-
Bitugendera gute iyo dupfuye?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
3. Nurabe ukuri ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe
Kw’isi yose, abantu bemera ibitandukanye ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe. Emwe birumvikana ko ivyo bemera atari vyose ari ukuri.
Aho iwanyu bavuga ko abapfuye bamerewe gute?
Kugira ubone ivyo Bibiliya yigisha, nimurabe iyo VIDEWO.
Nimusome Umusiguzi 3:20, muce muganira kuri ibi bibazo:
Wisunze uwo murongo, iyo umuntu apfuye bimugendera gute?
Hoba hari ikintu kidapfa gisigara iyo umuntu apfuye?
Bibiliya iratubwira ivyerekeye urupfu rwa Lazaro, akaba yari umugenzi somambike wa Yezu. Uko musoma Yohani 11:11-14, nurabe ico Yezu yavuze ku bijanye n’ukuntu Lazaro yari amerewe. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:
Yezu yagereranije urupfu n’iki?
Ukwo kuntu Yezu yagereranije urupfu, bitwigisha iki ku bijanye n’ingene abapfuye bamerewe?
Ubona iyo nyishu Bibiliya itanga ku vyerekeye urupfu yumvikana?
-
-
Abawe bapfuye bazosubira kuba bazimaUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
4. Yezu yarerekanye ko ashoboye kuzura abapfuye
Nurabe ayandi makuru ku bijanye n’ukuntu Yezu yazuye Lazaro. Nimusome Yohani 11:14, 38-44, muce muganira kuri ibi bibazo:
Twemezwa n’iki ko Lazaro yari yapfuye koko?—Raba umurongo wa 39.
Iyaba Lazaro yari yagiye mw’ijuru, wibaza ko Yezu yari kumuzura ngo agaruke kw’isi?
-