ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Iratahura umubabaro tugira
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 1 Rusama
    • Igihe urupfu rwakubiranya Lazaro umugenzi wa Yezu, yaciye afata urugendo aja mu gisagara Lazaro yabamwo. Birumvikana ko bashiki ba Lazaro, ari bo Mariya na Marita, bari bishwe n’intuntu. Yezu yarakunda cane uwo muryango. (Yohani 11:5) None yari kuvyifatamwo gute? Iyo nkuru ivuga iti: “Yezu, . . . aho [aboneye Mariya] ariko ararira n’Abayuda bazananye na we bariko bararira, araniha mu mutima, ahagarika umutima; hanyuma avuga ati: ‘Mwamushize hehe?’ Bamubwira bati: ‘Mukama, ingo urabe.’ Yezu arakorora amosozi.” (Yohani 11:33-35) None ni kubera iki Yezu yarize? Ego ni ko uwo mugenzi wiwe yakunda cane Lazaro yari yapfuye, mugabo Yezu yari agiye kumusubiza ubuzima mu kumuzura. (Yohani 11:41-44) Hoba hari ikindi kintu cavyuriye Yezu umubabaro mu mutima?

      Nusubire wihweze amajambo yasubiwemwo aho haruguru. Urabona ko igihe Yezu yabona Mariya be n’abo bari kumwe bariko bararira, yaciye ‘aniha’ yongera “a[ra]hagarika umutima.” Amajambo yakoreshejwe mu rurimi rw’intango muri uwo murongo yerekeza ku kugira ikigumbagumba.a Yezu yaragize umubabaro mwinshi mu mutima bivanye n’ivyo yari abonye. Ukuba yaragize ikigumbagumba vyaragaragariye ku kuntu amaso yiwe yuzuye amosozi. Biragaragara ko Yezu yari ababajwe cane n’umubabaro abo bantu bari bafise. Vyoba biragushikira ugakorora amosozi kubera yuko umuntu ukunda ariko ararira?​—Abaroma 12:15.

  • Iratahura umubabaro tugira
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 1 Rusama
    • a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “arakorora amosozi” akenshi ryerekeza ku “kurira udasohora ijwi,” mu gihe ijambo ryakoreshejwe mu kuvuga ukuntu Mariya be n’abo bari kumwe barize, ryoshobora gusigura “kuboroga, [canke] gucura intimba.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika