Menyekanisha Ukuri Kwerekeye Yezu
1 Abakirisu basizwe, babifashijwemwo na bagenzi babo bagize izindi ntama, “bafise i[gikorwa co gu]shingira Yesu intahe.” (Ivyah. 12:17) Ico ni igikorwa gihambaye bashinzwe, kubera yuko ubukiriro bushoboka biciye kuri Yezu gusa.—Yoh. 17:3; Ivyak. 4:12.
2 ‘Inzira, Ukuri n’Ubuzima’: Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubu[zima]: nta wushika kuri Data ntamujanye.” (Yoh. 14:6) Biciye kuri Yezu gusa, ari we “nzira,” ni ho dushobora kwegera Imana mw’isengesho kandi tukagiranira na yo ubucuti bwemewe. (Yoh. 15:16) Yezu ni “ukuri” mu buryo bw’uko ubuhanuzi be n’ibitutu vy’ivyobaye biri mu Vyanditswe vy’Igiheburayo vyarangukiye muri we. (Yoh. 1:17; Kol. 2:16, 17) Kukaba nkako, intumbero nyamukuru y’ubuhanuzi nyakuri ni ukumurikira abantu bakabona uruhara nyamukuru afise mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. (Ivyah. 19:10) Ikindi kandi, Yezu ni ‘ubuzima.’ Kugira ngo abantu baronke umuhezagiro w’ubuzima budahera, bose bategerezwa kugaragaza ukwizera mu nkuka y’incungu yatanze.—Yoh. 3:16, 36; Heb. 2:9.
3 Ni Umutwe Akaba n’Umwami Ari ku Ngoma: Abantu bategerezwa kandi kwemera icese ububasha bwo gutegeka Yehova yahaye Umwana wiwe. Yezu yarimitswe aba Umwami w’Ubwami bw’Imana, akaba ‘ari we amahanga akwiye kwumvira.’ (Ita. 49:10) Vyongeye, Yehova yaramugenye ngo abe Umutwe w’ishengero. (Ef. 1:22, 23) Dukwiye gufasha abo twigana Bibiliya gutahura ingene Yezu arongora ishengero n’ukuntu akoresha “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” mu vy’ugutanga “ibifungurwa ku gihe kibereye.”—Mat. 24:45-47, NW.
4 Umuherezi Mukuru w’Umunyakigongwe: Kubera ko Yezu yashikiwe n’ibigeragezo akongera agacumukura igihe yari umuntu, “a[ra]shobora no gutabara abageragezwa.” (Heb. 2:17, 18) Ese ukuntu vyeza umutima ku bantu b’abanyagasembwa kumenya yuko Yezu atahura intege nke zabo kandi agatakamba ku bwabo abigiranye ubuntu! (Rom. 8:34) Twishimikije inkuka ya Yezu kandi biciye ku mirimo arangura ari Umuherezi Mukuru, turashobora kwegera Yehova “dushize ubgoba” kugira ngo “[adutabare] mu gihe gikwiye.”—Heb. 4:15, 16.
5 Ese utwigoro tugira two kumenyesha abandi ukuri kwerekeye Yezu twobavyurira umutima wo kumugamburukira no kwifatanya natwe mu kumusukurira.—Yoh. 14:15, 21.