico kiza ruhonyanganda ubu cica abantu bashika ku miliyoni zitatu ku mwaka ku mwaka. Ibitigiri vyo kugereranya bitangwa n’umugambi w’Ishirahamwe mpuzamakungu wishinze kurwanya ikiza ca SIDA, vyerekana yuko “abantu nibatikingira ico kiza bimwe bikomeye kandi ngo bongereze utwigoro two kukivura, abantu imiliyoni 68 bazopfa . . . hagati y’umwaka wa 2000 na 2020”.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika