ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 3. Nurabe ukuri ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe

      Kw’isi yose, abantu bemera ibitandukanye ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe. Emwe birumvikana ko ivyo bemera atari vyose ari ukuri.

      • Aho iwanyu bavuga ko abapfuye bamerewe gute?

      Kugira ubone ivyo Bibiliya yigisha, nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Abapfuye bamerewe gute?—Agace (1:19)

      Amafoto: Agafoto kakuwe mw’ividewo ‘Abapfuye bamerewe gute?—Agace.’ 1. Ikiziga c’umuntu kiri ku gitanda co kwa muganga. 2. Umuntu asinziriye hagati y’abantu babiri bari mw’igariyamoshi.

      Nimusome Umusiguzi 3:20, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wisunze uwo murongo, iyo umuntu apfuye bimugendera gute?

      • Hoba hari ikintu kidapfa gisigara iyo umuntu apfuye?

      Bibiliya iratubwira ivyerekeye urupfu rwa Lazaro, akaba yari umugenzi somambike wa Yezu. Uko musoma Yohani 11:11-14, nurabe ico Yezu yavuze ku bijanye n’ukuntu Lazaro yari amerewe. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yezu yagereranije urupfu n’iki?

      • Ukwo kuntu Yezu yagereranije urupfu, bitwigisha iki ku bijanye n’ingene abapfuye bamerewe?

      • Ubona iyo nyishu Bibiliya itanga ku vyerekeye urupfu yumvikana?

  • Abawe bapfuye bazosubira kuba bazima
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Yezu ahejeje kuzura Lazaro, abandi bantu bariko barabiraba batangaye cane.

      4. Yezu yarerekanye ko ashoboye kuzura abapfuye

      Nurabe ayandi makuru ku bijanye n’ukuntu Yezu yazuye Lazaro. Nimusome Yohani 11:14, 38-44, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Twemezwa n’iki ko Lazaro yari yapfuye koko?—Raba umurongo wa 39.

      • Iyaba Lazaro yari yagiye mw’ijuru, wibaza ko Yezu yari kumuzura ngo agaruke kw’isi?

      Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Yezu azura Lazaro (1:16)

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika