ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/1 rup. 31-32
  • Nugume uzirikana ivyo Yehova amaze kugukorera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume uzirikana ivyo Yehova amaze kugukorera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Tuvyakira gute igihe ivyo twari twiteze bitarangutse?
  • Ivyo Yehova amaze gukora
  • Ivyo Yezu yakoze mu misi 40 ya nyuma yamaze kw’isi bitwigisha iki?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Yezu ni muzima!
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • “Nimugende muhindure abantu abigishwa”
    “Ingo unkurikire”
  • Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/1 rup. 31-32

Nugume uzirikana ivyo Yehova amaze kugukorera

INYUMA gato y’aho Yezu azukiye, babiri mu bigishwa biwe bariko baraja i Emawusi bavuye i Yeruzalemu. Inkuru yiganwa mu Njili ya Luka ivuga iti: “Igihe bariko barayaga bongera babazanya, Yezu ubwiwe aregera, atangura kujana na bo; mugabo amaso yabo abuzwa kumumenya.” Yezu yaciye ababwira ati: “‘Ivyo bintu mugenda muraharirako hagati yanyu ni ibiki?’ Baca barahagarara bijiriwe mu maso.” Ni kubera iki none bari bijiriwe? Abo bigishwa biyumvira yuko ico gihe ari ho Yezu yobohoye Isirayeli ikareka kuganzwa n’Abanyamahanga, mugabo ukwo kubohorwa ntikwari kwabaye. Ahubwo riho, Yezu yari yishwe. Ico ni co catuma bijirirwa.​—Luka 24:15-21; Ivyak. 1:6.

Yezu yaciye atangura gufasha abo bigishwa kuzirikana. “Ahera kuri Musa no ku Bahanuzi bose, abasobanurira ibintu bijanye na we ubwiwe mu Vyanditswe vyose.” Nkako, mu gihe c’ubusuku bwa Yezu, hari harabaye ibintu bihambaye kandi bikomeza ukwizera! Igihe abo bigishwa bumviriza ivyo Yezu abasobanuriye, ukuntu biyumva kwarahindutse, barareka kwijirirwa maze baranezerwa. Mu nyuma kuri uwo mugoroba, bavuze bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko avugana natwe ku nzira, igihe yariko adusigurira Ivyanditswe?” (Luka 24:27, 32) Ni igiki twokwigira ku kuntu abo bigishwa ba Yezu bavyifashemwo?

Tuvyakira gute igihe ivyo twari twiteze bitarangutse?

Abo bigishwa babiri bariko baraja i Emawusi barijiriwe kubera yuko ivyo bari biteze bitari vyashitse. Bashikiwe n’ibivugwa mu Migani 13:12, ahagira hati: “Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima.” Muri ubwo buryo nyene, bamwebamwe muri twebwe, bakaba bamaze imyaka mirongo bakorera Yehova ari abizigirwa, bariyumviriye yuko “amakuba akomeye” yari kuba yaramaze gushika. (Mat. 24:21; Ivyah. 7:14) Birumvikana yuko ikintu umuntu aba yiteze mugabo ntikiranguke coshobora gutuma amara igihe kinaka yijiriwe.

Ariko rero, uribuka yuko abo bigishwa babiri basubiye kugira umunezero aho Yezu amariye kubafasha kuzirikana ku buhanuzi bwari bumaze kuranguka, bumwebumwe muri bwo bukaba mbere bwari bwararangutse mu gihe cabo. Muri ubwo buryo nyene, turashobora kuguma dufise umunezero tukongera tugatsinda inyiyumvo zo kuvunika umutima. Umukurambere mukirisu umwe azi utuntu n’utundi yitwa Michael yavuze ati: “Ntugume wiyumvira ivyo Yehova atarakora. Ahubwo nyabuna, nugume uzirikana ivyo amaze gukora.” Mbega impanuro nziza!

Ivyo Yehova amaze gukora

Rimbura bimwebimwe mu bintu bihambaye Yehova amaze kurangura. Yezu yavuze ati: “Uwunyizera, uyo na we azokora ibikorwa nkora; kandi azokora ibikorwa biruta ibi.” (Yoh. 14:12) Muri iki gihe, abasavyi b’Imana bariko bararangura ibikorwa biruta ivyo abandi bakirisu bigeze gukora. Abantu barenga imiliyoni indwi bariteganye umushasharo kurokoka ya makuba akomeye. Iyumvire ntuze ico kintu! Nta kindi gihe abasavyi ba Yehova b’abizigirwa benshi gutyo bigeze gukorana umwete mu bihugu vyinshi cane vyo hirya no hino kw’isi nko muri iki gihe! Yehova yarashikije amajambo y’ubuhanuzi Yezu yavuze ku bijanye n’“ibikorwa biruta [ivyo yakoze].”

Ni ikindi kintu ikihe Yehova amaze kudukorera? Yaratumye bishoboka ko abantu b’umutima nziraburyarya bava muri iyi si mbi, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, bakinjira mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu yashizeho. (2 Kor. 12:1-4) Nufate akanya uzirikane ku bintu bimwebimwe twifitiye bigize iyo paradizo. Nk’akarorero, nutereze amaso ku bubiko bwawe bw’ibitabu canke ku bubiko bwo mu Ngoro y’Ubwami. Nuzingurure igitabu c’ironderero (Index des Publications Watch Tower) canke urondere muri ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library). Niwumvirize igikino ca Bibiliya cafashwe amajwi. Nuse n’uwubona mu bwenge ibintu bimwebimwe wabonye kw’ihwaniro riheruka wongere ugerageze kwibuka ivyahavugiwe. Vyongeye, nuzirikane ukuntu twifatanya mu buryo bwiza n’abavukanyi be na bashiki bacu bakirisu. Ese ukuntu Yehova yaduhaye atitangiriye itama ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu be n’umuryango w’abavukanyi urangwa urukundo! Emwe, iyo ni iparadizo yo mu buryo bw’impwemu!

Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yavuze ati: “Wewe ubwawe wakoze ibintu vyinshi, ewe Yehova Mana yanje, mbere n’ibikorwa vy’agatangaza vyawe n’ivyiyumviro udufiseko.” (Zab. 40:5) Egome, nitwazirikana ibintu vyiza igitangaza Yehova amaze kudukorera, tukongera tukazirikana ivyiyumviro biranga urukundo adufiseko, tuzorushiriza kuronka inkomezi zizodufasha kwihangana tudahemuka mu murimo turangurira Data wa twese wo mw’ijuru Yehova tutiziganya.​—Mat. 24:13.

[Ifoto ku rup. 31]

Yezu yarafashije abigishwa biwe kuzirikana ivyo Yehova yari amaze kubakorera

[Amafoto ku rup. 32]

Nuse n’uwubona mu bwenge ibintu bimwebimwe wabonye kw’ihwaniro riheruka wongere ugerageze kwibuka ivyahavugiwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika