Ibintu bihambaye vyabaye imbere y’uko Yezu apfa, vyabereye i Yeruzalemu no hafi yaho: mw’itongo ry’i Getsemane, hamwe Yezu yasengera; ku kirimba c’Abanyekombe; kwa Kayafa; ku kirimba ca Buramatari Pilato, amaherezo i Gologota.—Mr 14:32, 53–15:1, 16, 22; Yh 18:1, 13, 24, 28.