-
“Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Mukakaro
-
-
2. Ni igiki abakirisu bo mu 66 inyuma ya Kristu bari bakwiye gukora, kandi ivyo vyashobotse gute?
2 Nta gukeka ko wibuka amajambo Yezu yavuze yanditswe n’umwanditsi w’Injili Luka agira ati: “Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje.” (Luka 21:20) Ariko rero, woshobora kwibaza uti: ‘Nari gushobora gute kugamburuka ubuyobozi buri muri iyo ngabisho?’ Yezu yavuze kandi ati: “Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo.” (Luka 21:21) None abakirisu bari gushobora gute kuva i Yeruzalemu kandi hari hakikujwe n’ingabo nyinshi gutyo? Hari ikintu gitangaje caciye kiba. Erega, za ngabo z’Abaroma zaciye zitangura gukura meza! Nk’uko vyari vyaravuzwe, igitero cabo cari ‘kigeruwe.’ (Mat. 24:22) Haciye rero haboneka akaryo ko kugamburuka bwa buyobozi Yezu yari yaratanze. Abakirisu b’abizigirwa bose bari muri ico gisagara no mu micungararo yaco baciye bahungira mu misozi hakurya y’Uruzi Yorodani.a Mu nyuma mu 70 inyuma ya Kristu, izindi ngabo z’Abaroma zarateye Yeruzalemu, ziratikiza ico gisagara. Mugabo abagamburutse ubuyobozi bwa Yezu bose bararokotse.
-
-
“Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Mukakaro
-
-
IGIHE C’UKUGERAGEZWA NO GUCIRWA URUBANZA
7, 8. Ni akaryo akahe kazoboneka inyuma y’ugutikizwa kw’amashirahamwe y’amadini y’ikinyoma, kandi ico gihe abasavyi b’Imana b’abizigirwa bazokwerekana gute ko batandukanye n’abandi?
7 Ni ibiki bizoshika amashirahamwe y’amadini y’ikinyoma amaze gutikizwa? Kizoba ari igihe co guhishura ibiri mu mutima wacu vy’ukuri. Abantu benshi bazorondera guhungira mu mashirahamwe y’abantu agereranywa n’“ibitandara vyo mu misozi.” (Ivyah. 6:15-17) Abasavyi ba Yehova bobo bazohungira kuri we. Mu kinjana ca mbere, ka gahengwe nticari co gihe c’uko Abayuda benshi bacika abakirisu. Cari igihe nyabuna c’uko abari basanzwe ari abakirisu bagira ico bakoze, bakagamburuka. Muri ubwo buryo nyene, ntitwokwitega yuko agahengwe kazoboneka mu gihe ca ya makuba akomeye kazotuma abantu benshi bacika abemera. Kazoba nyabuna ari akaryo abemera b’ukuri bose baronse ko kwerekana yuko bakunda Yehova no gushigikira bene wabo na Kristu.—Mat. 25:34-40.
8 Naho tudatahura neza ibintu vyose bizoshika muri ico gihe c’ibigeragezo, turashobora kwitega ko bizosaba ko tugira ivyo duhevye ku rugero runaka. Mu kinjana ca mbere, abakirisu babwirijwe guheba ivyo bari batunze no kwihanganira ingorane kugira ngo barokoke. (Mrk. 13:15-18) Twoba tuzokwemera guheba ivyo dutunze kugira tugume turi abizigirwa? Twoba tuzogira umutima ukunze wo gukora ivyo tuzosabwa vyose kugira ngo twerekane ko turi intahemuka kuri Yehova? Zirikana gatoyi! Ico gihe, ni twebwe twenyene tuzokurikiza akarorero k’umuhanuzi Daniyeli wa kera mu kubandanya dusenga Imana naho hoshika iki.—Dan. 6:10, 11.
-