-
“Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
7. Ni igiki gituma Yezu aba uwubereye kwakira umuzingo uri mu minwe y’umwe yicaye ku ntebe y’ubwami?
7 Yezu ni we muntu atagira agasembwa yakoreye Yehova adahemuka kuruta abandi bose, mbere no mu bigeragezo biremereye cane. Yaratanze inyishu ruhasha ku gacokoro ka Shetani. (Imigani 27:11) Ni co gituma yashoboye kuvuga muri rya joro buca apfa yitanzeko inkuka, ati: “Jewe naratsinze isi.” (Yohani 16:33) Ku bw’ivyo, Yezu amaze kuzuka, Yehova yaramuhaye “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi.” Mu basavyi b’Imana bose, ni we wenyene akwije ibisabwa kugira yakire uwo muzingo, ngo amenyekanishe ubutumwa buhambaye cane buri muri wo.—Matayo 28:18.
-
-
“Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
11. Ni kubera iki kuvuga ko Yezu uwaninahajwe ari “umwagazi w’intama . . . wari warishwe” atari ukumusuzugura?
11 None kwoba ari ugutesha agaciro canke gusuzugura Yezu uwaninahajwe tuvuze ko ari “umwagazi w’intama . . . wari warishwe”? Habe namba! Mu kuguma ari intahemuka gushika ku rupfu, Yezu yaratsinze Shetani bimwe bikomeye yongera atuma Yehova Imana atahukana intsinzi ihambaye. Kugereranya Yezu muri ubwo buryo birerekana neza ko yatsinze isi ya Shetani kandi biratwibutsa urukundo rugera kure Yehova na Yezu bakunda abantu. (Yohani 3:16; 15:13; gereranya n’Abakolosayi 2:15.) Ivyo rero birerekana ko Yezu ari rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe, akaba akwije neza ibisabwa kugira azingurure uwo muzingo.—Itanguriro 3:15.
-