-
“Ndicisha bugufi”“Ingo unkurikire”
-
-
17-19. (a) Buca Yezu yicwa, ni icigwa c’intibagirwa ikihe yigishije intumwa ziwe mu bijanye n’ukwicisha bugufi? (b) Icigwa c’ukwicisha bugufi gikomeye kuruta ibindi vyose Yezu yatanze igihe yari kw’isi ni ikihe?
17 Ntivyaboroheye. Ntibwari ubwa mbere canke ubwa nyuma Yezu abigisha ico cigwa. Imbere y’aho, igihe bahazuka ku bijanye n’uwari mukuru muri bo, yarafashe umwana mutoyi amushira hagati yabo maze ababwira ko bakwiye kumera nk’abana, abo muri rusangi usanga batagira ubwishime, uguhahamira ubukuru canke ibibanza nk’uko abakuze bakunze kubigira. (Matayo 18:1-4) Naho ari ukwo, buca yicwa yarabonye ko intumwa ziwe zitari bwavavanure n’ubwishime. Yaciye abigisha icigwa c’intibagirwa. Yarakenyeye igitambara maze akora igikorwa gikengeretse kuruta ibindi vyose, ico abashumba bari bamenyereye gukorera abashitsi. Yarogeje ibirenge umwumwe wese mu ntumwa ziwe, harimwo na Yuda, uwagira amugure!—Yohani 13:1-11.
18 Yezu yaratomoye icigwa abahaye igihe yababwira ati: «Ndabahaye akarorero.» (Yohani 13:15) Ico cigwa coba carahevye kikabanyura? Emwe, iryo joro nyene barasubiye guhazuka barondera kumenya uwoba yari mukuru muri bo! (Luka 22:24-27) N’ubundi Yezu yarabandanije kubihanganira, arabigisha yicishije bugufi. Ni ko guca abaha icigwa gikomeye kuruta ibindi vyose: «Yaricishije bugufi, aragamburuka gushika ku rupfu, emwe urupfu rwo ku giti co kubabarizwako.» (Abafilipi 2:8) Yezu yaremeye n’umutima ukunze arapfa urupfu rw’agashinyaguro yagirizwa ku kadenderezo ngo ni inkozi y’ikibi n’umurogosi. Gutyo, Umwana w’Imana yarerekanye ko ari agaheta, kubera yuko mu biremwa vyose vya Yehova, ari we yagaragaje ukwicisha bugufi kutagira agahaze kandi ku rugero ruhebuje.
-
-
“Ndicisha bugufi”“Ingo unkurikire”
-
-
22 Nta gukeka ko Petero atigeze yibagira rya joro Yezu yamwoza ibirenge, akabigira Petero ariko aramwankira! (Yohani 13:6-10) Petero yandikiye abakirisu ati: «Mwese mwambare ukwicisha bugufi mu kuntu mufata abandi.» (1 Petero 5:5) Iryo jambo ngo «mwambare» ritanga iciyumviro c’umusuku yambara agahuzu kameze nk’itaburiya kugira akore igikorwa gikengeretse. Iryo jambo ryoshobora guca ritwibutsa igihe Yezu yakenyera igitambara agaca apfukama kugira yoze ibirenge intumwa ziwe. None nimba dukurikira Yezu, hari igikorwa Imana yadushinze twobona ko turengeye? Ukwicisha bugufi kwo mu mutima wacu gukwiye kwigaragaza kuri bose, nk’aho twoba tugukenyeye.
-