-
Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantuUmunara w’Inderetsi—2006 | 15 Gitugutu
-
-
3. Ni urubanza bwoko ki rwabereye i Kana Yezu yagize ico aterereyemwo?
3 Abisirayeli babona ko ukwo kuzana umugeni mu nzu ari bwo bugeni. Amaze kumushikana mu nzu, barashobora guca bagira amazimano y’ubwo bugeni, nk’amwe avugwa muri Yohana 2:1. Uravye muri Bibiliya nyinshi, usanga uwo murongo uvuga mu buryo busa n’ubu uti: “Haba ubugeni i Kana”. Ariko ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ng’aho ngo “ubugeni”, umuntu arihinduye neza yovuga ngo “ubukwe” canke “amazimano y’ubugeni”a (Matayo 22:2-10; 25:10; Luka 14:8). Iyo nkuru yerekana neza yuko Yezu yitavye amazimano ajanye n’ubugeni bw’Abayuda, kandi aranagira ico aterereyemwo. Ariko rero, ikintu nyamukuru cibonekeza ni uko ukuntu ubugeni bwagirwa ico gihe gutandukanye n’ukuntu bukunda kugirwa muri iki gihe.
-
-
Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantuUmunara w’Inderetsi—2006 | 15 Gitugutu
-
-
a Iryo jambo nyene ryo mu rurimi rw’intango ryarashobora gukoreshwa no ku musi mukuru utajanye n’ubugeni.—Esiteri 9:22, wisunze ya Bibiliya yitwa Septante.
-