-
Ingene twoshikira umutima w’incuti zitemeraUmunara w’Inderetsi—2014 | 15 Ntwarante
-
-
Mu kinjana ca mbere, Andereya yari umwe mu bantu ba mbere bamenye ko Yezu yari we Mesiya. None ni nde yaciye abwira ico kintu yari yamenye? Andereya “yabanje kurondera mwene wabo bwite Simoni, amubwira ati: ‘Twabonye Mesiya’ (bikaba bisobanura ngo ‘Kristu’).” Yaciye ajana Petero kuri Yezu, gutyo aba amuhaye akaryo ko kuba umwe mu bigishwa ba Yezu.—Yoh. 1:35-42.
-
-
Ingene twoshikira umutima w’incuti zitemeraUmunara w’Inderetsi—2014 | 15 Ntwarante
-
-
Ni igiki twigira kuri Andereya na Koruneliyo turavye ukuntu bafashe incuti zabo?
Yaba Andereya canke Koruneliyo, nta waretse ngo ibintu bipfe kwikora. Andereya ubwiwe yaramenyekanishije Petero kuri Yezu, Koruneliyo na we yaratunganije ivy’uko incuti ziwe zumva ivyo Petero yari agiye kuvuga. Mugabo Andereya na Koruneliyo ntibahase incuti zabo canke ngo bagerageze ku mayeri kubakwegakwega ngo bacike abayoboke ba Kristu. Woba ubona icigwa twohakura? Vyoba vyiza tubigenjeje gutyo nyene. Twoshobora kubwira incuti zacu ivyiyumviro bimwebimwe gutyo tugatuma zironka uturyo two kumenya ukuri kwo muri Bibiliya be n’abo dusangiye ukwemera. Ariko rero, turubahiriza uburenganzira bafise bwo kwihitiramwo maze tukirinda kubahata. Kugira twerekane ukuntu dushobora gufasha incuti zacu, rimbura akarorero ka Jürgen na Petra, bano bakaba ari abubakanye bo mu Budagi.
-